Ng’izi inkuru nkurunkuru zivugwa mu karere kur’uyu wa 08 Rusama 2023, zatororokanijwe n’Uruganda rwa Jimbere

Umukenyuro wa Tanzaniya ni gukorana n’imigwi ikina inkino zitandukanye. Mu mpera z’ino ndwi, Reta ya Tanzaniya yasinye amasezerano n’imigwi ikina umupira w’amaguru hamwe n’uw’amaboko mu kugira ngo izofashe kumenyekanisha ico gihugu, mu bikorwa iyo migwi izoza irarangura.
Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru The Citizen, iyo migwi yasinye ayo masezerano akaba ari Seattle Sounders, Seattle Seahawks ikina umupira w’amaguru mw’ihiganwa rya Major Soccer hamwe na Portland Trailblazers ikina umupira w’amaboko mw’ihiganwa rya NBA. Ngo ivyo bizofasha gushikana intumbero ya Reta, yo kuduza igitigiri c’abamukerarugendo bagendera Tanzaniya ku mwaka, nk’uko vyasiguwe na Hassan Abbas, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ivy’abamukerarugendo.
RDC : abadandaza inzahabu mu kinywabi barafashwe
Hari kuri uyu wa 05/05/2023, aho igisirikare ca Reta iharanira demokarasi ya Congo (RDC) cerekana abantu 25 bagirizwa gucukura no kugurisha inzahabu mu kinywabi. Muri bo hakaba hari abasanzwe bari mu nzego za Reta mu ntara ya Kivu y’amaj’epfo.
Ico gisirikare kivuga ko kuva aho catanguye gufata abo bantu kw’igenekerezo rya 01/05/2023, kimaze gufata kandi ububiko ntamenwa 7 (coffre forts) ku murwa mukuru Kinshasa. Hari kandi n’imashini nyabwonko 15, amaterefone, ndetse n’ibiro bigera 26.120 vy’inzahabu hamwe n’amafaranga.
Sylvain Ekenge avugira igisirikare ca RDC, ngo ifatwa ry’abo basuma ni ubutumwa ku bantu bose bakora ibikorwa nk’ivyo, kugira ngo bikebuke na yo ngo bitagenze uko, vuba bazofatwa bashikanwe imbere y’ubutungane nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Actualités CD. Mwomenya ko amafaranga aharurwa mu muriyaridi w’amadorari ya Amerika ariyo Reta iharanira demokarasi ya Congo ihomba ku mwaka bivuye ku bantu bamwe bacukura ndetse bakanadandaza inzahabu mu kinywabi.
Imyuzurira mu Rwanda yahitanye abantu 130
Mu ntara z’uburengerazuba n’amajaruguru y’Urwanda, ijoro ryo ku wa 03 rishira 04/05/2023, ntiryoroheye na gato abahaba. Kubw’imvura nyinshi yahaguye, vyatumye abantu 130 bahasiga ubuzima, inzu zigera ku 5.100 zirasenyuka, ndetse n’amabarabara 17 arononekara mu gihe abantu 5 baburiwe irengero hambavu y’abandi benshi bakomeretse, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Igihe.
Ivyo biri uko mu gihe muri aya mezi ane aheze, abantu 158 bakomeretse, amashuri 44 arasenyuka, amabarabara 12 arasenyuka mu burere butandukanye bwo mu gihugu c’Urwanda bivuye ku myuzurira. Ibigo bijejwe kuraba ibijanye n’ibirere vyerekana ko imvura izorwa mu Rwanda itari nke uno mwaka. Hagati yaho, amafaranga agera ku miriyaridi 200 ni yo igihugu c’Urwanda gihomba bivuye ku myuzurira buri mwaka, nk’uko bishimangirwa n’ibigo bikurikirana ubutunzi muri ico gihugu.
Uganda : abigisha bo muri za kaminuza bashobora kuja muri yegeregere
Mw’ikete bandikiye ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo abakozi ba Reta, abo bigisha bavuga ko bihaye ikiringo c’amezi 3 kugira ngo ivyo bemerewe bishirwe mu ngiro, atari uko bakazoca baba barahagaritse akazi ivyo bemerewe akaba ari kuduzwa agashahara kabo ku bice bigera 100%, hari mu mwaka w’i 2015 nk’uko Umukuru w’Igihugu yari yabisavye.
Mu gihe Reta yari yemeye ko ishirwa mu ngiro ry’ico cipfuzo c’Umukuru w’Igihugu ryorangurwa mu kiringo c’imyaka 5 kuva mu 2015, kugeza ubu abamaze kuronswa uyo mushahara uko bikwiye akaba ari abigisha bari ku rugero rwa « professeurs associés » gusa, nayo abandi bakaba bararindiriye amaso ahera mu nzira.
Ikinyamakuru The East African candika ko mu gihe iyo yegeregere yoba vyohungabanya cane ibikorwa vy’amashure ya kaminuza bitangura mu kwezi kwa Myandagaro kuza.




