Jimbere

ikirundi French English
INYUBAKO

Kamenge: ibibanza vyababa 2000 mw’isoko ya Venerand, ukwiyandikisha biba ku mugaragaro…

Isoko KBC ya Vénérand yo mu Kamenge

Abadandaza bakiranye igishika cinshi iyugururwa ryo kwandika abadandaza bashaka ibibanza mw’isoko ya Venerand yo mu Kamenge mu gisagara ca Bujumbura, na canecane ko ibibanza bigiye gutangwa ku mugaragaro. Abiyandikisha bafise amakenga nimba bazoronka ibibanza bivanye nuko biyandikisha ku bwinshi mu gihe hari ibibanza vyababa 2.000 gusa.

Ico gikorwa co kwandika abashaka ibibanza muri iyo soko catanguye kuri uyu wa 14 kikazorangira ku wa 25 Rusama. Kiriko kirangurwa n’ikigo c’abadandaza KBC (Kamenge Business Center) kuri iyo soko nyene iri kw’ibarabara rya 6 mu Kamenge mu gisagara ca Bujumbura. Kwiyandikisha ni kuva isaha 2 z’agatondo (8h) gushika isaha 11 z’umugoroba (17h) mu minsi y’imirimo, no kuva isaha 5 z’agatondo (11h) gushika isaha 10 z’umugoroba (16h) ku minsi y’umwaramo (weekend).

Kugira ngo ushobore kwandikwa nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’iyo banki, usabwa ikopi y’ikarata karangamuntu, ikopi y’ikarata ndangamudandaza (NIF), igitabu ndangamudandaza, n’amafaranga 50.000Fbu, ariko nta wurekuriwe kurenza ibibanza 2.

Aho ikinyamakuru Jimbere cashika aho iryo yandikwa ririko rirabera, cahasanze imirongo minini y’abadandaza, bariko biyandikisha, bafise n’ibisabwa. Hambavu y’abo, hari n’abandi benegihugu benshi baza bavuga ko batari basanzwe ari abadandaza, ariko ko bashaka ibibanza muri iyo soko kugira ngo nabo batangure urudandazwa. Naho basaba ko bohabwa ibibanza maze bakaja kurondera ibisabwa mu nyuma, ntibatinze bemererwa kuko ngo nta kuntu boronka ibibanza n’abafise ibisabwa bose batarashikirwa.

Abadandaza barashima ariko impungenge ntizihera

Umurongo w’abadandaza bariko bariyandikisha kugira ngo baronke ibibanza mw’isoko KBC ya Venerand yo mu Kamenge

Abadandaza bari baje kwiyandikisha, bashimye ko ivyo bibanza bigiye gutangwa ku mugaragaro, ariko bavyuye amakenga atandukanye. Bamwe bavuga bati: « Bagize neza gutangira ibi bibanza ku mugaragaro ariko ntibabe bariko baraduhuma amaso ngo twiyandikishe maze tuzosange ibibanza vyaratanzwe kera narirya tubona ko hari ibibanza bimwebimwe biriko birakorerwamwo.« 

Abandi bati: « Dufise impungenge ko hari abariko bafatira ibibanza abadahari, n’abadafise vya ngombwa, hama twebwe twahishikiye twisange twabuze. » Hari n’abafise amakenga ko bazohava basanga bahawe ibibanza vya kure nko mu nyubakwa zo hejuru maze abakiriya ntibabashikire, bazokwisange badandaza batunguka, canke abibaza ko batazoshikirwa amafaranga yabo 50.000Fbu bakayahomberamwo.

Ikigo KBC kirabahumuriza

Mu kiganiro ico kigo cahaye ikinyamakuru Jimbere cishura kuri ayo makenga, igisata kijejwe kumenyesha amakuru muri KBC kimenyesha ko hari ibibanza vyababa 2.000. Kivuga kandi ko batanze ikiringo kinini co kwiyandikisha kugira ngo bahe akaryo abadafise vya ngombwa ko kuba babironse. Ariko kandi, kubera ko abiyandikisha ari benshi, hari amahirwe menshi yo kubona ko ibibanza biheze bagahagarika kwandika ikiringo batanze kitarahera: « Ivyo bitigiri nivyakwira tuzoca duhagarika kwandika naho ikiringo co kwiyandikisha coba kitarahera. »

Naho abazoba batanze amadosiye bose bafise amahirwe yo kuronka ibibanza muri iryo soko, abatanze amadosiye arimwo utunenge ntibazoronswa ibibanza nk’uko mu gisata co kumenyeshamakuru muri ico kigo babandanije babivuga: « Tuzosuzuma ama dosiye y’abazoba biyandikishije bose. Uwo tuzosanga irimwo utunenge tuzomuhamagara aze kubisigura. Ariko abazoba batanze dosiye zemewe n’amategeko bose bazoronka ibibanza. » Ariko kandi ngo bisaba ko wishikira kwiyandikisha kuko abatumwe batakirwa.

Kirazira gufatira uwundi ikabanza…

Mu kugabisha abariko bafatira ibibanza abadahari canke abariko bafata ibibanza 2 kugira ngo kimwe bazoce bakigurisha, muri ico gisata bagira bati: « Uwo tuzosanga ariko adandariza mu kibanza kitamwanditse tuzoca tumwirukana, kiretse uwuzotwereka urupapuro rwerekana ko yubakanye n’uwafashe ico kibanza. »

Mu kigo KBC bavuga ko ata bibanza na bimwe birigera bitangwa, kiretse amabanki yonyene amaze guhabwa ibibanza mu ntumbero yo kwegereza abadandaza ububiko bw’amafaranga yabo. Bongeye bavuga ko buri bwoko bw’ibidandazwa bizoshirwa mu kibanza kimwe, maze ivyo bikazotuma ata mudandaza yisanga mu kibanza abakiriya badashikamwo.

Mwomenya ko bamaze gutangaza abahawe ibibanza, bazoca bamenyeshwa igihe co kwugururirako iyo soko.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top