Ikiza c’ingwara itaramenyekana imaze guhitana abantu 30 muri RDC, muri Kenya abaganga bashika 5 barapfuye biyahuye mu mezi abiri aheze. Mu gihugu ca Uganda abaganga bavuga ko abantu batokwizera agakingirizo mu kwikingira akarya ka nkende, ubona ko abarenga 800 bamaze gufatwa n’iyo ngwara, 4 muri bo bamaze gupfa. Abashingamateka 16 b’igihugu ca Tanzaniya barakomerekeye mw’isanganya ryabaye bariko baja muri Kenya.
Umushikiranganji Samuel Roger Kamba ajejwe amagara y’abantu mu gihugu ca Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo (RDC) ashikiriza ko ico kiza gishasha gisusa n’umugera ukomeye w’igicurane. Avuga ko ibimenyetso vy’ico kiza ari ubushuhe, inkorora, kuva amaraso mu mazuru, guta ubwenge bikabije, kumeneka umutwe, umugwayi ahema nabi canke ahema bigoranye. Abana batarakwiza imyaka 5 barakarirwa n’ico kiza.
Nk’uko ikinyamakuru Actualité CD kivyandika, abantu 30 barapfuye bahitanywe n’iyo ngwara itaramenyekana, ibindi biziga 44 biriko birasuzumwa kugira harabwe ko bahitanywe n’ico kiza. Ibipimo vy’amaraso biriko bibera i Kinshasa ku mugwa mukuru wa RDC, aho bivugwa ko mu minsi mikeyi ivyavuye mu bipimo bishobora kuboneka.
Muri Kenya abaganga bashika 5 barapfuye biyahuye mu mezi abiri aheze
Ivyo n’ibishikirizwa n’ishirahamwe KMPDU ry’abaganga muri Kenya bakorera mu bisata bitandukanye vyo kuvura. Nk’uko bisigurwa na Davji Atellah, umunyamabanga mukuru w’iryo Huriro, ngo abaganga bamwebamwe barababajwe cane n’uguteba kuronka agashahara kabo aho gashobora kumara amezi 5 kataraboneka. Abandi bababajwe n’ugukora amasaha menshi ugasanga ayo barengejeko ntibayahemberwa. Abandi nabo batuntuzwa n’ihonyangwa ry’amatego abagenga. Agira ati: “Twaratakaje abaganga bashika 5 biyahuye mu mezi abiri aheze kubera uburuhe bw’akazi n’ukutitaho ubuzima bwabo. » Ivyo bikaba vyanditswe ku kinyamakuru the Standard.
Nk’uko ico kinyamakuru kibandanya kivyandika, abarongoye amahuriro(syndicat) y’abaganga muri Kenya bidogera bikomeye Reta ku mpfu z’abo baganga. Basigura ko mu gihe ukubaho neza kw’abaganga kutitaweho, intunganyo mpuzamakungu y’uko abaganga bakora iba ihonyanzwe. Bagira bati: « Nk’amahuriro y’abaganga, ni akamaramaza ukuntu Reta ifata bukoko abaganga bayikorera. »
Uganda: agakingirizo ntiwokizera mu gukinga akaryama ka nkende
Mu gihugu ca Uganda abantu barenga 800 baramaze gufatwa n’ingwara ya Mpox nayo 4 muri bo baramaze gushengera. Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Uganda muganga Jane Ruth Aceng avuga ko ata kugira ubwoba kuko ngo inguvu zashizwe mu kurwanya ingwara ya Mpox zagwijwe na kabiri mu ntumbero yo kuyituza.
Uwo mutegetsi kandi yaragabishije abanyagihugu bakoresha udukingirizo mu kwingira akaryama ka nkende; abamenyesha ko ako gakoresho kadakingira vyuzuye kwandura umugera w’akaryama ka nkende. Agira ati: “Ntimwihende, udukingirizo ntidukinga umugera w’akaryama ka nkende. Nivyo, abaganga bapfupfahaza umugera wa SIDA na jewe ndimwo, tubatumirira kwambara agakingirizo, ariko mu gihe ari ingwara y’akaryama ka nkende, ntimuhube muyijane mu mihana iwanyu. »
Ibigo vya Amerika bijejwe gusuzuma n’ugukinga ingwara bishikiriza ko udukingirizo dufise urugero tugezako mu gukinga ingwara y’akaryama ka nkende: »Udukingirizo ntitubuza umuntu kwandura uyo mugera kubera ko umubiri urahemera no mu bindi bihimba vyawo, nk’uko ikinyamakuru Monitor kivyandika. Mwomenya ko mu Buganda, muri Mukakaro 2024 ariho hamenyekanye ubwa mbere ko hari ikiza c’akaryama ka nkende.
Abashingamateka 16 b’igihugu ca Tanzaniya barakomerekeye mw’isanganya ryabaye bariko baja muri Kenya
Abashingamateka bashika 16 n’abandi 3 bari mu bakozi baRetab’igihugu ca Tanzaniya barakomeretse bivuye kw’isanganya ry’imodoka ryabaye bariko bagana mu gihugu ca Kenya. Kuri uno wa 6 Kigarama 2024, igihe c’isaha 2 zo mu gitondo, mw’ibarabara rikuru riva mu ntara ya Dodoma rija mu ntara ya Morogoro, niho ibisi y’ishirahamwe Shabiby yari ireruye abashingamateka n’abandi bakozi ba Reta yagomba kurengana ibeni yaritwaye amabuye. Iyo bisi yahavuye yiseka kuri nya beni kubera kugomba kuyirengana itubahirije imirongo yo mw’ibarabara, nk’uko tubisoma ku kinyamakuru Mwananchi.
Abo bashingamateka bari mu rugendo bitabiriye inkino zihuza abashingamateka bo mu muryango w’ibihugu vya Afurika y’ubuseruko. Ikinyamakuru Mwananchi candika ko abashika 19 aribo bakomerekeye muri iryo sanganya kandi umudereva w’imodoka yaciye afatwa n’igiporisi kubera ariwe yatumye haba isanganya mu kutubahiriza amategeko agenga ibarabara.
Iki gisomwa canditswe na Muhozi Carmel, mu gikorwa co kwimenyereza mu mwuga wo kumenyesha amakuru mu kinyamakuru Magazine Jimbere.




