Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

Amakuru yaranze akarere ka Afurika y’ubuseruko mu ndwi yo kuva itariki 5 gushika itariki 11 Myandagaro 2024

DR

Abanonotsi batatu ba RDCongo muri batandatu bari bitabiriye amahiganwa ya Jeux Olympiques 2024 baraburiwe irengero, mu Rwanda, Paul Kagame yararahiriye gutwara manda ya kane, mu Buganda abantu bashika 19 baritavye Imana bahitanywe n’umusozi ugizwe n’iyarara wabomotse na yo muri Tanzaniya igiciro c’ibitoro caradugijwe muri uku kwezi kwa Myandagaro. Ido n’ido.

Abo banonotsi harimwo uwitwa Aristote Impelenga yahiganwa mu kwoga, Daso Kisoka ahiganwa mu mukino wa Judo Hamwe na Dominique Lasconi ahiganwa mu kwiruka baburiwe irengero ku wa 11 Myandagaro 2024,ku munsi wo gusozera izo nkino zigira 33 za Jeux olympiques.

Nk’uko tubisoma kuri Actualité.cd, mu banonotsi batandatu baserukiye ico gihugu mu nkino zine arizo Judo, kwiruka, kwoga na boxe nta n’umwe yatahanye umudari n’umwe. Uwakoze neza kurusha abandi akaba ari Dominique Lesconi yaviriyemwo mu gice ca mbere mu biruka mu metero 100 mu bagabo aho yahejeje mu kibanza c’indwi mu gihe mu gusiganwa yitegurira kwiruka yari yabaye uwa gatatu yiruka iminota 10 n’amasegonda n’amasegonda 54.

Aristote Ndombe yari yatahanye ikibanza c’indwi mu basiganwa mu kwoga mu murwi w’abagabo akaba yavuyemwo mu ba mbere. Nayo Danso Kisoka we avamwo yanse gukina n’umunya Israel yitwa Yam Wolczak.

Abanonotsi batatu basigaye akaba ari Marcelat Sakobi akina umukino wa boxe, Brigitte Mbabi hamwe na Divine Miansandi.

Mu Rwanda, Paul Kagame yararahiriye gutwara manda ya kane

Mu Rwanda, Paul Kagame yararahiriye gutwara manda ya kane, ku wa 11 Myandagaro 2024.Abakuru b’ibihugu barenga cumi bo muri Afurika n’abandi bubahwa batandukanye ni bo bari bitabiriye ivyo birori vyatunganijwe mu kibuga c’inkino gifise ibibanza birenga 45.000 kiri i Kigali.

Yari yatsinze amatora itariki 15 Mukakaro 2024 ku majwi 99.18% nk’uko vyamenyeshejwe n’umurwi ujejwe gutegura amatora mur’ico gihugu.

Ni inyuma y’aho mu mwaka wa 2017 asubiriye kwitoza kuri manda ya gatatu harinze gusubirwamwo ibwirizwa shingiro iryo na ryo rikamurekurira kuzotwara gushika 2030, nk’uko tubikesha ikinyamakuru Jeuneafrique.

Uganda: Abantu bashika 19 baritavye Imana bahitanywe n’umusozi ugizwe n’iyarara wabomotse

Ivyo vyashitse ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 10 Myandagaro 2024 biturutse ku mvura nyinshi yaguye muri iyo minsi. Abantu bavuga ko batanguye kwumva urwamo imbere y’uko uwo musozi ubomoka.

Abantu boba bashika nka 10, amazu n’ibitungwa vyaratwawe bivuye kuri iryo bomoka ryatewe n’imvura nyinshi.

Patrick Onyango avugira igiporisi i Kampala amenyesha ko abantu bagera kuri 14 bamaze kurokorwa ko babandanya kurondera kuri uwo musozi uri ahantu hangana ihegitari 14.

Ibimenyeshamakuru vyo muri ako karere bivuga ko inyuma y’ico kiza abantu 1000 bamaze kwimurwa vyihuta bakurwa muri ako gace, nk’uko tubikesha RFI.

Tanzaniya: Igiciro c’ibitoro caradugijwe…

Abagendesha imiduga bazoriha amashiringi 3.231. Aho ni mu gihe mu buce nka Kyerwa na Kagera ibiciro bizoba biri hejuru aho iritiro ry’igitoro rizogurwa ku mafaranga 3469 y’amashiringi.

Ivyo bishikirizwa n’ikigo kiraba ivy’ubutaka n’amazi kikamenyesha ko ivyo biciro vyaduze ku rugero rungana n’ibice 3.58% ku gitoro co mu bwoko bwa petrol hamwe n’ibice 4.35% ku gitoro co mu bwoko bwa mazout. Nubwo biri uko igitoro c’indege Kerosene caragabanutse cane ku bice 7.45%.

Iryo duzwa ry’ibiciro nk’uko tubikesha ikinyamakuru the citizen.co.tz ryavuye ahanini ku mvo zitandukanye harimwo nk’iduzwa ry’ibiciro vyo kuzana ico gitoro, uburusho bijanye,igiciro co kugikura mu mwato, n’igiciro co kuvunja amafaranga.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top