Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Amakuru yaranze akarere ka Afurika y’ubuseruko kuva ku wa 18 gushika ku wa 24 Munyonyo 2024

Mu makuru yaraze iyinga iheze, haravugwa abanyeshure 15 barahagaritswe n’igiporisi kubera gutera akajagari no guturira inzu y’umwe mu barezi muri Tanzaniya, ibiciro vyo gupanga amazu biguma biduga mu Rwanda, amashiringi yo muri Kenya atera aduga ufatiye ku rugezo ariko aravunjwako ku madorari ya Amerika, mu Buganda na ho, abigeme 10 baraheba ishuri buri gice bivuye ku ngorane zifatiye kw’isuku ryo mu butinyanka…

Muri Tanzaniya kw’ishuri ryitwa Sanya Day mu karere ka Siha. Nk’uko tubisoma ku kinyamakuru Mwananchi abanyeshuri 15 barahagaritswe n’igiporisi kubera gutera akajagari no guturira inzu y’umwe mu barezi. Vyose vyavuye kuri umwe mu banyeshuri yabonywe n’abanyezamu ariko akoresha terefone muri ico kigo. Ivyo navyo bikaba bibujijwe n’amategeko y’ishuri. Abanyezamu baciye barega ku murezi wa munyeshuri. Ivyo rero ngo bikaba bitanezereje na gato uwo munyeshure kumwe na bagenzi we.

Inyuma yo kubona umurezi ariko arabagiriza yongera abasaba gutanga terefone, niho batangura gutera amabuye kuri ba banyezamu, akajagari kaba kenshi. Ibintu ntivyahereye aho. Abanyeshuri bahengereye mw’ijoro, bariyegeranya, bumvikana kuja guturira inzu ya wa murezi yabagiriza. Imana yarakinze kuko umuriro wazimijwe hamaze gusha uruhande rutoyi rw’umuryângo. »

Akarere ka Siha kari mu ntara ya Kilimandjaro. Umukuru w’ako karere aremeza ko abo banyeshuri bafashwe kuwa 20 Munyonyo 2024 bagirizwa ivyo bakoze ku wa 17 munyonyo 2024.

Umuyobozi w’akarere ka Siha ahanura abanyeshuri kwitwararika ikiba cabajanye kw’ishuri. Asigura ko abavyeyi ndetse na Reta bashira amahera menshi mu vyerekeye ukwiga kw’abana. Gutyo abana bagasabwa kudasamara. « Mu gihe rero bitagenze ukwo, umwana ntaco aheza yimarire, nta n’ico amarira abavyeyi mbere n’igihugu ».

Rwanda: mbega ni nde azohagarika ibiciro vyo gupanga amazu biguma biduga? »

Ico ni ikibazo kandi ni n’imyidogo ya bamwe mu baba i Kigali, umugwa mukuru w’u Rwanda bariko barabona ukuntu amazu aduga ku murindi munini ata wubihagarika. Ababa mu mazu bariha ku kwezi, bavuga ko amahera batanga ata na hamwe ahuriye n’ukuntu inzu ziba zubatse canke uko ziba zingana.

Umweneihugu umwe mu baba i Gisozi avuga ko usanga inzu y’icumba kimwe n’agasimbaryango (salon) irihwa 50.000Frw. « Igitangaje ugaca usanga ubwiherero nta buhari eka mbere ugasanga nta naho kwanikira impuzu hariho.”

Eke hari n’umwe mu basore baba i Gatenga avuga ko inzu y’icumba kimwe ayiriha 25.000Frw. Abandanya avuga ko inzu abamwo iriko irasaza. Mu gihe asavye nyeneyo kuyisanura aca akankamirwa asabwa kuyivamwo ngo aje gupanga ahandi. Yibaza nimba hoba hari amategeko akingira abapangayi canke atabaho.

Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Igihe, ngo ba nyene amazu basigura ko kuduga kw’amazu biva kw’izimba vy’ibikoresho vyo kwubaka. Ku bw’abo bene amazu, ikindi catumye ibintu biduga ng ni ikiza ca korona virus.  Ico kinyamakuru kibandanya kivuga ko apabanga amazu bidoga ko n’abaranzi (commissionaires) nabo batuma amazu azimba. Ko abaranzi aribo baca bidugiriza igiciro kugira baronke ayo bikurirako.

Abanyagihugu basaba ko Reta yohagurukira ico kibazo igashiraho amategeko agenga gupanga no gupangisha amazu ku buryo ata wuhonyora uwundi ku gakanu.

Kenya: amashiringi yo muri Kenya atera aduga ufatiye ku rugezo ariko aravunjwako ku madorari ya Amerika

Ivyo vyandikwa n’ikinyamakuru Kenyans.co.ke aho gishikiiriza ko ku wa 19 Munyonyo 2024, idorari rimwe ryavunjwa 128,75Ksh ariko ko bwakeye kuwa 20 Munyonyo 2024 rivunjwa 128,70Ksh; ni igihushane ca 0,05Ksh.

Ico kinyamakuru gisigura ko ivyo biva ku madorari yinjira mu gihugu arungitswe n’abanyakenya baba mu makungu. Ibiharuro vyerekana ko muri Gitugutu 2024, abanyakenya baba mu makungu barungitse mu gihugu amashiringi imiriyaridi 56,7. Ni ukuvuga imiriyoni 437,2 z’amadorari y’abanyamerika.

Bitandukanye no mu mwaka wa 2023, aho hinjiye amashiringi imiriyaridi 46, ni ukuvuga imiriyoni 355,6 z’amadorari y’abanyamerika. Ivyo bikerekana ko hari iyongerekana ry’ibice 22,9% uyu mwaka mu ugereranije n’umwaka wa 2023.

Mwomenya ko ibice bishika 53,7% vy’amadorari yinjira muri Kenya ava muri Amerika nk’uko vyavuzwe na Banki nkuru yo muri Kenya ku wa 15 Munyonyo 2024.

Uganda: abigeme 10 baraheba ishure buri gice bivuye ku ngorane zifatiye kw’isuku ryo mu butinyanka

Ivyo ni ibivugwa n’abategetsi bo mu karere ka Kayunga. Ni intara iherereye mu buseruko bushira ubumanuko bwa Uganda. Hari ku munsi mpuzamakungu wahariwe utuzu twa surwumwe.

Mu ntumbero yo gutora umuti izo ngorane abigeme bagira, abayobozi b’iyo ntara bahisemwo kwubaka inyubakwa z’ukwihinduriramwo impuzu, ubwogero, ubwiherero, amabombo atanga amazi meza, aho guturirira imicafu yavuye mu vy’ubutinyanka ku mashuri bigako.

Mu buyobozi bukuru bw’ibidukikije mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Uganda, bavuga ko kuba ahasukuye ari agateka ka buri muntu. Ariko ngo haracari amamirioni y’abantu badafise utuzu twa surwumwe. Bagira bati: “Igihugu kiratakaza imiriyaridi 5 z’amashiringi y’Ubuganda buri mwaka bivuye ku ngaruka zo kudakora neza isuku.”

Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Daily Monitor, Ubuyobozi bukuru bw’ibidukikije mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bumenyesha ko mw’isuzuma ryakozwe mu mwaka wa 2024, ibice 43% vy’abantu aribo bafise utuzu twa surwumwe tugezweho. Nayo ibice 50%, utuzu twa surwumwe ntidukwije ivya ngombwa. Abashika ibice 7% nta tuzu twa surwumwe bafise.  Ivyo biri uko mu gihe ingo zishika 28% zisangira ubwiherero.

Iki gisomwa canditswe na Muhozi Carmel, mu gihe ariko arimenyereza umwuga wo kumenyesha amakuru mu kinyamakuru Jimbere.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top