Jimbere

ikirundi French English
IKIRUNDI

« Hakuvuga Miss, tuzohore dukoresha ijambo Murimbane »

Ikiyago ca kane kur’uwu wa 8 Myandagaro 2024 ca rya sekeza ngarukamwaka Curijambo, cari gihariwe amajambo akoreshwa mu bisata vy’ibikorwa mvabwenge (arts) n’ic’inkino (sport). Abatumire yari Prosper Bahaga, umuhinyanyuzi akaba n’umuririmvyi, Theodore Ntunga, umumenyeshamakuru w’inkino na Ferdinand Mberamihigo, umuhinga w’indimi yigisha muri Kaminuza y’Uburundi.

Ico kiganiro casa n’ikigaruka ku mpungenge bamwe n’abandi bafise ku burame bw’amajambo acurigwa mw’isekeza Curijambo. Kukaba nkako, mu bari bitabiriye iryo sango harimwo abari bahaje ubwambere, nk’umuririmvyi Prosper Bahaga. Yagiriyeko ashikiriza ko « ata shure ryo gucura amajambo kw’isi ribaho. Amajambo ava mu bantu, agashinga imizi mu mvugo kuko aguma akoreshwa. Abarundi twicaye hamwe tugacura amajambo, turashobora kwubaka ikirundi kitavanze n’izindi ndimi. »
Mu kumwunganira, umwigisha-mutohozandimi Ferdinand Mberamihigo yarasobanuye ko n’abatohozandimi batajejwe gucura amajambo, ahubwo ko bafasha gusuzuma nimba ijambo ryacuzwe riba rifise inyubako ihuye n’urwo rurimi iryo jambo ryacuzwemwo.

Inyuma yo gushima uwu mugambi wa Curijambo, Joseph Mukubano, umwigisha w’igifaransa muri Kaminuza y’Uburundi akaba n’umukunzi w’Ikirundi, yasavye buri murundi kurondera uturyo twose dushoboka two gukoresha aya majambo acurwa kugira ngo ntaherere mu gucura, ahubwo aryohore ururimi kavukire rw’ikirundi.
Mu kumwunganira, Théodore Ntunga yateye akamo abamenyeshamakuru bagenzi we ko kwama bihatira gukoresha aya majambo mu gufasha kuryohora Ikirundi: « Nitwimenyereza kwama dukoresha aya majambo ku nsamirizi, ku mboneshakure no mu binyamakuru, abarundi bazoyamenyera hama twisange twamaze kuyakunda no kuyiyumvamwo. »

Abatumire (uvuye i buryo) yari Théodore Ntunga, umumenyeshamakuru w’inkino, Prosper Bahaga, umuhinyanyuzi akaba n’umuririmvyi, hamwe na Ferdinand Mberamihigo, umuhinga w’indimi yigisha muri Kaminuza y’Uburundi.

Muri ico kiyago cama kimara amasaha abiri, amajambo umunani niyo yacuzwe ayandi arashirwa ahabona:

Artiste: Umurīmbānyi | Miss: Umurimbāne | Art: Uburīmbānyi (kurīmbānya) | (Maison d’) édition: Indamurabitabu | Roman: Ingánamúgani | Corner (Kick): Umuvâmfúruka (umupira) | Carton rouge: Ruhashamakoshá (ikarata itukura) | Penalty: Ikinyânkŭmbi | Système (de jeu): Umunoni (w’urukino)

Hambavu y’ayo majambo yacuzwe, abakunzi b’ikirundi bahavuye bemeje guha agaciro no kwijukira gukoresha amajambo amwamwe yo muri ivyo bisata asanzwe ahari mugabo abantu bakirengagiza kuyakoresha, bagahitamwo kuguma bakoresha igifaransa. Ayo nayo ni:

Attaquant (football): umusatirizi (si rutahizamu, kuko ico ni ikinyarwanda) | Gardien de but: umusamyi (si umunyezamu) | Surface de réparation: Mukorumbone | (Abakora) backing (mu kuririmba): Ba nyungāniriza | Verset: Igitero | Refrain (Chorus): Icitabirizo

Abakunzi b’ikirŭndi ntibagarukirije aho kuko hariho n’imvugo z’ikirundi abantu bakunda gukoresha ukutari kwo bibukije abazikoresha ingene zikwiye gukoresha bisunze inyubako n’insiguro y’Ikirundi.

  • Ntibavuga ngo « Mva mu Gihogazi« , bavuga « Nkomoka mu Gihogazi » kuko hava ikintu camenetse
  • Ntibavuga « impano« , ahubwo ni « ingabire » kuko « impano » ni ikinyarwanda
  • Ntibavuga « ingorane duhura na zo« , ahubwo ni « ingorane tugira » kuko ingorane na zo vyose bisigura ingorane

Muri ico kiyago, umutohozandimi Mberamihigo, yarasiguriye abantu ko batahura nabi irivuga « kwenda », ndetse bakanariha insobanuro itariyo, rigatakaza insobanuro y’aryo y’akame. Yavuze ati: « Mu kirundi ciza, ‘kwenda’ bisigura kwakira. Nk’akarorero, bavuze ngo ‘uwu mugore yenzwe kwa naka’, baba bavuze ko arongowe canke yakiriwe mu muryango kwa naka. Canke naho bavuze ngo ‘umusore naka yenze umugore naka’, baba bashatse kuvuga ko uwo musore yarongoye canke yakiriye umugore naka. »

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top