Ivyo ni ivyashikirijwe na Me Simon Sibomana mu ndwi igira kabiri ya rya sekeza ngarukamwaka Curijambo, aho hariko haracurwa amajambo akoreshwa mu gifaransa mu butungane ariko atagira ingene avugwa mu kirundi…
Isango ryo kur’uyu wa 25 Mukakaro 2024 ryitabiriwe n’abakunzi b’ururimi rw’ikirundi, ryari rihagarikiwe n’abahinga babiri aribo Edouard Ntamatungiro, inzobere mu vy’ikirundi ari mu Rwego Nshingwakirundi, n’umushingwamanza Me Simon Sibomana.
Edouard Ntamatungiro akaba yabanje gushima uyo mugambi wo gushira ku gihe amajambo y’ikirundi, akabona ko ico gikorwa kizosahiriza mu kwerekana uruhara ururimi rw’ikirundi rufise mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu no mu benegihugu. Ati nya sekeza ryo gucura amajambo ribandanye, kugira Urwego nshingwakirundi ruzoronke amajambo rufatirako, ruyasuzume, ruyemeze rusanze akwiriye muri kazinduzi izoza.
Mu bagiye barashikiriza amajambo, haragarutse iciyumviro co gushiraho ingingo ngenderwako ivyo biganiro vya Curijambo vyoza birisunga. Nka Jeanne d’Arc Nduwayo, umwanditsi arongoye isharahamwe ry’abashigikiye ibijanye n’ukwandika, yagiz’ati « Mu bikorwa nka mwen’ibi, ni kuraba hagashirwa imbere amajambo agaruka cane mu biyago canke inyandiko za minsi yose, kuko amajambo akenewe mu kirundi ni menshi cane. »
Nayo Isaac Nzotungincimpaye, umuhinga yigenga, ati « Mu gucura amajambo, ntihagire uwutinya kwitiza ijambo rifise ibisangira n’irindi, kuko mu ndimi zose hama hari amajambo asangiye insiguro. »
Mu masaha abiri ico kiyago camaze, bashoboye gushira ahabona amajambo 5 ari yo:
- Jurisprudence: inyúnganiratégeko
- Extrait du casier judiciaire: indôndavyâha
- Extrait d’acte de naissance: indângamavûko
- Identité complète: indôndoramūntu
- Doctrine: inyígīshomfátiro
Mwomenya ko mu ndwi igira gatatu y’iryo sekeza hazocurwa amajambo akoreshwa mu gifaransa atagira ukwo avugwa mu kirundi mu gisata c’amagara y’abantu.




