
Wizeyimana Roland, umutama w’imyaka 69 agenda arazunguruka intara z’Uburundi ajisha yongera agurisha inderuzo ku bazikeneye. Inderuzo imwe ayigurisha amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi 80 na 120 bivanye n’ivyo ikozwemwo. Yishimira ko uwo mwuga amazemwo imyaka irenga 40, umutungiye umuryango.
Iyo mvukira yo muri komine Gatara intara ya Kayanza twayisanze kuri uyu 10 Ntwarante 2024 ku mutumba wa Nyakibande, zone Nyambuye komine Isare yo mu ntara ya Bujumbura. Kw’uyo mutumba, ahamaze umwaka urenga, kandi avuga ko yahagiriye ikiganza ciza kuko amaze kuhajishira « inderuzo zirenga 200. »
Ku kijanye n’icatumye acumbika muri komine Isare akahamara umwanya munini, Wizeyimana avuga ko mu ntara zose amaze kujamwo, iyo komine ariyo yabonye irimwo imitumba ihanamye cane kandi bigoye ko haboneka ama barabara ashobora gucamwo ama pikipiki canke imiduga kugira ngo yunguruze abantu iyo bakeneye kujanwa kwa muganga. Ati: “Inderuzo ni yo ikora neza kandi ata buryo bwinshi bukoreshejwe mu kwunguruza abaremvye baja kwa muganga mu karere k’imisozi ihanamye itagira amabarabara meza”.
Uyo muhinga mu kujisha inderuzo, amenyesha ko abakunda kumushorera ari amashure canecane ayafise indaro, amashengero canke umutumba uja hamwe ukagura inderuzo ikoreshwa mu kurerura umuntu iyo hagwaye canke yitavye Imana. Amenyesha kandi ko hari n’abazigura kugira bazishire mu nzu nk’ibisharizo hamwe n’abandi bazijana mu bibanza vy’iratiro. Eka mbere ngo hari n’abazimutuma bakazijana mu zindi ntara canke na we nyene akaja kuzikorerayo.
Inderuzo imwe, Wizeyimana avuga ko ayijisha iminsi ibiri canke itatu. Iyikozwe mu vyatsi kama vyitwa “Imisuri” ayigurisha amafaranga y’amarundi ibihumbi 80 kandi ngo irashobora kumara imyaka irenga 20. Iyikozwe muri parasitike (plastique) nayo, ayigurisha ibihumbi 120.
Ni umwuga yakuye kuri se…
Nk’uko Wizeyimana avyivugira, kujisha inderuzo bisa n’uko ari vyo yakuriyemwo kuko yakuze abona se wiwe ariko kazi akora. Mu mvugo yerekana ko se wiwe yari umuntu ahambaye mu kujisha inderuzo, Wizeyimana ati : “ Papa ntiyari yoroshe. Yajisha inderuzo zirerura Abami n’Abaganwa. Mbere mu kumushimira bamugabiye agasozi kose ko kurima hamwe n’inka zitari nke”.
Amera nk’uwugerageza kwibuka igihe yatanguriye kwiga kujisha inderuzo, Wizeyimana Roland ati : “Inderuzo ya mbere nashoboye kuyijisha mu 1970. Nari mfise imyaka 15”.
Yamara rero Wizeyimana ngo arababazwa cane n’urwaruka ruterekwa ibijanye no gukurikirana ibijanye n’ingene ibikoresho kama bihingurwa kugira ngo rube ari rwo ruzosigara rurabikora mu gihe abasanzwe babikora boba batakiriho. Agira ati: “Urwaruka rw’ubu rukura rwirukira ibisagara gusa, abatagiyeyo nabo babona ko ivyo vy’imyuga y’ubuhinga kama ikorwa n’abatama gusa”.
Wizeyimana atera akamo urwaruka kudafata minenerwe ubuhinga bujanye n’ibikoresho ndangakaranga kuko biri mu biranga imico n’imigenzo y’Abarundi. Akabona ko nyabuna urwaruka ruvyiyumvamwo, rwokwicara rukavyiga kugira ngo rube ari rwo ruzovyigisha abariko baravuka muri iki gihe, gutyo ubumenyi dufise mu bijanye n’uguhingura ibikoresho ndagakaranga buzogume buherekanwa uko iyaruka ribisa irindi.




