Amakuru yaranze akarere mu ndwi ya 19 – 27 Rusama 2023
Ikigo kijejwe gukinga no kurwanya ibiyayuramutwe – DCEA kivuga ko kiriko kirakora ubushakashatsi mu kurondera umuti wo kurwanya igiterwa c’urumogi c’ubwoko bwa marijuana guhera mu mizi.
Nk’uko tubisoma muri The Citizen, Aretas Lyimo, umuyobozi w’ico kigo avuga ko uyu muti uriko uraronderwa utazobangamira na gato ibindi biterwa canke isi ndimwa. Ivyo biruko mu gihe benshi mu bandura cane indwara ya Sida baba banywa ivyo biyayuramutwe muri Tanzania.
Umwe mu bahoze bihereza ivyo biyayuramutwe, Eric Bernard, yamenyesheje ko bamwe mu bihereza ibiyayuramutwe bakoze ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi, nk’ubusuma mu gihe hari hatunganijwe igikorwa co gufata abanywarumogi muri Tanzania, catumye hafatwa abatari bake bakajana mu bigo vyo kubagorora, aho basanze 16% muribo baranduye ikiza ca Sida.
Umukuru w’igihugu ca Kenya ati « Ntidukeneye gusaba imfashanyo, ahubwo dushaka gutorera inyishu ingorane zijanye n’ihindagurika ry’ibihe »
Mu nama ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe yabereye mu gisagara ca Paris mu Bufaransa, William Ruto yavuze ko icamuzanye atari gusaba imfashanyo ku bihugu bitunze ahubwo aje gusaba ko hari ivyohinyanyurwa mu bijanye no kwirinda ihindagurika ry’ibihe, na cane cane ko ibihugu vyitwa ko bikenye navyo vyohabwa akaryo ko guterera inyishu kuri ico kibazo.
Ruto avuga ko ibihugu vyitwa ko bikenye biriha kugeza ku ncuro 8 y’inyungu kurusha ibihugu biteye imbere kuko bifatwa nk’ibikorwako cane n’ingaruka mbi z’ihindagurika ry’ibihe. Mu kugira ngo iyo mpinduka yipfuza ishikweko, nuko hotunganywa ingene ibigo nka FMI n’ibanki y’isi bikora, ndetse hagashirwaho n’amatagisi angana atangishwa ku rwego mpuzamakungu ku bijanye no kwiyunguruza mu mato, indege canke guhanahana amafaranga.
William Ruto avuga kandi ko igihugu ciwe gitanga ku mwaka amafaranga agera ku miriyaridi 10 y’amadorare y’amerika muriyo ntumbero, mu gihe hari ibihugu vyitwa ko bitunze bidatanga amafaranga vyemeye mu ntumbero yo kwirinda ihindagurika ry’ibihe. Kubw’iwe ngo ibihugu vyose bitegerezwa kuriha nkuko vyavyiyemeje nayo ngo bitagenze uko isi irabandanya isinzikara. Aho aributsa kandi ko ibihugu vyitwa ko bitunze arivyo bifata iyambere mu gukora ibikorwa bituma ihindagurika ry’ibihe rirwira ku rugero rwo hejuru, nkuko vyandikwa n’urubuga rw’imboneshakure TV5 Monde.
Uganda – Rwanda : uruja n’uruza rw’ibidandazwa rwaduze
Abakora urudandazwa ku mipaka ya Katuna na Cyanika, mu burere bwa Kabale na Kisoro baganiriye n’ikinyamakuru The East African bavuga ko banezerejwe n’urugero rw’uruja n’uruza rw’ibidandazwa rwibonekeza inyuma yaho hafuswe ingingo yuko abava mu Rwanda batemerewe kwinjira muri Uganda badatanze amafaranga y’amanyarwanda agera ku 5.000 mu kugira bakorerwe igipimo ca COVID-19.
Aho ni mu gihe imipaka iri hagati y’igihugu c’Urwanda na Uganda yari yuguruwe kuva muri Ntwarante 2023, inyuma y’imyaka igera kuri 3 yugawe, ariko hari hakiri intambamyi ku basanzwe biyunguruza hagati y’ivyo bihugu, kuko atari bose bashobora kwirihira ayo mafaranga. Uwutwara umupaka wa Katuna, Soter Kabyogamu amenyesha ahubwo ko hagiye kwongerezwa abakozi kuri uyo mupaka kugira ngo uruja n’uruza rworohe.
RDC mu myiteguro idasanzwe yo kwakira inkino za « Francophonie »
Mu nama y’urwego rwa « Francophonie » yabereye mu gisagara ca Paris mu ndwi twaraye turangije, benshi mu bayitavye bamenyesheje ko batewe impungenge na cane cane zivuye ku mutekano muke uvugwa muri RDC, aho ni mu gihe abaserukiye ico gihugu kizokwakira inkino za « Francophonie » bavuga ko hafashwe ingingo zose zishoboka mu kugira hakingirwe umutekano na cane cane ko aba porisi bagera ku 4.500 aribo bategekanijwe ngo bakingire umutekano w’izo nkino.
Izindi mpungenge zashikirijwe mu gihe hasigaye imisi 32 ngo izo nkino zitangure, harimwo izijanye n’inyubako zizokwakira izo nkino, aho zimwe murizo zitaruzura neza. Hari kandi n’ikibazo kijanye n’uburyo bwategekanijwe, aho ubugera kuri 60% gusa aribwo bumaze gukoreshwa ku bugera ku miriyoni 66 z’abanyaburaya. Kuri ivyo bibazo vyose, abaserukiye igihugu ca RDC bo bavuga ko mu misi isigaye, bizoba vyavuye mu nzira, nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru c’Abafaransa RFI.




