Kuva ikiza Covid-19 giteye, imigambi ifashwa na FIDA mu Burundi yarakoze ibikorwa bitandukanye mu ntumbero yo kugwanya ubukene no gufasha gushikana abanyagihugu bo hagati mu gihugu ku gufungura neza. Itariki 30 Nyakanga umwaka wa 2021, haratunganijwe uruganda ku bamenyeshamakuru kugira na bo bamenyeshwe ku vyerekeye ikiza ca covid19, ugufungura neza, n’ingaburo ibereye.
Imigambi ifashwa na FIDA mu Burundi yaratunganije kw’itariki 30 Nyakanga 2021, uruganda ku bamenyeshamakuru rwo kubahimiriza kumenya no kumenyesha ivyerekeye ikiza Covid-19. Intumbero nyamukuru y’urwo ruganda : Kuronsa abamenyeshamakuru inyigisho za nkenerwa mu bijanye n’ingene abantu bohimirizwa kwirinda ico kiza.
Iyindi ntumbero yari yo kubafasha gutanga inkuru iramvuye kandi y’ukuri ku banyagihugu na canecane ku basanzwe bashigikirwa n’imigambi ifashwa na FIDA. Abamenyeshamakuru barenga 30 baserukira imboneshakure n’amasamirizi bari bitavye urwo ruganda. Muri urwo ruganda abajejwe gutanga amakuru n’indero mu Bushikirangaji bw’Amagara y’Abantu baratanze amakuru menshi yerekeye ikiza Covid-19. Abamenyeshamakuru barahamenyeye vyinshi. Dr aloys Hakizimana ajejwe igisata c’ingaburo muri PRODEFI yizera ko izo nkuru zizomenyekanishwa kugira abanyagihugu bose bamenye ivyerekeye kwirinda ico kiza.
Mu nyigisho bahawe harimwo cane kwibutsa inkuru muri rusangi zerekeye ikiza ca covid 19: ukuntu candukira, ukuntu bocirinda, uko woja mu kibanza ca wenyene iyo wanduye, ico wokora iyo wibaza ko wanduye umugera wa korona, ibimenyetso vyerekana ko wanduye ico kiza n’ibindi. Tutibagiye ukuyaga ku bijanye n’ibihuha bivugwa ku vyerekeye ico kiza. Ibimenyetso vyose vyo kwirinda ico kiza barabiciyeko batanguriye ku kuntu abantu bakaraba neza iminwe.
« Gende mutange ubutumwa bwo kwirinda Covid-19 »

Hariko herekanwa uburyo bubereye bwo gukaraba iminwe mu ntumbero yo kwirinda Covid-19
Umwe mu bamenyeshamakuru yari muri urwo ruganda yaranezerejwe cane nuko ibibazo vyabajijwe vyaronkewe inyishu zishimishije. Agira ati : « Ni vyo twari dufise amakuru menshi kuri ico kiza ariko twabona ko n’uru ruganda rwari rukenewe. Twahigiye vyinshi kandi vyanabaye nkenerwa ko batwibutsa ingene twokwirinda ico kiza hamwe n’ukuntu bambara agapfukamunwa. »
Joseph Gahungu ajejwe kandi ibijanye no kugwiza umwimbu muri PRODEFI amenyesha ko bongereje ibikorwa bifasha kugwizwa umwimbu w’ibiterwa kugira babandanye kugwanya inzara mu banyagihugu bo mu gihugu hagati muri ibi bihe vya Covid-19. Muri ivyo bikorwa vyakozwe harimwo: gutanga imbuto, gutanga ibitungwa bitobito bigizwe n’impene, ingurube, inkoko…, gutanga ifumbire y’ikizungu n’ibindi vya nkenerwa vyo kurima. Umuce nyamukuru bakorerako si uwo kugwanya inzara gusa, oya. Ahubwo baranatanga n’inyigisho zo guhimiriza kwirinda Covid-19 hamwe n’ibikoresho vyo kuyikingira n’ivyo kwifashisha mu gukaraba iminwe. Ivyo bikorwa vyose birangurirwa mu ntara 14 FIDA isanzwe ikoreramwo arizo : Makamba, Rumonge, Bujumbura, Bubanza, Cibitoke, Muramvya, Muyinga, Gitega, Karuzi, Kayanza, Ngozi, Rutana, Ruyigi na Cankuzo.
Gufungura neza nk’uburyo bwo kugwanya covid -19
« Ibikorwa vyo kugwiza umwimbu w’ibifungurwa n’ingaburo ni vya nkenerwa gose » nk’uko bivugwa na Aloys Hakizimana. Arasigura ko hari isano hagati ya Covid-19 no gufungura nabi. Agira ati : « Ugufungura nabi ni imwe mu nzira Covid-19 yinjiriramwo.» Ni na co gituma nk’uko Aloys abivuga, mu migambi ifashwa na FIDA bashira cane inguvu mu bikorwa vyo kugwiza umwimbu w’ibifungurwa mu banyagihugu kugira banashobore kwikingira Covid-19. Ku bwiwe imfungurwa zikwije mu ngaburo ziranafasha kwirinda indwara zimwezimwe. Arongera agashimika ko umuntu adafungura neza abangamirwa n’indwara. Ku bw’ivyo ahamagarira abantu bose gufungura imfungurwa zirimwo intunga mubiri.

Dr Aloys Hakizimana : « Ugufungura nabi, ni inzira yo kwandura Covid-19.»
Uburyo bushirwa mu mugambi PRODEFI II mu ntumbero yo kugwanya Covid- 19 n’ihindagurika ry’ibihe Hatanzwe uburyo bungana na 709, 568 USD azofasha mu ngo 21,400 ibi bikorwa bikurikira : -Gukwiragiza amatoni angana 107 y’imbuto y’ibigori vy’ibivyagwa, -Gukwiragiza amatoni angana 258 y’ifumbire -Gukwiragiza ibiro bingana 310 y’imbuto zo mu mwonga -Gukwiragiza ibiro bingana 1704 y’imiti y’ibiterwa -Ibikorwa vyo guhanahana amakuru n’uburyo bwo kumenya kwikingira Covid-19, -Ibikorwa vyo gukarihiriza ubwenge/guhimiriza abanyagihugu kwijukira kwirinda Covid -19 hamwe n’ingaruka mbi ziva kw’ihindagurika ry’ibihe




