Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Gukinga Covid 19 mu miduga yunguruza ingenzi : haracari n’ibindi vyo gukora

Ku bituro vy’imiduga yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura hari hasanzwe itegeko ryuko umuntu wese yinjira mu muduga abanza gukaraba n’amazi meza n’isabune. Ishirahamwe ryunguruza abantu n’ibintu Atrabu rikaba ryongereyeko iyindi ngingo yuko umushoferi n’umu Convoyeur wese abwirizwa kuba yambaye agapfukamunwa nk’itegeko igihe cose ari ku kazi kiwe mu ntumbero yo gukinga ikwiragizwa rya Covid-19.

Kuri uwu wa 29 Mukakaro 2020, ku gituro gikuru kiri hagati mu gisagara ca Bujumbura, ishirahamwe Atrabu ryatanguje icese ibikorwa vyo kwambika udupfukamunwa nk’itegeko abashoferi n’aba «convoyeurs» bunguruza abantu. Udupfukamunwa tumesurwa 1000 akaba aritwo batanguje mu ntumbero yo gukinga ikwirakwizwa rya Covid-19 nk’uko biri mu mwitwarariko wa Reta. Ariko iryo shirahamwe rikamenyesha ko hategekanijwe gutangwa udupukamunwa 4500 ku bunguruza abantu bose bakorera mu gisagara ca Bujumbura, kandi ko babandanya badodora mu bo bakorana kugira ico gikorwa gishike no hagati mu gihugu.

Bamwe mu biyunguruza n’amabisi, barashima iyo ngingo yo kwambika udupfukamunwa abashoferi n’aba «convoyeurs». Mpuhweyimana umwigeme yagira afate ibisi ija mu Kamenge agira ati: «Aba convoyeurs bagenda baravugira hejuru y’abo batwaye. Mu gutoza amahera usanga bagenda baravuga amate yabo akaguma agwa ku bakiriya. Hamwe bokwubahiriza iyo ngingo bakama bambaye utwo dupfukamunwa vyofasha». Ariko akibaza nimba bitazohava bimera nk’ingingo zafashwe n’abanguruza abantu ku mapikipiki (Amotabu) zo kugendana akabido k’amazi n’isabune kugira umukiriya wese abanze gukaraba imbere yo gufata urugendo. Iyo ngingo ikaba yaheze amazi mayongo.

Abahinga bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bavuga ko covid 19 batayikingira gusa biciye mu kwambara agapfukamunwa, ahubwo ngo na harya nyene abakiriya bicara canke harya bagenda barifadikiza boshobora kuhandurira. Biboneka ko hamwe hoshirwaho n’itegeko ryo guhanagura imiduga yunguruza abantu bakoresheje isabune y’amazi arimwo imiti yica imigera vyoba vyiza. Kugira umukiriya ahejeje gukaraba neza n’isabune, agakubitako agapfukamunwa kiwe aca yicara mu kibanza gisukuye neza. Mbere convoyeur yokwitwaza amavuta yica imigera kugira n’abakiriya bahitana mu nzira babanze gukaraba imbere yuko basanga abandi iyo bicaye.

Ico Atrabu ibivugako…

Charles Ntirampeba umunyamabanga mukuru muri Atrabu avuga ko ingingo yuko abunguruza abantu babwirizwa kwambara agapfukamunwa bazoyikurikirana gushika itsimbataye mu bashoferi bose, baba abari mu gisagara ca Bujumbura canke abo hagati mu gihugu. Uyo munyamabanga akamenyesha ko basanzwe bakorana n’inzego z’umutekano hamwe n’abajejwe intwaro. Abunguruza abantu bazofatwa barenze kw’itegeko ryashinzwe barashobora gushikanwa imbere. Ariko ikizihutirwa n’uko hari amategeko abagenga mw’ishirahamwe Atrabu ashobora kwisungwa mu kubafatira ibihano. Ku bijanye n’ingingo zafashwe muri Amotabu zo kwitwaza amazi mu tubido, Ntirampeba avuga ko muri Atrabu batararonka raporo yerekana yuko bitakurikijwe ariko akamenyesha ko naho ingingo za Amotabu zoba zarahagaze bidasa n’ivyo vyokwambara udupfukamunwa kuko atrabu ariyo ivyifatiye mu minwe, ko bitegerezwa gushirwa mu ngiro vyanka bikunda kuko biri mw’ihangiro bihaye. Kanatsinda Atrabu yabishizemwo uburyo.

Nayo ku bijanye n’uko imiduga yose yohanaguzwa imiti yica imigera, uyo munyamabanga avuga ko, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwari bwasavye Atrabu ko boshira mu ngiro iyo ngingo ariko bivanye n’uko ari igikorwa gitwara uburyo bwinshi burengeye ubwo Atrabu ifise, ngo bahereye ku dupfukamuwa. Ariko akamenyesha ko iyo ngingo iri mu migambi babandanya bakorana n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kugira barabe ingene uburyo bwo kubishira mu ngiro bwoboneka.

Kwikingira no gukingira abandi Covid 19 ni igikorwa c’umuntu wese. Minani Bosco arongoye ishirahamwe Atrabu atera akamo abantu bose kwijukira gushira mu ngiro amabwirizwa yose bahabwa n’abajejwe amagara y’abantu akanahamagarira abunguruza abantu bose kuza baributsa abakiriya babo gukaraba n’amazi meza n’isabune canke kwisiga mu ntoke amavuta yica imigera imbere yuko batangura urugendo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top