Abanyakenya 22 bararokowe mu rudandazwa rukorerwa abantu i Laos
Abayobozi bo mu gihugu ca Kenya baragabisha abantu basaba ubuzi ku mbuga ngurukanabumenyi bashaka kuja gukora mu bihugu vya Aziya y’ubumanuko bushira ubuseruko, ni inyuma y’aho hamenyekaniye abantu amajana bava mu bihugu vya Afirika y’ubuseruko bajanywe muri izo nzira z’urudabdazwa rw’abantu, nk’uko tubisoma mu kinyamakuru infos Grands Lacs (iGL).
Ukwo kugabisha abantu basaba ubuzi ku mbuga, kwabaye mu gihe ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Kenya n’ayandi makungu bwashoboye kurokora abanyakenya 22, umurundi 1 hamwe n’umugande 1. Aba n’abo baka ari abashoboye gushikana kure umubabaro babayemwo i Laos.
Ico kinyamakuru kibandanya candika ko, abo bashoboye kurokoka muri urwo rudandazwa rukorerwa abantu bamenyesha ko, abantu amajana bakiri mu bihugu vya Aziya, inyuma yo kubeshwa ko bajanywe gukora mu mahoteri no kwigisha mu mashure, gutyo bakisanga baguye mu mutego. Abo bashoboye kuva i Laos bakaba batahanywe ku mfashanyo y’amashirahamwe: HAART ryo muri Kenya, OIM ishirahamwe mu vyo riraba harimwo abimukira hamwe na Reta ya Laos
iGL candika ko, imbere y’aho abanyakenya 13 bari barokotse mu rudandazwa rukorerwa abantu i Myanmar. Bishoboka ko ubu abantu amajana b’abanyakenya bagwiriyemwo cane urwaruka boba bakora mu mahinguriro akora « urudandazwa rwo mu kinywabi » (usines à fraudes) muri Aziya y’ubumanuko bushira ubuseruko.
Mwomenya ko, caba igihugu ca Kenya, Ubuganda canke Uburundi ata na kimwe gifise ubuserukizi cabwo i Laos. N’ivyo tubisanga mu kinyamakuru infos Glands Lacs.
Ivyo perezida Félix Tshisekedi wa Congo (RDC) na Paul Kagame w’Urwanda bumvikanye kuri M23 na FDL
Nk’uko tubisoma mu kinyamakuru Politico CD, mu gihe bari mu nama igira iya 77 yariko irabera i New York mu ndwi irangiye, Perezida Félix Tshisekedi wa RDC yaragirije atarya umunwa Urwanda ko ruza rurahungabanya umutekano mu buseruko bwa RDC rwinyegeje inyuma ya M23″.
Perezida Félix Tshisekedi hamwe na Paul Kagame bakaba baciye kuri uwu wa 21 Nyakanga 2022 i New York baganira ku bijanye no gutorera umuti umutekano muke wibonekeza mu buseruko bwa Kongo.
Ico kinyamakuru candika ko, ibiro vya perezida wa RDC vyatangaje ko aba ba perezida bumvikanye gukorera hamwe kugira ngo M23 ive mu duce yifatiye vuba bishoboka, gutahukana impunzi zahunze utwo duce, hamwe no kurwanya imigwi itandukanye yitwaje ibigwanisho, harimwo na FDLR. Ivyo bikorwa bikazoba bishigikiwe n’umuryango wunze ubumwe n’abafatanyabikorwa bawo bo mu muryango wunze ubumwe bwa Afirika hamwe n’abo mu muryango wa Afirika y’ ubuseruko hamwe n’inama yo mu karere k’ibiyaga binini.
Mu gihugu ca Uganda, kajugujugu y’igisirikare yaguye ku nzu y’umwenegihugu
Igisirikare ca Uganda, UPDF catangaje ko catanguye iperereza kw’isanganya ya kajugujugu yaco yabereye mu gace ka Fort Portal mu karere ka Kabarole bikarangira iyo ndege iguye ku nzu y’umwenegihugu.
Nk’uko tubisoma ku kinyamakuru «Igihe» co mu Rwanda, iryo sanganya ryabaye ku wa gatandatu tariki 24 Nyakanga 2022, aho iyo kajugujugu yo mu bwoko bwa MI 24 yari itaragenda n’ikirometero kimwe kuva ihagurutse ku kibuga c’indege ca gisirikare kiri muri ako gace ka Fort Portal mu karere ka Kabarole.
Ico kinyamakuru kibandanya candika ko, mw’itangazo UPDF yasohoye, yavuze ko iyo ndege igihaguruka yaciye igira ikibazo catumye uwari ayitwaye arondera uko ayisubiza hasi ningoga. Kandi ko ata muntu n’umwe yahaburiye ubuzima kiretse umutamakazi umwe yakomeretse mu gihe iyo kajugujugu yagwa ku nzu yari arimwo.
Muri Uganda hongeye kwibonekeza ikiza ca Ebola. Batandatu baramaze kwandura…
Ikinyamakuru Igihe candika ko Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Uganda yatangaje ko muri ico gihugu hamaze kumenyekana abantu batandatu banduye ikiza ca Ebola, kuva aho congeye kwibonekeza mu ntango z’indwi yo kuva ku wa 19 Nyakanga.
Ikinyamakuru Igihe candika ko abantu batanu bashasha batowe Ebola ari abo mu Karere ka Mubende, ahabonetse umugwayi wa mbere yari afise imyaka 24, mbere kikaba cahavuye kimuhitana. Uwundi mugwayi umwe yabonetse mu karere gahana imbibe n’ako. Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri ico gihugu akaba yaratanguje itohoza ryo kuraba nimba abantu indwi baheruka gupfa boba hari aho bihuriye n’ico kiza ca Ebola. Abantu 40 bafise aho bahuriye n’abo bagwaye, baciye bashirwa mu bibanza vya bonyene.
Tanzaniya, umunyeshure ajanwa mu giporisi kubera atarishe amafaranga y’ishuri
Ni mu ntara ya Morogoro, mu karere ka Kilombero aho uwurongoye ishure ry’isumbuye rya Kaozya Mlimba yagirizwa kuba yarafashe umwana yiga mu mwaka wa kane w’amashure yisumbuye akamujana mu giporisi kubera abavyeyi b’uwo mwana boba batari bashoboye kuriha amafaranga y’ishure y’igice ca kabiri, nk’uko tubisoma mu kinyamakuru «Mwananchi».
Ico kinyamakuru kibandanya candika ko umuyobozi w’akarere ka Kilombero Hanji Godigodi yaciye ategeka igiporisi gufata uwo nyene iryo shure ry’isumbuye kuko, mu mategeko agenga indero muri Tanzaniya, umunyeshure ntabwirizwa gusubizwa i muhira canke kwirukanwa kw’ishure kubera ko umuvyeyi wiwe yabuze amafaranga yo kumurihira, canecane mu gihe umunyeshure yiga mu myaka bakoramwo ibibazo nko mu mwaka wa kane n’uw’indwi mu mashure matomato hamwe no mu mwaka wa kabiri, uwa kane n’uwa gatandatu mu mashure yisumbuye.
Ikinyamakuru Mwananchi candika kandi ko, uyo munyeshure w’imyaka 19 yavuga ko, imbere y’uko ajanwa mu giporisi yari yabanje kwirukanwa kw’ishure, inyuma y’aho umuvyeyi wiwe n’umuyobozi w’ishure badahurije ku kuba umuvyeyi w’uwo munyeshure yavuga ko amafaranga yari yayarungitse ku nimero z’ishure hakoreshejwe iterefone.




