MSF muri Ouganda mu gikorwa co kugarukira impunzi zituruka muri Congo, Tanzaniya igiye gutanguza ubuhinga bwa 5G…
Bamwe mu bimukira binjiye mu Bwongereza atabibaranga bafise bahitamwo gusubizwa iwabo hakurungikwa mu Rwanda
Uwo niwo mutwe w’inkuru yandikwa n’ikinyamakuru Express co mu Bwongereza, aho ni mu gihe igihugu c’Urwanda gifise amasezerano n’igihugu c’Ubwongereza y’ukwo abimukira bashika ama 300 ku mwaka barondera ubuhungiro mu Bwongereza barungikwa mu Rwanda.
Mu bashika 100 bari bamaze gutegurwa ko barungikwa mu Rwanda muri kuno kwezi, 20 bakaba bamaze gusaba Reta y’Ubwongereza ko botuma basubizwa iwabo hako barungikwa mu Rwanda.
Mu ntango z’iyinga turangije, Reta y’Urwanda ikaba yariyerekanye amahoteri abo bimukira bavuye mu Bwongereza bazobamwo mbere bakazoba bazofatwa nk’abakiriya bayo mahoteri mu bijanye n’ibisanzwe bihabwa abakiriya.
Umudereva w’imyaka 16 ariko ararondera kuba uwambere muto azungurutse isi yose yageze muri Kenya
Nk’ukwo tubisanga mu nkuru yanditswe na Africa News Mack Rutherford ni umwongereza afise n’ubwenegihugu bw’ububirigi akaba yabaye umudereva wa mbere muto aronse uburenganzira bwo kunyonga indege kuko yaburonse ku myaka 15. Igihe yashika muri Kenya ,akaba yakiriwe n’urwaruka rwiga kw’ishure rya Kenya School of Lying hamwe na Young Aviators Club of Africa. Umuyobozi wa Kenya School or Lying yagize ati :«Kubona abanyeshure bo ng’aha baronka akanya ko kuyaga n’umwana nk’uyo amaze gushika ku bikomeye ni ibintu vyo gushima bikaba kandi biha intege urwaruka rwacu ko narwo rushobora gushika kure.»
Muri Kenya kandi, inyuma y’uko uwuriko araharanira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’Igihugu Raila Odinga atoye Martha Karua ngo abe ariwe azomubera icegera ciwe mu gihe yotorwa, ukwo ari 2, bararahira bakarengwa ko batazokworohereza ibisuma hamwe n’abarya ibiturire. Mu nkuru yandikwa na Daily Post ivugako Raila Odinga ashikiriza ko atakwihanganira abarya ibiturire bizohaba. Agira ati: «Nanje agasho naragaciyemwo, nzobamarirayo batikubise agashi.»
Muri Ouganda, MSF iharura igitigiri c’impunzi z’abakongomani ifasha ko kigeze ku 18.000. Abo n’abo bakaba bahunze intambara y’abaroberi ba M23
Intureka zatanguye haraheze ukwezi n’igice mu karere ka Rutshuru mu buseruko bwa Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo, zatumye abarenga 45.000 vy’abakongomani bahunga igihugu cabo. 18.000 bakaba aribo bakiriwe mw’ikambi ya Nyakabande muri Ouganda. N’ubwo ngo ishirahamwe ry’abavuzi batagira imbibe rifasha ngo ibikenewe biguma ari vyinshi kandi impunzi nazo ziguma zigwira n’imiburiburi abashika 300 akaba aribo bakirwa ku munsi.
Tanzaniya ngo igiye kwugurura ibijanye n’ubuhinga bwa internet yihuta ku murindi w’urunganwe rwa 5 (5G)
Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru wa Tanzaniya Nape Nnauye amenyesha ko isoko ryuguruye ku bahinga bose bashoboye gushiraho ubwo buhinga mu gihugu ca Tanzaniya.
Iyo nkuru ikaba yahimbaye cane amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru nka Vodacom rivuga ko ah’ubwo ubwo wbuhinga ah’ubwo bwari bwatevye.
Umushikiranganji Nnape Nnauye akamenyesha ko Tanzaniya yiteze ko ubwo buhinga buzotuma ico gihugu kija ku muvuduko udasanzwe ku vyerekeye iterambere ry’ubutunzi. Soma inkuru iramvuye kuri The Citizen.




