Wa wundi ngo ishure ryiza rigutegurira kazoza keza, ntiyabeshe. Yarangije kaminuza y’i Ngozi mu gisata cigisha uburimyi no kwitunganiriza imigambi mu 2018. Egide Mpabwanayo yorora ingurube akongera akanahingura ivyo azigaburira. Inyuma y’umwaka umwe n’igice gusa, ubworozi bwiwe bwungutse incuro zirenga cumi
Aba ku mutumba Kirambi, komine Rusaka yo mu ntara ya Mwaro. Egide Mpabwanayo afise imyaka 32. Afadikanije n’umuryango, baregeranije umutahe ugera ku miriyoni 4 z’amarundi, hama abaja imbere arabarongora batangura ubworozi bw’ingurube. Uwo mutahe wakoze mu kwubaka inyubako za kijambere no kugura ibibuguru 6. Aho hari mu mpera z’ukwezi kwa mbere mu 2020.
Mu bibazo uwo mugambi wo kworora ingurube ugamije kwishura, harimwo gushigikira uburimyi, biciye mu guhangana n’ikibazo c’ikena ry’amase rituma umwimbu utaba uwushimishije mu karere Egide abamwo, kandi no kurondera ikija mu mufuko bidasigaye inyuma.
Wa wundi ngo ishure ryiza rigutegurira kazoza keza, ntiyabeshe. Yarangije kaminuza y’i Ngozi mu gisata cigisha uburimyi no kwitunganiriza imigambi mu 2018. Egide Mpabwanayo yorora ingurube akongera akanahingura ivyo azigaburira. Inyuma y’umwaka umwe n’igice gusa, ubworozi bwiwe bwungutse incuro zirenga cumi. Égide Mpabwanayo, bitumwako mu bworozi bw’ingurube
Arihingurira ingaburo z’ingurube yoroye
Mu gihe ingaburo z’ingurube nk’i turuto (“tourteau”) zizimvye ngaho mu Rusaka, Egide we yarivumburiye ubuhinga bumufasha kuronka ingaburo z’ubusho bwiwe zimeze neza kandi atazimbwe.
Uti none abikora gute? Agira ati: « Burya akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze. Nifashishije ubumenyi narahuye mu gihugu c’Ubugande hamwe n’ubushakashatsi ngira ku buhinga ngurukanabumenyi, ndorora inyo (“larves”) nkura mu magi y’isazi akaba ari na zo nsubiriza ya turuto ikorwa mu mise y’ibigazi isanzwe ikoreshwa cane mu kugaburira ingurube. » Yongera kandi ati: « Uretse ko izo nyo (larves) norora zirimwo ivya nkenerwa vyinshi cane, kuzorora bituma amafaranga noshize mu ngaburo y’ingurube agabanuka. »
Ubuhinga bwa Egide ntibugarukira mu guhingura ingaburo honyene. Izo ngurube yoroye yarazubakiye ku buhinga budasanzwe butuma amaganga yazo atembera mu kibanza cubakiye aho yegeranira maze bagaheza bakayakoresha mw’irima, iruhande y’amase asanzwe, mu gufumbira amatongo. Mbere arikugura ko umurima umijwemwo ayo maganga ibiterwa bitewemwo bikura vyiruka.
Igitigiri c’ingurube atunze kimaze kwikuba incuro 10
Yatanguje ibibuguru 6 gusa. Uyu munsi ageze ku ngurube 61 mu kiringo kidashika n’imyaka 2. Aravye agaciro izo ngurube zifise narirya ari iza kijambere, avuga ko ziciye imiriyoni z’amarundi 8. Egide ntaratangura kuzigurisha uretse ibibuguru 9 yagurishije ku makoperative ashaka na yo kugwiza ico gitungwa. Ku mezi 4 gusa zari zimaze, ikibuguru kimwe akaba yakigurishije amafaranga ari hagati ya 90.000 na 100.000 y’amafaranga y’amarundi. Kubw’ibikorwa akora benshi baramuhurumbira kandi aranabigisha ibijanye n’ingene bokworora kijambere.
Ihangiro rya Egide “ni ukugira ikigo kinini cane c’ubworozi bw’ingurube ku buryo batangura kudandaza bashikanye n’imiburiburi ingurube 200”. Aracafise intambamyi yo kubura imashini yomufasha gutegurira icarimwe ingaburo nyinshi zo kuzigaburira ariko ngo arizera ko bukebuke azoyironka.




