Jimbere

ikirundi French English
NUKU

Kuki hatangujwe NUKU 

Nta nkeka ko bamwe bibuka ibiteramo vy’urwaruka rwitunganiriza imigambi vyagiye biraba hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura kuva mu 2018. Bwari uburyo bw’uko urwaruka ruhura rukaba rurahanahana ivyiyumviro ku vyo rwokora kugira rushobore kwibeshaho mu vy’ubutunzi. Ariko rero kubera ko ivyo vyabera i Bujumbura, urwaruka rwitunganiriza imigambi rwo mu gihugu hagati ntirwaserukiwe bikwiye… 

Umugambi NUKU uje kwishura ico kibazo : ni gute urwaruka rwo mu gihugu hagati rwo kungukira ku biyago vyo guhanahana ivyiyumviro, ubuhinga n’ubumenyi ? Twabanje ubwa mbere na mbere kubaza ico abegwa n’ico kibazo bavyibaza ko. Kubwa ivyo twaraganiriye n’umwe mu rwaruka rumaze kwitunganiriza imigambi yarwo Kaze Delphin …

Mwoba mwibaza ko umugambi NUKU woba ari ngirakamaro ku rwaruka rwitunganiriza imigambi na canecane ku baba mu gihugu hagati ? 

Delphin : Cane nyene ni ngira kamaro. Ngire ngerageze kwishura nibutsa aho jewe nagiye ndaca. Nsanzwe nkorera mu bijanye no guhingura amakara. Imyaka itatu iheze nkorera i Gitega. Aho hambere hahise ntitwanashobora guhingura ngo turenze ibiro icumi ku musi vy’amakara atonona ibidukikije. Aho tugiriye Imana ibinyamakuru bigatangura kuza kuraba ibikorwa dukora, ibintu vyaciye bitangura guhinduka. Natanguye ndonka abampamagara ku materefone bantera intege, basaba ko twokorana abandi bampa amasoko n’ibindi. Ubu ishirahamwe ryanje “KAGE” rishobora guhingura amatoni 20 ya Kabiof Rukwi (ibiva mu nkwi bakoresha mu gucana) hamwe n’amatoni 10 ya “Kabiof Makara” (amakara ava mu nkwi). Muri make rero urwaruka rwitunganiriza imigambi rurakeneye intererano y’ibimenyeshamakuru kugira rushobore gutera imbere. Ariko kandi urwaruka rurakwiye kumenya ko guca mu binyamakuru rwobikorana ubwenge. 

Ibimenyeshamakuru ni ibintu vyo kwitondera ? Uti kubera iki ? 

Delphin : Ku bumenyi buke jewe mfise mu bijanye n’ibinyamakuru, ndamaze kubonamwo ibitari bike. Urwaruka rumwerumwe rushobora kwibona ko ruhambaye aho kwibona ko ari ngira kamaro. Reka ndabisigure : narabonye urwaruka rwitunganiriza imigambi y’iterambere, kubera ko kumbure rwashoboye kugira ivyo rutanguje rugatera intambwe, rwaca rucanacanako ngo rurondere kuvugwa mu bimenyeshamakuru. Aho rero usanga atanaho urigeza ariko agasanga usigaye ugenda uhese ibitugu ngo hari ivyo umaze kugerako. Ubu turi mu gihe aho ibintu vyose bikorwa mu karavyo. Iyo rero udatsimbataje ivyo ukora ngo ubihe umushinge ukomeye, wumire ku bifise akamaro, wige kuzana akabirya mu bintu vyawe, uza gukubita urugohe abandi bamaze kukwenurira mw’iterambere. Ni vyo birumvikana ko urwaruka rucirondera ruterwa intege n’ibinyamakuru ariko kandi urwaruka rwitunganiriza imigambi rubwirizwa kumenya ko ari nk’itegeko kuri rwo ryo kuguma rurondera akabirya mu vyo rukora kugira rubandanye rutera imbere nk’umuzinga. 

Ariko none ni mu buryo ubuhe mwiyumvira ko NUKU izoba ngirakamaro ku rwaruka rwitunganiriza imigambi ? 

Delphin : Jewe ubwanje ndemeza ko ndi ico ndi kubera ibinyamakuru. Vyaraterereye vyinshi mu gikorwa canje. Muri iyo minsi iheze ibinyamakuru vyo mu Burundi vyarakoze ibikorinka mu gisata c’abikorera utwabo. Twobishima kibasa ! Ariko nibaza ko hakiriho ivyo kuryohora : nibaza ko ibinyamakuru ahanini bishimika ku rwaruka rwitunganiriza imigambi aho gushira imbere ivyo rukora. Nk’akarorero, jewe naramaze kubona ko nka Kabiof ntizwi cane nk’uko izina ryanje Delphin Kaze rizwi mu bantu. Mu gihe dukora muri ubwo buryo, biragoye kwumva ko hari ishirahamwe ryamaze kwubaka izina ku vyo rikora. Birakwiye ko ivyo dukora ahubwo ari vyo bica mu binyamakuru, bikavugwa cane, mbere bibaye ngombwa bikanegurwa kugira bidufashe kwiyumvira kubiryohora. Mwebwe muri Jimbere mukunze kugarukana ijambo « Fbu.» Dutegerezwa gukorera muri iyo ntumbero kugira imigambi yacu ishobore kuramba, turonke amasoko tudandaze ivyo twakoze hanyuma toronke iyo « Fbu »… 

Iyo rero ni yo mpamvu nyamukuru ituma tubaho, ivyo kandi ni vyo “NUKU” yobwirijwe kurondera. 

Ico twomenya 

Mu Burundi hariho amashirahamwe menshi ashigikira imigambi y’urwaruka rurondere kwibeshaho mu vy’ubutunzi ariko ibiharuro vyerekana ko ibitigiri binini vy’urwaruka rwo mu gihugu hagati ayo mahirwe atarushikira. Ivyo rero bigaterwa n’uko abafata mu mugongo iyo migambi usanga kenshi batavyiyumvirako bikwiriye gutyo ugaca usanga igice gito c’urwaruka ari co kimeze nk’icikumirako ubwo buryo bwose bw’imigambi iba yateguwe gushigikirwa. NUKU rero ije gutorera umuti ico kibazo. Biciye mw’isekeza ryo kumenyesha ivyo rukora, izogenda irahuza urwo rwaruka rwo mu gihugu hagati rwitunganiriza imigambi y’iterambere n’abandi bantu bashobora kugira ico baterereye mu migambi ya rwo. 

Rero NUKU ifise intumbero yo gushiraho umuco mu rwaruka aho ukwitunganiriza imigambi y’ukwibeshaho ku rwaruka bigirwa na rwo nyene kandi rukabigira rudateze guterwa intege ahubwo nyabuna rukabigira kuko rwumva ari nk’umuhamagaro, nk’umwuga wa rwo. Gutyo rukumva ko na rwo hari ico rwishimira rwovuga ko rwaterereye mw’iterambere ry’ikibano kandi rukitegurira no kubisangiza urundi rwaruka ruzobakurikira. Nakare, urwaruka ni rwo kazoza k’igihugu. Kandi kugira twitege kazoza keza nuko turureka rukifatira iterambere ryarwo mu minwe maze rukitunganiriza imigambi ituma rwibeshaho rutazeye inze ahandi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top