Ikawa ni co giterwa njabukamazi ca mbere cinziza ama-hera menshi y’agaciro mu Burundi. Ariko n’ubwo biri ukwo, abarimyi b’ico giterwa, baba abahurikiye mu makoperative, canke abigenga, bamana imyidogo. Imvo nuko bavuga ko baronka agahembo k’intica ntikize. Ikinyamakuru Jimbere kiraca ku mayange ivyo caganiriye n’abarimyi b’ikawa b’i Muramvya no mu Kirundo …
Mu Kirundo bati: « Emwe kurima igiterwa c’ikawa ni ibanga. Ikawa ntiwoyitwararika ngo uyisumbishe ibindi biterwa mbumbarugo ngo wizigiye ko hari vyinshi uzoyikuramwo utari mu bantu bafise amahegitari y’ibipimo vyayo. Ubu uraha ikawa n’umwana wawe akayanka ngo ntaco yomufasha, ahubwo agahitamwo gushoka imyaba yirimira umuceri canke akiterera ibigori. Ivyo vyose biva ku gahembo k’intica ntikize gatangwa kw’ikawa ishorwa. Benshi dutahira umuruho dukura mu kuyikorera. »
Mu ntara ya Muramvya, abarimyi twagendeye, bo bavuga ko bafatiye ku bikorwa bikorerwa ikawa yari ikwiriye kugurwa nk’amafaranga 1.000 Fbu n’ayarenga. Bagira bati: « Fata ikawa kuva ikiri mu matuta uyitere. Tangura kuyikorera, uyivomere mu ci, uyisasire, uyikatire, ushiremwo umwavu, … izakwera wararushe. Hageze ko uyamura ushiramwo abakozi. Abayisora ni amahera ubaha, abayijana kw’itonorero ni amahera. Urashitse kw’isoko bagukubise inoti ya 550 Fbu ku kiro c’iy’iri nziza. Aho rero babanje kwongera kuyigusoresha,… ibisorwa baguhaye 275 Fbu. Hemba abakozi rero hama uce utaha turabe ko umwana umutahanira ubufu ararira. Biragoye ! Ni hamwe nyene abarimyi twagowe ubundi bwo ikawa twoyihevye. »
I Muramvya nyene abarimyi bamenyesha ko benshi batacitwararika cane gutera ikawa kubera agahembo ari gato.Ngo abataziranduye baziteramwo ibindi biterwa ugasanga nta mwimbu zigitanga. Abandanya avuga ko abantu bitaho ikawa ari abari mu makoperative kubera baguma bahimirizwa ngo babere abandi akarorero mbere bakanizezwa ko ikawa izotinda ikaduzwa igiciro ubonako yavuye mu minwe y’abikorera utwabo ikaja mu minwe ya Reta.
Ubwo Reta yoba yarishuye imyidogo y’abo barimyi ko mu kiganiro Umushikiranganji w’Uburimyi, Ubworozi n’ibidukikije Déo Guide Rurema yahaye abamenyeshamakuru ku wa 19 Ndamukiza 2021 yatangaje ko ikiro c’ikawa nziza kigiye kugurwa 700Fbu, iy’ibisorwa na yo igurwe 350Fbu ? Martin Ndikumana, umurimyi w’ikawa wo muri koperative Twungurane yo ku Ntega, mu Kirundo, agira ati: « Ni ivy’ukuri Reta yarateye intambwe ariko ntirageza ku mafaranga ahwanye n’inguvu abarimyi bashira muri ico giterwa. Reta nidukwirize n’imiburiburi 1.000Fbu ku kiro urabe ukuntu tugwiza umwimbu ku nguvu. »
Uruhara rw’amakoperative mw’ikawa
Yohani Havyarimana, icegera c’uwurongoye koperatave Nyarunazi iri muri komine Rutegema, mu ntara ya Muramvya, avuga ko baguma bahimiriza abanywanyi gukorera neza ikawa, bagakurikiza impanuro bahabwa n’abafundi b’indimo. Akarusho? Havyarimana ati : « Ni kenshi cane. Kuva dutanguye mu 2010 kugeza ubu, ivyo dufise vyose biteranye vyababa imiriyoni 900 Fbu. Iyo ikirere cagenze neza, ku mwaka turegeranya ikawa nziza zirenga amatoni 300. Aho rero twatanguje umutahe w’ibanze wa 10. 000 Fbu, naho ubu ari 30 000Fbu kuri buri munywanyi. »
Koperative Nyarunazi igizwe n’abanywanyi 625. Abakenyezi 171 biganjemwo abapfakazi kuko ikawa iharurwa ku mugabo muri ako karere. Urwaruka ni 30 rukora mu gisata co guhingura ibishishwa vy’ikawa babikuramwo ifumbire.
Salvator Barandagiye, arongoye iyo koperative, amenyesha ko ubushobozi bwo kwishira hamwe bwatumye koperative Nyarunazi baronka ishirahamwe Adisco riyiherekeza mu bikorwa vyayo aho ryagiye rirayironsa inyigisho zitandukanye ziganisha ku kwiteza imbere, mbere ikaba yaranafashije iyo koperative kugira ironke ingurane muri BNDE, aho baciye bagura amamashine yo gusya ikawa gutyo baca bahatanguza itonorero. Eka no muri koperative Twungurane iri mu ntara ya Kirundo, komine Ntega, ku mutumba Gihome, bari ku kivi mu kwigisha abanywanyi gukorera ikawa kuva mu 2007, kandi ngo umwimbu barawishimira. Patrice Manariyo arongoye iyo koperative ati: « Iyo umwimbu wagenze neza tutahuye n’ihindagurika ry’ibihe, turaronka nk’itoni 400 z’ikawa nziza ku mwaka. Ubutunzi dufise muri iyi koperetive bwababa imiriyoni 22. Abanywanyi tugezeko ni 490. Kwinjira umwe wese yatanga amaferanga ava ku 5.000 Fbu gushika kuri 50.000 Fbu bivanye n’amikoro. Abakenyezi ni 97. Aba na bo baba bafise ibipimo bateye canke babisigiwe n’abanega babo. Na yo urwaruka nta vyo rwitabira. Bose hamwe bafise ibiti vy’ikawa 183 524. » Ishirahamwe Inades Burundi rero rikaba ryagiye rirafata mu mugongo iyo koperative mu kuyironsa inyigisho, mbere rimwe na rimwe ikanayishigikira mu buryo bw’amafaranga, nk’uko Patrice Manariyo avyishimira.
Ariko nubwo ayo makoperative akorana inguvu kugira agwize umwimbu yongere atere imbere, ngo barabohewe amaboko i mugongo n’amatagisi y’akomine. Muri koperative Nyarunazi bati: « Turegeranya ikawa nziza n’ibisorwa. Hageze gutanga amatagisi ya komine, dutanga amatagisi angana haba kw’ikawa nziza canke ku y’ibisorwa. Izo na zo, no kw’isoko ntizigurishwa kumwe. » Muri koperative Twungurane na bo bati: « Kw’isizeni ya 2020-2021 iheze, ku kiro c’ikawa nziza twarishe itagisi rya komine ringana na 11Fbu, kandi ayo nyene ni yo twatanze no ku kiro c’ikawa y’ibisorwa. Kuki iyo y’ibisorwa itogabanuka tukariha nka 5Fbu ko zisanzwe zitanagurwa kumwe. » Ku kijanye n’amatagisi atozwa na komine ku makoperative, Déo Guide Rurema Umushikiranganji w’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije amenyesha ko icazi ari uko ikawa nziza idatagiswa kumwe n’ikawa y’ibisorwa. Ko ababikora boba bikika mu kiza, mbere ko ico kibazo agiye kugishikana muri ODECA, batange intumbero neza, banatuze abatagisa ibinyuranye n’amategeko.
Mwomenya kandi yuko mw’isizeni y’ikawa ya 2020-2021 habonetse amatoni arenga 73.000. Ikawa ishoka hanze yashoboye kuboneka ingana n’amatoni 15.054. Igikorwa co gushora iyo kawa ngo kiri ku musozo. Gushika ku wa 12 Ndamukiza 2021, amatoni 14.646 ni yo yaramaze kudandazwa ku giciro c’amadorari y’abanyamerika yababa imiliyoni 35 (ni ukuvuga amafaranga y’amarundi arenga imiriyaridi 66).




