Jimbere

ikirundi French English
Twibukanye Amategeko

Twibukanye gato ibihano bihabwa uwarenze amategeko akingira igiti mu Burundi

Itegeko rigenga amashamba (Code Forestier) kuva ku ngingo yaryo y’198 rirerekana neza ibihano bihabwa uwo wese ahohoteye ibiti. Uwo wese aranduye ibimenyetso (pancarte, inzitiro,…) vyerekana amashamba y’igihugu ahanishwa umunyororo uva ku mezi 6 gushika ku myaka itanu n’ihadabu riva ku 10.000 gushika ku 100.000 vy’amarundi

Arafungwa ukwezi kumwe gushika kumezi atandatu n’ihadabu y’icakabiri c’ivyo yaciye uwo wese aciye igiti atabifitiye uruhusha

Uwurimye mu bice bikingiwe, uwuhaciye ibiti, uwubatseyo inzu bose bahanishwa umunyororo uva ku mezi abiri gushika ku myaka ibiri n’ihadabu riva ku 20.000 gushika ku miriyoni 2 n’igice z’amarundi

Nawe uwurima mu bitara vya Reta atabifitiye uruhusha, acibwa ihadabu ry’ibihumbi 50 gushika ku 100 vy’amarundi. Ivyo yarimye bikimburwa kandi bikagurishwa n’abajejwe ivyamashamba mu Burundi

Uwusamaye agaturira ishamba atabizi agafatwa, ahanishwa umunyororo uva ku mezi 2 gushika ku mwaka n’ihadabu ry’amarundi ava ku 50.000 Fbu gushika ku 200.000 Fbu canke kimwe muri ivyo. Iyo hagize abahasiga ubuzima muri uwo muriro naho, uwagirizwa icaha co kuhaturira aca ahanishwa umunyororo w’imyaka 5 gushika kuri 10

Uwutaye akamwanya, iplastique, ibiboze, n’iyindi micafu yonona isi mu mashamba ahanishwa amande ava ku 50.000 gushika ku muriyoni w’amarundi

Uwuturukije ibitungwa vyiwe mu mashamba akingiwe ahanishwa umunyororo uva ku kwezi kumwe gushika ku mezi atandatu n’ihadabu riva ku mafaranga 20.000 gushika ku 100.000 vy’amarundi

Twobibutsa ko mu 2018 hatangujwe umugambi « Ewe Burundi Urambaye » wo gutera ibiti mu ntara zose z’Uburundi ariko uriko ugenda uhura n’ibibazo vyabahonyora imivyaro yatewe ku misozi n’abayirandura aho yatewe hafi y’imirima ku kwibaza ko ivyo biti bitobana n’ibiterwa

Umugambi « Ewe Burundi Urambaye » rero uriko ushirwa mu ngiro n’igisoda c’Uburundi (FDNB) ukazorangira mu 2025 aho hipfuzwa ko imisozi y’Uburundi yose izoba isharijwe n’ibiti

Aho iwanyu gukingira igiti vyifashe gute ?

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top