Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

« Amahera y’abagore ntavunjwa mu Burundi ! »… Si ko biri

Birakunze kwidogwa, ko abakenyezi bibagora gukoresha amahera, mbere benshi ngo bakama bateze amaboko abagabo, n’aho boba bafise ibibinjiriza. Icibagiwe co ngo ni ugusorora. Hari ababona ko ivyo ari imvugo zo gucinyiza umukenyezi, mukumushira hasi

« Ukazorya amahera y’umugore ntuzosye bwose. Ayari hano arivugira. » Biyagwa na Claude Ndikuriyo, adandaza amakara muri karatiye ya Cibitoke, i Bujumbura. Arabandanya ati :« Umugore wanje ni umurimyi, ari kugatumba. Nama ndamurungikira amahera yose akenerwa, akimbura, agashora, mugabo iyo nduze nta n’agacupa angurira ko kunzimana. Aba yibaza ko nduganye umukimba w’amafaranga, naho ntamenye ko, iyi Bujumbura ndi mukuyipfiramwo n’inzara. Nanje nkaca mpfira ubugabo, nkihagararako. »

Naho biri ukwo, Claude aragwa akavyuka, akavuga ko kuri we, kubona umugore wiwe amusaba vyose, bimuha igihagararo. « Ni co umugabo abereyeho. Niwe mutwe w’urugo. Iyo uwo mutwe rero udashoboye kuba uhagaze neza, birumvikana ko umutumba wose ata kintu na kimwe ushobora kwimarira. »

Na Michel Ndabahagamye, umwigisha wo mu mwaka wa gatanu, abibona co kimwe na Claude. Kubwiwe, abagore barafise ukugene bibagora gukoresha neza amahera. Agira ati, « Turetse yuko bigoye kubona amahera y’umugore, basanzwe ari abantu batazi gupanga ibiza imbere y’ibindi. Ashobora kuba afise amafaranga yo gusuma imfungurwa, mugabo aciye kw’isoko akabona agahuzu keza k’umwana agaca akagura, atari ukwo yari yabiteguye. Ageze imbere akabona akarato, bikagenda ukwo nyene. Gutyo, ukwezi guheze, ukazorondera iyo amafaranga yaciye ukabura. Ivyabo ntibipanze na gato »

Ukudatahurana

Nadine Nkunzimana, umukenyezi w’imyaka 39, we aremeza ko abakenyezi bakoresha neza amafaranga, mbere gusumvya abagabo. Abisigura ati:«Burya muzorabe. Abakenyezi bitwa ko babayabaye, baronka amafaranga y’intica ntikize, canke nko ku birimizi, ivyo bimbura, uravye ukuntu isi yatitutse, bishitse bimwe bagashora, ibindi bakabifungura, nta musesekara bigera baronka. Rero, hari udukorwa twinshi dukoreka mu ngo, twose tukaba dutwara amafaranga. Ni ukwo akenshi abagabo bataduha umwanya ngo tugire igiharuro neza, twicaye, burya bosanga ari bo bigora gukoresha amafaranga ibikenewe. »

Anita Mazarakiza we, umupfakazi areze utwana 3 yasigiwe n’umushingantahe wiwe, avuga ko, iyaba atazi gukoresha neza amafaranga, aba yarataye akomoka, urugo agata. Ayaga ati : « Umugabo yashengeye mfise utwana 3 tukiri duto, mbere harimwo uruyoya. Nta vyinshi yansigiye, kiretse utudandazwa nari naramaze gutangura kudandaza. Umushingantahe akiriho, udufaranga yampa two kwikenura, naza ndaziganya, nkoresha duke cane. Maze kuba umupfakazi, ni two naciye nikorako, ntangura kudandaza imboga n’utundi dufungurwa. Nabandanije nza ndaziganya, utwo nungutse ndadukoresha ivy’ankenerwa, na cane cane ibijanye no kurera abana, nko kubavuza, kubigisha, no kubagaburira. Abavuga ko abagore tutazi gukoresha amahera boza kubimbaza. »

Hageze aho guhindura ingendo

Gaudence N, yanonosoye ivy’inyifato, amenyesha ko ukuvuga ko abagore batazi gukoresha amahera neza, ari ugufatira mu kivunga, ivyo na vyo bikaba ari ukwihenda. Gaudence akavuga ko mu mihingo myinshi, abagore bitunganya neza, kandi bagakoresha uburyo bw’umuryango, kandi batononye. Ashikiriza ati: «Ikibazo aho kiri, ni ukwo abakenyezi benshi ata bushobozi bafise bwo kwinjiza uburyo. Babazwa udukorwa two mu nzu, natwo tukagorana ingene duharurwa mu buryo bw’amahera. Nta nkeka ko iyo bose baba bafise ubushobozi bwo gukora ibikorwa vyinziza amafaranga, bagashobora kuronswa ingurane mu mabanki kugira ngo bakore imigambi minini minini, ivyo vyiyumviro vyova mu mitwe y’abantu. »

Gaudence agahamagarira abakenyezi, mu rupfasoni n’ukwubaha, kuva mu mbari, bagakora ibikorwa vyo kwiteza imbere. Agahamagarira n’abagabo kubafata mu mugongo, nakare umukenyezi ateye imbere, ni umuryango wose uba wisununuye, bigashika mbere no ku gihugu cose.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top