Jimbere

ikirundi French English
Jimbere Mukenyezi

Uburongozi bwakarorero ku mukenyezi

Mukubandanya duhimbaza umusi wahariwe agateka ku mukenyezi, ishure rya kaminuza yitiriwe umuco y’i Bujumbura (Université lumière de Bujumbura) rifashwe mu mugongo n’ishirahamwe ONUfemmes ryaratunganije, kuri uyu wa 25 Ntwarante, mu nyubakwa zaryo, inyigisho zifatiye kuc’ivugo: »Inyigisho zidakumira, mu burongozi bwiza ku mukenyezi. »

Izo nyigisho zateguwe niryo Shure harimo nabanyeshure bavuye kuyandi mashure. Bose hamwe barurwaruka rurenga 400, benshi muribo akaba bari abakenyezi.

Uburongozi bwiza bufatiye mu bumenyi uronswa, »Abanyeshure dufise mubisata vyose bangana 5386 aho benshi muribo ari abakenyezi bagera kuri 3086″, vyashikirijwe na Yves Ndayikunda, umuyobozi w’ishure ryiyo kaminuza, yongera anahimiriza cane abakenyezi mu kwiga gose kugira bazobe abarongozi bakarorero.

Mbega uburongozi bwiza ku mukenyezi butegurwa gute?

Uburongozi bwiza ku mukenyezi butegurwa kare, mu kuronswa ubumenyi buhagije, burangwa kandi nukwiyemera muriwe kugire ashobore kurongora abandi vyakarorero, kwiyumvira mu gukora cane, kuba afise ahashaka kugera.

Jennet Kem, uwurongoye ONU femmes mu Burundi, mw’ijambo ryiwe yahamagariye urwaruka gukura amaboko mu mpuzu, ugakora nkurufise ico rushaka gushikako. Yagize ati : « Ja hamwe mufashanye mukore utwanyu niho muzotera imbere. »

Mu gihe tuziko mu biharuro vyafatiweko, urwaruka rwo kwisi yose rugeza kubice 16, dufatiye ku myaka 14-24, muri abo mu Burundi bangana imiliyoni 2, bisigura ko urwo rwaruka aribwo Burundi bw’ejo bakwiye kwubaka ejo heza mu kwiteza imbere no mugutezimbere igihugu.

Izo nyigisho zari zitabiriwe n’urwaruka rutari ruke nko mu bahoze bahiga babaye abarongozi bakarorero baradushingiye ni intahe yuko babikoze.

???? "Inyigisho zidakumira mu burongozi bwiza Ku mukenyezi." Nico cari icivugo caranze uwu musi wa 25 Ntwarante kw'ishure…

Publiée par JimbereMagazine sur Jeudi 25 mars 2021

Inyigisho zashimwe

Hakaba hasozejwe ni ikiganiro cerekeye gutsimbataza uburongozi bwiza ku mukenyezi caremeshejwe n’uwurongoye ONU femmes mu Burundi Jenneth ken, uwuserukira igihugu ca Afrika y’epfo mu Burundi Kjomosto Jolobe, Estella Ndahaboneyimana yaserukiye Ubushikiranganji bwo gufatana mu nda, Marlène Kubwayo na Alain Gashaka bahoze biga kuri iyo kaminuza.

Mw’ijambo ryo gusozera izo nyigisho, uwurongoye ONUfemmes mu Burundi yagize ati : « Haba ku mukenyezi wo mu gisagara canke wa ruguru uburongozi bwiza bw’akarorero buramwerekeye. »

Umwe m’urwaruka rwari rwitabiye izo nyigisho yashikirike ibi bikwirikira : « Turashimye cane ku nyigisho duhawe na bakurambere. Ni umunezero kuri twebwe twagiriwe amahirwe yuko badusangiza izi nyigisho ni ahacu ho gukora n’inguvu. »

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top