Jimbere

ikirundi French English
IBIDUKIKIJE

Buterere : imiryango iri mu marira kubera uruzi Kinyankonge

Muri zone Buterere, iri mu gisagara ca Bujumbura, inzu 6 zarabomotse, imiringoti itwara amazi ya Regideso mu ngo z’abantu irameneka. Imiryango y’abantu irara hanze, abandi batse indaro, biturutse ku mvura yaguye kumugoroba wo kuri uwu wa 15 Munyonyo 2020 ikuzuza uruzi Kinyankonge.

Ku Buterere, amazi y’imvura yaguye ku mugoroba wo ku wa 15 Munyonyo 2020 yari akidengereye mu mazu y’abantu gushika igihe c’isaha umunani z’umuhingamo zo kuri uwu wa 16 Munyonyo 2020. Bamwe baguma bagerageza gusohora amazi. Aho vyanka ko bayasohora kubera ari menshi bagatobora imyenge ku nzu magana ku mishinge aho asohokana.

Abandi nabo baguma bagerageza kuraba ko boshika mu mihana yabo baraye bateshejwe n’umwuzurira. Aho vyakunze bakinjira, amakaye, impuzu, amamatera basohokanye hanze kwanikira kuko vyaraye bijovye. Abana bamwebamwe baraye bashikiriwe n’amazi basivye ku mashure kuko babuze ibikoresho batwara kwigiramwo.

Amissi Minani, ni umutama w’imyaka 65. Uwu ni umwe mu baraye babomoreweko inzu n’umwuzurira. Eka mbere n’umwana wiwe yamuzindukanye kwa muganga kubera ko yaraye akomeretse ku kuguru ariko arahungira mu babanyi igihe yabona ko inzu iriko irarengerwa. Uyu mutama yaraye hejuru ku kabati kubera amazi, avuga ko intandaro ya vyose ari uruzi Kinyankonge rugabura Mutakura na Buterere.

Agira ati : « Uwo mwuzurira usesera mu ngo z’abantu uterwa n’uruzi Kinyankonge. Urwo ruzi ruhurirwamwo n’amazi avuye mu misozi aca mu ruzi Gikoma, na Gasenyi rugaca rumanukana inguvu n’imicafu ruhitana mu nzira rwagera ku kiraro kiri kw’ibarabara rigabanya Mutakura na Buterere rugaca rubura aho ruca kubera imiringoti (« buses ») ari mito. Amazi y’urwo ruzi agaca asubirana inyuma inguvu nyishi gutyo akabona kwisuka mu ngo kwonona ibintu vy’abantu ».

None abantu begereye Kinyankonge basaba iki?

«Nta biharage, umuceri canke amakoto twebwe dusaba. Oya. Leta canke abandi babishoboye, nibadukorere uru ruzi Kinyankonge nk’uko bakoze urwa Ntahangwa canke Nyabagere. » Bishikirizwa na Hawa Manda, umukenyezi yaraye hanze kubera ko inzu yari yuzuye amazi gushika ku madirisha.

Eka na Zacharie Nikoyangize na we nyene ari mu bahuye n’uwo mwuzurira, aridoga ko haheze imyaka 10 urwo ruzi bavuga ko bagomba kurukora. Ariko gushika ubu rubandanya rwonona ibintu abantu barorera. Uwu rero agasaba ko ico kiraro kitareka amazi avuye mu misozi ngo arengane, cosanurwa. Bakacagura cane. Umuserege uzananamwo amazi bakawagura kugira ntube ukirengerwa, hama abajejwe intwaro bagaca bama bahimirije abantu kuguma bahakora neza bakuramwo ivyotuma haziba.

Pascal Sinyobewe, umukuru wa Karitiye Buterere II A, avuga ko bama bashikirije mu babakuriye ikibazo c’uruzi Kinyankonge. Mbere anamenyesha ko bari bafise icizere c’uko igihe hubakwa uruzi Gasenyi ruca mu Carama, bari bazi ko na Buterere yari guhava ishikirwa, ariko siko vyagenze. N’ubu rero ntararambirwa ngo abandanya amenyesha ico kibazo mu bamukuriye mu ntwaro. Ariko mu kurindira, imiringoti itwara amazi ya Regideso yaraye yononekaye, abo muri Regideso baje kuyisanura.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top