Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

« Iyarara ryo ku Buterere rirakwiye kujanwa kure y’igisagara, kuko abana bo mw’ibarabara baza baryisunga »

©Jimbere | Uko umwaka utashe, igenekerezo rya 16 Ruheshi hama hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana w’umunyafirika

Mu Buterere, zone iri mu gisagara ca Bujumbura, hibonekeza igitigiri kinini c’abana bo mw’ibarabara kubera utwo batoratora mw’iyarara riri muri iyo zone. Niyo mpamvu abana ba ntahonikora, abatawe n’abavyeyi eka n’impfuvyi basangwa muri ico kibanza kuko ari co bwirukiro barondereramwo icorirenza. Kubw’ivyo, ico kibanza cagenywe ngo gihimbarizwemwo umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana w’umunyafirika ku civugo: “Dushire imbere na ntaryo agateka k’abana mu gufasha abatishoboye na canecane abashikiwe n’ivyago bitandukanye”.

Kugira umuntu atahure igituma ico gikorwa cabereye mu Buterere, Me. Prime Mbarubukeye aserukira imbere y’amategeko « ONLCT Où est ton frère » yarerekanye ingene igisagara ca Bujumbura ari co kiza imbere mu miji y’i Burundi irwiriyemwo abana bo mw’ibarara. Abo na bo bakaba baza bisunga iyarara ryo ku Buterere: imiryango irenga 507 n’abana bahatoratora ivyo bahataye barenga 1.520. Prime ati: « Iryo yarara ryo ku Buterere rirakwiye kujanwa kure y’igisagara, kandi aho ryoja hose rigakingirwa, abana bo mwibarabara bagafashwa kwiga no kuvuzwa bakavuzwa ».

Nico gituma rero umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana w’umunyafirika wahimbarijwe mu kigo c’ishure Don Bosco kiri ku Buterere kuri uwu wa 18 Ruheshi mu gisagara ca Bujumbura. Abana bose bo ku mashure ari muri iyo zoni bari basidukanye n’iyonka baherekejwe n’abarezi babo eka mbere hari n’abavyeyi bari bahishikiye baje gushigikira abana babo.
Kuva igihe c’isaha zitatu abana baguma bacanacanako bambaye umwambaro w’ishure eka mbere hari n’abarengejeko udupira twanditseko amajambo ahuriranye n’icivugo cahariwe uwo munsi mukuru. Umunezero wari wose mu maso yabo bana ku buryo vyaboneka ko uwo munsi mukuru ari uwabo vyukuri.

Mu kurindira ibirori nyezina, abatimbo b’ingoma z’iwacu baguma bazinihisha, aba DJ na bo ntibatanzwe mu kurekura ingoma za B.face, umwana wese yari aho yagaragaza umunezero uko avyumva. 11h 47 ni ho abakuru bahavyagira.

©Jimbere | Umushikiranganji w’Agateka ka zina muntu, Imibano n’Iterambere Ridakumira Martin Nivyabandi ari kumwe n’umushikiranganji w’Indero, umukuru w’igisaga ca Bujumbura, hamwe n’uwuserukira ishirahamwe ryitaho ibibondo Unicef ni bo buguruye ibirori mu guhungabanisha ibendera ry’Uburundi

Kubera iki uyo munsi ?

“Ntakabura imvo” ni ko abarundi bavuga. Martin Nivyabandi yabanje kwibutsa icatumye uwo munsi ushingwa. Ati « Hari mu 1976 igenekerezo rya 16 ruheshi i Soweto, muri Afirika y’epfo, abana amajana bishwe n’intwaro y’ivanguramoko bariko baragira imyiyerekano basaba uburenganzira bwo kwigishwa mu rurimi bavuga ».
Ubumwe bw’ibihugu vya Afrika bukaba bwaciye bwiyumvira gushiraho umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka k’umwana w’umunyafirika kuko bari bamaze kubona ko nya gateka katubahirijwe.
Mu 1991, igenekerezo rya 16 Ruheshi, akaba ari ho uwo munsi washingwa kugira baze baribuka abo bana bazize uburenganzira bwabo. Ariko yamenyesheje kandi ko ari n’akaryo keza ku bihugu vya Afrika vy’ukwicara bikarimbura ibijanye n’agateka n’uburenganzira bw’umwana.

Jeremy Hopkins, aserukira ishirahamwe ryitaho ineza y’ibibondo Unicef mw’ijambo ryiwe yavuze ko Uburundi ari igihugu kirwiriyemwo abana, arico gituma Unicef yiyemeje gushigikira abana gushika ibonye neza ko agateka kabo kubahirijwe, « haba mu kwiga, mu kwivuza, no kwandikwa mu bitabo vyo muri komine ».

Ni ibiki biriko birakorwa mu gukingira agateka k’umwana ?

Umushikiranganji Martin Nivyabandi ati: « Reta yarihaye umugambi wo kuvuza abana ku buntu, kubigisha ku buntu, kubandikisha kw’ikomine, gukurwa mw’ibarabara bagasubizwa mu miryango yabo… » Yongerako ati: « Abana barenga 3.500 hamwe n’abakuze basegereza bababa 1.400 baramaze gukurwa mw’ibarabara barasubizwa mu miryango yabo kandi barakurikiranwa bakanafashwa mu minsi yambere. »

Mu ntumbero yo gutuma umugambi wa Reta wubahirizwa, Nivyabandi agira ati: « Gutembereza ikimuga ku mabarabara ugicisha amafaranga birahanwa n’amategeko kandi n’ugufashisha umwana ari kw’ibarabara amafaranga ni ukumuhamagarira kurigumako. Uwufise agatima ko kubafasha azobicisha mu migwi yo gufatana munda, atari ukwo bazohanwa hisunzwe amategeko ». Akaba yasavye abavyeyi ko bokitwararika ibibondo vyabo, bakavyara abo bashoboye kurera, kwambika, kwigisha, kuvuza…

Imirisho y’ingoma niyo yakurikiye iryo jambo, abigeme b’abakongomani bahungiye mu Burundi bakorokerako n’intambo n’indirimbo zo mw’iringara, maze ibirori vyose birangizwa n’utuganuke tugizwe n’amasabuni, umuceri, ibiharage n’isukari Umushikiranganji Martin Nivyabandi yari yazaniye imiryango ireze abana bakuwe kw’iyarara.

 

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top