Jimbere

ikirundi French English
Ijwi ry'Abana

Bamwe mu batwa bo muri zone Buterere ntibagira aho bakika umusaya

Imwe mu miryango y’abatwa baba muri zone Buterere, komine Ntahangwa mu ntara ya Bujumbura, barugarijwe nʹikibazo co kubura aho bakika umusaya. Bakaba bariko baritabariza basaba Reta n’amashirahamwe ko bokwubakirwa nk’abandi bagakira imvura n’imibu ya buri gihe. Ikinyamakuru Jimbere caraganiriye na bamwe muri bo baratubwira ubuzima babayemwo.

Ukihagera wakirwa nʹurutonde rwʹinzu nyinshi zubatse kumwe, zigizwe nʹivyumba bibiri bibiri. Hagati muri zo hakaba utundi tuzu dutoduto twubakishije amarenga tukaba dusakaje ivyatsi. Utabizi wogira ngo ni inzu bubakiye ibitungwa ariko habe namba! Na two nyene tubamwo imiryango igizwe nʹabavyeyi hamwe nʹabana. Muri iki gihe rero imvura yatanguye kurwa, imwe mu miryango y’abatwa ngo irageramiwe kuko amazi yose abasanga aho baryama.

Jean claude Miburo ni umwe muri bo. Agira ati :« Jewe n’umuryango wanje tubayeho nabi cane kuko singira aho nkika umusaya. N’ako nokwita ngo ni inzu nihishamwo ntaho gataniye n’igituru c’inkoko kuko ndryama hamwe n’abana banje. Imvura idutangurirako ikaduhererako. Vyongeye nta n’aho mfise noshobora gutera n’utuboga. Ntunzwe n’ugusegerereza kugira ndabe uko notunga umuryango ».

Ndinzemenshi Jean de Dieu na we nyene ni umutwa aba muri iyo zone, akaba adafise aho aba. Agira ati : « Turi muyabira. N’abatwemerera kutwubakira biherera mu mvugo gusa. Ariko mbabazwa nuko hama haje abakuru kuturaba ariko ata na rimwe barigera bashitsa ico bemeye ». Arongera ati : « Nkanje mfise umugore n’abana bane. Aho mbaye ni umugiraneza yantije ikibanza nubakamwo ariko n’ubwo biri uko mbaye ho nk’umugererwa, kuko yansavye ko buri kwezi nzohora ndamuha uduhera ndonse gushika nkwije umuriyoni, maze ico kibanza kibone kunyegukira. Ariko n’ubwo biri uko mbura uwumfasha kuko narize gukinjika ndafise n’impapuro zivyemeza ariko simfise uwonserukira mu kundonderera akazi komfasha kuriha ideni mbazwa ». Abo batwa bakaba basaba kuronswa uburaro bumeze neza nkuko bagenzi babo baburonkejwe.

Abayobozi babivuga ko iki ?

Nengo Emmanuel, umuyobozi aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ry’abatwa mu Burundi, Uniproba, avuga ko abatwa hari akageso ko kudashima ivyo bakorerwa bafise. Agatanga akarorero k’imiryango 87 yahoze iba ku buterere ahari irimbi. Aba rero haje mu 2003 ishirahamwe ryitwa Apad hamwe na Care international Burundi rirahabakura ribajana bose kububakira mu kigwati Nyarumpanga. Agira ati : « Bose bari bafise aho baba n’aho gutera utuboga. Ariko, baciye batangura guhamagarana ngo bariko barubakirwa batangura kuhuzura bibaza ko na bo bazoca bafatwa kimwe n’abandi, bakibagira ko urutonde rwari rwatanzwe. N’abubakiwe baciye birara mu vyo bari barafashishijwe batangura kubigurisha ».

Mu gihe rero abo batwa bariko basaba kwubakirwa nk’abandi, Nengo amenyesha ko abo bavuga ivyo, ari bamwe mu bagurishije abandi na bo atari ho bahoze baba. Ahubwo nyabuna ngo bosubira iyo baje bava mu miryango yabo akaba ariho basabira ubufasha, kuko iyo bari i no baguma bafatwa nk’abaje kuraba incuti zabo canke nk’abaje guhiga amahera, kumbure nibayaronka canke inkumbu ziheze bazoduga iwabo mu mihana.

Inkuru yatororokanijwe na Gisèle Uwimana, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top