Nta gihe kihaciye tubayagiye ingene muri ino minsi urwaruka rwahagurukiye ibikorwa vyo kwiteza imbere biciye, bamwe mu gukora imbabura ziziganya amakara, abandi ibindi. Uno munsi tubegereje Koperative Cirdi ishinze imizi mu ntara ya Cibitoke. Iyo, ihingura itoni zirenga 6 z’amakara, ku ndwi zikaba zaheze zose. Ntakorwa mu biti. Ahubwo mu micafu. Iyo koperative ikingira ibidukikije, isi ndimwa igahema neza, n’ibinyabuzima bigashikirwa.
« Coopérative d’innovation et de réflexion pour le développement intégré » ni ryo zina ryayo , mu majambo yose. Nk’uko abahurikiye muri iyo koperative basanzwe baba muri iyo ntara nyene babimenyesha, umugambi wa Reta « Ewe Burundi Urambaye » ni wo wabashituye maze biyumvira ko, mu ntumbero yo gukinga ingendo yo guhonya ibiti, borondera ingene bokora ubundi bwoko bw’amakara amashirahamwe n’abanyagihugu bokoresha ariko atava mu biti .
Hari muri Ntwarante 2018 aho iyo koperative yatangura gukora neza yemewe imbere y’amategeko, maze irakura irushirizaho no kugwiza ibisata vyayo : gukora amakara mu micafu ititura isi, gukora ayava mu bishishi vy’umuceri, kwihingurira ingwa, gukora imashini zikatagura ubwatsi bw’ibitungwa zigakoresha umuyagankuba canke amazutu n’ibindi. ku kwezi iyo koperative ikora udukarato 80 kamwe kakajamwo ingwa 150 kakagurwa amafaranga 3.500. Izo mashini mwumva zikorwa na Cirdi, zirirukirwa cane n’aborozi kuko muri Cirdi nyene hari n’umugwi uja ku zikora mu gihe zipfuye).
Indoto za koperative Cirdi
Hamwe n’ivyo bisata vyose vyadondaguwe, koperative Cirdi igerageza kwitanga mu buryo bwose kugira ngo amahangiro yihaye izoyashikeko. Ubwiza n’ubukomezi bw’ivyo iyo koperative ihingura birashimisha cane ingo zo muri Cibitoke n’abandi bamaze kumenya ibikorwa vy’iyo koperative. Engelbert Dusabimana, umuyobozi wayo agira ati : « Igiporisi hamwe n’igisirikare barakunda kugurira ngaha amakara duhingura mu bishishi vy’umuceri. Aho ntitwibagiye ishirahamwe rihingura isima Buceco rishobora kudushorera ku ndwi ku ndwi amatoni 6 y’amakara ». N’uwushaka amakara makeya araronka: ikiro c’amakara yo mu bishishi vy’umuceri kigurwa amafaranga 500 ic’ayakorwa mu micafu ititura isi na co 300Fbu). Ubukomezi bw’ayo makara bifatanije n’ukwo kuntu ari mu bikingira ibidukikije, ni vyo bivugira iyo koperative gutyo abakiriya bakagomwa ibikorwa vyayo, bakisuka.
Urugero rw’amakara n’ingwa Koperative Cirdi ikora, ruba rwinshi canke ruke bivana n’ubwinshi bw’abayitura n’ubw’ivyo bakenera : « Twihaye ihangiro ryo kuronsa abakiriya bacu ivyo bakeneye vyose mu vyo dukora, haba ku butaka bw’Uburundi canke hanze y’igihugu. Dufise intumbero kandi yo gushinga mu zindi ntara ibigo bishamuka kuri iyi koperative. Turakeneye n’isoko mu gihugu ca Congo gisanzwe gihana urubibe n’iyi ntara yacu ya Cibitoke »
Vyose ntivyera…
Bivanye n’uko abakozi bahafise akazi ntakuka baharurwa muri 20 gusa, amamashini ahingura amakara mu bishishi vy’umuceri na yo akaba ari 3 yonyene hamwe n’imwe iyakora mu micafu ititura isi, ntivyorohera koperative Cirdi kugwiza amakara kiretse ironse izindi mashini.
Hejuru y’ivyo, iyo koperative iracahanga amaso izuba kugira ngo ryumishe amakara n’ingwa iba yahinguye mu gihe imashini zagenewe kwumisha ibitose zihari ku masoko. « Bidutwara uburyo bwinshi kugira ngo dushobore kuronka amakara yumye n’umuyagankuba urimwo. Ntivyoroshe na mba kwigurira izindi mashini nk’uko twavyipfuza. Ibi bikaba bimwe mu bicumbagiza ibikorwa vya koperative yacu ».
Mwavyiyumviye, intambamyi ya koperative Cirdi, ni uburyo buke. « Mu vy’ukuri twipfuza kwongereza abakozi ahanini urwaruka, nako ni na ryo hangiro ryacu rituri ku mutima. Ariko rero turi bubigenze dute ko hari n’aho bitugora gukwiza ivyo abakiriya bacu bakomakomeye baba badusavye nk’iyo batabanje kuduha avansi » ? Amabanki yoshigikira iyo koperative mu kuyironsa ingurane yoba ifashije bikomeye.
Igisomwa cashizwe mu Kirundi na Révérien Niyorugira
Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi « Tuyage » ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu




