Jimbere

ikirundi French English
IMICOKAMA

Impamvu ikirori ca Miss Ngozi Kugasaka 2020 kiriko kiravugwako vyinshi

Ihiganwa ryabaye kur’uwu wa gatandatu i Ngozi ryasozerewe n’itangwa ry’ubushimwe butandukanye bwatanzwe na BBCI na Finbank buriko buravugisha benshi.

Umwe mu batowe muri iryo higanwa ryabaye kuri uwu wa 1 Myandagaro, avuga atarya umunwa. Ati : « Ubushimwe baduhaye buri munsi cane y’amahera twakoresheje mu kwitegurira iryo higanwa. Ushima n’ama hoteri bari bemeye ko bazoturihira twashitseyo batubwira ko twimenya indwi yose. Aho ntiduharuye amahera twakoresheje mu gusaba abantu badutore kuko uwubwiye yagusaba ama mega. Natwe twayabagurira twiteze ko tuzoyagaruza mu bushimwe. Gushika naho uwa make-up n’uwutwambika babatwimye, tuza gusigana hagati yacu. »

Miss Popularity yaronse 100.000 Fbu ni we ariko aravugisha abantu benshi. Bamwe bati : « Biteye ubwoba n’agahinda kubona ibanki izwi nka Finbank itanga agashimwe nk’ako mu gihe tuzi igihagararo cayo. Na « chèque » banditseko ayo mahera ubwayo irarenza agaciro ako gashimwe. »
Abandi bati : « Burya abanyabuhinga (« Artistes ») ni bo batiha agaciro ubwabo. Kuko ugiye gusaba ibanki igufashe, iguha amahera iravye ico yinjiza, kuko n’umudandaza akeneye kwunguka mu vyo arangura. »

Blaise-Pascal Nshimirimana, arongoye ishirahamwe « Panda Entertaimnent », agomba gusigura igituma hatanzwe amafaranga make kuri Miss popularity, agira ati : « Ni bishasha, Miss popularity nta gashimwe yahora ahabwa. » Na yo kw’ihiganwa ryose, amenyesha ati : « Ikimbabaje, ni uko abo bose bariko baravuga menshi kw’iyo banki no kw’ihiganwa muri rusangi ata n’umwe yigeze atanga n’urumeya. Ayo twatanze (1.100.000 Fbu) ni yo yashoboye kuboneka. »

Ivyo biri uko mu gihe Boris-Evrard Mucowintore, amenyerewe mu vyo gufasha mu gutegura ibirori, wewe avuga ko yamaze kwegeranya amahera arenga imiriyoni 3 yo guha ubundi bushimwe abo bigeme baraye batowe i Ngozi. « Naronse ingabire y’1.500.000 Fbu yo guha abo bigeme 3 batsinze iryo higanwa […] Naronse n’iyindi ngabire y’2.000.000 Fbu, ariko uwayitanze yambwiye ko ndayaha Miss popularity. »
Ntibigiye kworoha.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top