Ku wa 3 Mukakaro 2020, Ubushikiranganji bw’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije bwaratunganganije inama yahuje abakozi bose, i Gitega, mu ntumbero yo kugira umwirimburo w’ivyaranguwe kuva mu mwaka wa 2015 gushika mu 2020, ndetse n’ukuyaga ibijanye n’ingendo umukozi wese yokwisunga mu kiringo c’imyaka 7 iri imbere.
Umushikiranganji Déo Guide Rurema, imbere y’abakozi arongoye, ati : « Akazi k’uburimyi n’ubworozi gakorerwa ku rubuga, umuntu akaja mu biro agiye kwandika icegeranyo, n’imigambi mishasha. Umuhinga mu burimyi n’ubworozi adakoresha ivyo yize arahomvya igihugu. Umugoronome atarima canke ngo yorore aba ari umubeshi. Umwigisha w’indimo atarima canke ngo yorore kijambere mu bwatsi iwe ntabereye kubandanya yiyita umuhinga. Tuve hasi dukore, tuve mu majamo tuje mu bikorwa, umwe wese atange intererano yiwe … Abarundi barakeneye urufatiro, icitegererezo : wewe warimye ahangana gute, wimbuye ibingana gute, ugeze ku bitungwa bingahe woroye, bikumariye iki wewe n’ababanyi bawe, wateye ibiti bingana gute, biri hehe ? Umuhinga wese abwirizwa kuba ashobora kwishura ivyo bibazo. »
Naho biri uko intambamyi ntizibuze …
Lazard Nsaguye, umuyobozi mukuru ajejwe abakozi mu bushikiranganji, amenyesha ko kuba abafundi bajejwe gukurikirana abarimyi n’aborozi batagira uburyo bwo kwiyunguruza vyatumye badashikira abarimyi n’aborozi nk’uko bisabwa mu ntumbero yo kwongereza umwimbu biboneka.
Abandanya amenyesha ko abafundi bo mu makomine benshi batagira inyubakwa bashobora gutunganirizamwo ivyegeranyo, abandi nta bikoresho vy’akazi bafise. Lazard akaba atibagiye gushikiriza n’ikibazo c’abakozi badakwiye mu bisata bitandukanye vy’ubwo bushikiranganji.
Umwimbu w’uburimyi n’ubworozi wigwije kabiri
Incamake y’ivyashikirijwe mur’iyo nama : « Kuva mu mwaka wa 2015 gushika mu 2020 umwimbu w’uburimyi n’ubworozi wigwije kabiri mbere gatatu nko ku muceri, ku biharage, ku bigori no kubiraya : vyaturutse ku nguvu zashizwe hamwe, kuja inama n’ingingo, kuronsa ifumbire abarimyi n’ibindi bikorwa vyukwitanga bidasanzwe vyagiye birarangurwa. »
Umushikiranganji akaba yaboneyeho gukangurira abarundi bose gusidukana n’iyonka bakaja ku bikorwa, abahora bishinga guta umwanya ku marigara bafate isuka abandi borore, nakare ngo ba sogokuru barayamaze ngo : « Uwutarima ntamira » kandi ngo : « Uwushaka umubira abira akuye ».




