Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

Bishasha tuzi ku rudandaza Uburundi bugirana n’ibindi bihugu

Inzahabu ziza kw’isonga mu bidandazwa Uburundi bushorera hanze, ku rugero rw’ibice birenga 50% mu gihe ivyinjizwa mu gihugu vyo vyiganziwe n’ibitoro ku bice 19,7%. Umugabane wa Aziya ni wo uri imbere y’iyindi muri ico gisata c’uguhanahana ibidandazwa (ibice birenga 60% vy’ibicuruzwa Uburundi bushorera hanze bija muri uwo mugabane, 52,5% vy’ivyo bwinjiza bikava muri Aziya nyene).

Kuva mu mwaka wa 2016, ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR kigenda gishira ahabona icegeranyo c’ibiharuro mfatakibanza, cerekana ingene Uburundi bwagiye burahana ibidandazwa n’ibindi bihugu vyo kw’isi. Hano twihweza ibiharuro vyatanzwe mu cegeranyo c’igice ca kabiri c’umwaka wa 2019.

Ihanahanwa ry’ibidandazwa hagati y’Uburundi n’ibindi bihugu

Mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2019, ibidandazwa vyashorewe hanze y’igihugu vyari biciye imiriyaridi 99,1 z’amarundi.  Vyose hamwe birenga ibice 80% : inzahabu ziza imbere y’ibindi bidandazwa ku bice 51,9%, hagakurikira ikawa (16,0%), hanyuma icayi (12,4%), hisunzwe agaciro k’ivyajabukanwe muri rusangi.

Muri ico gice c’uwo mwaka nyene, ibidandazwa vyinjijwe vyari bifise agaciro k’imiriyaridi 368,5 z’amarundi. Ibitoro bikaba ari vyo vyinjijwe cane ku bice 19,7%, hakurikira imiti (4,5%), imiduga yo gutemberamwo 4,3 % hamwe rero n’ibinyantete 4,1%, hisunzwe agaciro k’ivyinjijwe mu Burundi muri ico kiringo.

Ibihugu biza imbere y’ibindi mw’ihanahanwa ry’ibidandazwa n’Uburundi

Mu bihugu vyunze ubumwe vy’abarabu ni ho Uburundi bushorera cane ibidandazwa vyabwo ku bice 52,2%, hagakurikira Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo ku bice 9,1%, Pakistan (6,2%), Suisse (5,7%), Singapour (3,9%). Kuvyerekeye iyinjizwa ry’ibidandazwa naho dusanga ibihugu 4 vyo ku mugabane wa Aziya biza kw’isonga : Arabiya Sawudite (14,5%), Ubushinwa (13,45%), Ubuhindi (8,8%), umugwi w’ibihugu vyunze ubumwe vy’abarabu (8,5%), urudandaza rurenga ibice 45%. Ku mugabane wa Afirika  igihugu ca Kenya (5,9%) hamwe na  Tanzaniya (5,5%) bikaba ari vyo bikurikira ivyo bihugu vyo ku mugabane wa Aziya, ku bice 11,5% hisunzwe agaciro k’ibidandazwa vyinjijwe.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top