Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

« Inyigisho zahawe abanyeshure mu kwikingira Ebola zabaye nkenerwa mu kwirinda n’ibindi biza »

Kuva aho ikiza c’indwara ya Ebola kivugiwe cane ko kiriko kiriha inkumbi muri Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo, Uburundi, na canecane intara zihana urubibe na Congo zaciye ziba maso maze zitangura kwigisha abantu ibiranga iyo ndwara n’uburyo bwo kuyirinda, ndetse n’ibindi biza vyokwaduka inyuma ya Ebola. Muri urwo rugamba rero, n’abanyeshure ntibasigaye inyuma.

Kuri Ecofo Rugombo I na III uhageze, umunyeshure wese wobaza ati Ebola ni iki? Azokubwira adakekeranya ko Ebola ari umugera w’indwara wandukira ningoga kandi wica mu mwanya muto. Abo banyeshure bo kw’ayo mashure baremeza ko hari abigisha babigishije ibiranga uwo mugera mbere bakaba banishimira ko babimenye.

Dorcas Ntiyatwibagiye umwana w’umwigeme w’imyaka 12 ubu yiga mu mwaka wa 5, ku bijanye n’ibimenyetso biranga uwo mugera w’indwara ya Ebola, abizi ku mutwe. Agira ati: « Uwo mugera urangwa n’ubushuhe,ukumeneka umutwe, ugucika intege, kuribwa no kutagira inguvu mu mitsi,guhurirwa ku mubiri, iseseme no kuyorwa, ugucibwamwo, kuva amaraso ahari intoboro zose z’umubiri».

Ivyokorwa mu kwirindira Ebola n’izindi ngwara

Ndayegamiye Jonas umunyeshure wo kuri ecofo Rugombo III avuga ko bigishijwe ko iyo umuntu agaragaje ibimenyetso vy’indwara ya Ebola imbere yo gushikanwa kw’ivuriro abanza kwitura abantu bahawe inyigisho zerekeye Ebola, n’ibindi biza, agataramurwa agashirwa ahawenyene, hama bakabona ku mujana mu bitaro vyagenewe kwakira abo bagwayi kugira akurikiranwe mu kuvugwa n’abaganga babinonosoye.

Irishura Samson wo kuri Ecofo Rugombo I agira ati: « Kwirinda uwo mugera wa Ebola ni ugutaramura umuntu yoba agaragaza ibimenyetso vy’uwo mugera, agashirwa ahawenyene, gukaraba buri mwanya canecane iyo uhejeje kuyorwa canke iyo uvuye mu bwiherero».

Eddi wo kuri iryo shure nyene, avuga ko mu vyo bokwirinda kandi harimwo kudakora canke kutiramba ivyavuye mu mubiri w’uwiketswe ari nk’amasobwe,umwanda mukuru, ibiyorwe,amate, intuguta, amaberebere n’ibindi. Uwo munyeshure yongera akavuga kandi ko bokwirinda ibikoresho vyose vyoba vyakoreshejwe n’uwugwaye canke uwikekwako ivyo bimenyetso ari nk’ishuka,impuzu, ubwiherero bwakoreshejwe n’uwufise ibimenyetso vyawo,…

Wizeyimana Salif wo kuri Ecofo Rugombo III na we yongera ko kizira kikazirizwa kwegera ibikoko vyanduye yaba ivyapfuye canke ibikomeye canke ko umuntu yokora kuvyavuye kuri ivyo bikoko. Muri vyo, akaba adondagura inguge, inkende, uduhungarema, ibinyogoto,ingeregere, ingurube n’ibindi.

Mu gihe ikindi kiza giherutse kwaduka arico korona virisi kigisibije kw’isi yose, ico kiza kije gisange urwo rwaruka rufise ubumenyi buhagije kubijanye no kwirinda ibiza, na cane cane Ebola, narirya uburyo bwo kuyikingira budatandukanye cane n’ubwa Ebola, aho ihimirizwa rinini rihagaze mu gukaraba kenshi mu ntoke, no mu kwirinda gukoranako canke kwegerana.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top