Igihe cose iyo ikiza cadutse, cama giherekezwa n’ibihuha vyinshi, abigira abahinga ntibabura, nayo abigisha ukabasanga hose. Uri abavuga ukuri, ababesha, abatwara inkuru ukutari kwo, abanyagihugu bagatekerwa n’ubwoba mbere bamwe bagatekera bagahunga. Haba hageze ko abafise ubumenyi n’amajwi ashika kure bagira ico bakoze.
Kw’igenekerezo ryo ku wa 24 ntwarante, umukuru w’igisagara ca Bujumbura ari kumwe n’abajejwe amagara y’abantu, abaririmvyi, abamenyeshamakuru, abaserukira amashirahamwe, abikorera utwabo n’abandi bakoranye mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’inyifato yobera muri iki gihe ikiza « Coronavirus » kiriko kirasasika inganda mw’isi.
Kuki iyo migwi ?
Ifise amajwi agera kure. Nk’uko umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa yabishikirije, abaririmvyi bakurikiranwa n’abantu benshi bashoboka kandi indirimbo zabo zirarengana zigashika kure hashoboka. Agira ati : « Ari nka hamwe boja hamwe bagakora ururirimbo ruvuga ingene uwo mugera ufata, ibimenyetso n’ivyokorwa mu kuwikingira vyofasha cane ». Ni co kimwe n’insamirizi hamwe n’ibimenyeshamakuru bihamagarirwa kuremesha ibiganiro kenshi gashoboka ku vy’ico kiza ca « Coronavirus ».
« Coronavirus » ntiratorwa mu Burundi ariko nta gusya bwose
Muganga Benjamin Ndagijimana ahamagarira abanyagihugu kwitwararika na ntaryo gukaraba neza n’amazi meza n’isabuni kuko ari bwo buryo bwa mbere bwo kuyirinda. « Hari abakaraba bacunze umuntu ku kigohe, babona aravye hirya bagaca babiheba nk’aho umenga ni umugozi bashizwe mw’izosi.» Abo bakwiye kumenya ko ata neza bishakira, kandi ko ata n’iyo bashakira igihugu.
Muganga Benjamin yibutsa ko umuco w’uguhoberana, indamukanyo y’uguhana amabizu, gukorana mu minwe ari ukubiheba, nyabuna abantu bakimenyereza indamutso y’amahoro, gukozanyako inkokora, gukozanya ko ibirato mu kwikingira n’ugukingira abandi.
Ugomvye gukorora, canke wasamuye wegeranye n’umuntu, bisabwa ko uca umuha umugongo maze umunwa ukawupfukisha ingingo y’ukuboko kugira ntihagire uwo utarukirizako amate.
Kubera iki atari vyiza kwikinga urushi iyo uriko urakorora ?
Muganga Benjamin aratanga umuco : « Iyo ukoroye usanzwe ugwaye umugera wa Coronavirus ukikingiriza ikiganza, uwusiga muri co kuko burya ahanini uca mu mate. Hari aho uheza ugakora ku gikoresho, ukawusigako uwundi yagikorako ukaba uramwandukije. Uca uja kuramukanya n’abantu, ukaba uwubahereje, gutyo gutyo ». Ni yo mpamvu umuntu ahamagarirwa gukaraba kenshi gashoboka n’amazi meza n’isabuni, akinyukura neza, akoza inzara, ibombo n’inzugi aka vyuguruza inkokora n’amaguru canke na ho agafatisha impapuro ariko ntakoreko.
Tubamenyeshe ko Mairie ya Bujumbura igiye gukoresha umuduga wayo, abarongoye amakomine bakoreshe izo bahawe baje bazunguruka mu makaratiye imiduga yikoreye ivyuma bisamiriza amajwi bigenda vyigisha ivy’ugukaraba n’amazi meza n’isabuni.
Nayo abaririmvyi bari bitavye muri uwo mubonano bahavuye bemeye ko bagiye kuja hamwe batunganye ururirimbo rumenyesha inyifato abanyagihugu bogira muri ibi bihe vya Coronavirus.




