Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

«Ifumbire FOMI imbura yaratanzwe ku rugero rwa 92%»

Umushikiranganji w’ibidukikije uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema amenyesha ko muri rusangi ifumbire yo mu bwoko bwa «imbura», «totahaza» na «bagara» imaze gushikanwa mu banyagihugu ku rugero rw’ibice 81,2%. Na yo imbura gusa, ari nayo ikenewe muri iki gihe c’irima ry’impeshi imaze gushikanwa mu banyagihugu ku rugero rw’ibice 92%.

Kuri uwu wa kane igenekerezo rya 5 ntwarante 2020, umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi mu Burundi Déo Guide Rurema yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubeshuza urukurukuru abantu birirwa barakwiragiza rutari rwo ruvuga ko ifumbire ya FOMI yabuze itagitangwa.

Umushiranganji ahejeje gutanga ibiharuro vy’ingene ifumbire yatanzwe yaciye asaba abarimyi bamaze kuyironka mugabo bataratera imbuto ko bokwihuta kugira ntibarare umwaka. Anahumuriza abarimyi batarayironka kandi barayisavye ko igiye kubashikira vuba kuko ubushikiranganji buguma bubikurikirana.

Déo Guide Rurema yamenyesheje ko no mu ntara zirimwo abarimyi b’umuceri nka Bubanza, Kayanza na Ngozi ko hariko harajanwayo ifumbire yo mu bwoko bwa «totahaza» na «bagara» kuko ari yo bakeneye cane kugira bayishire mu miceri yabo gutyo ibandanye gutotahara.

Ifumbire itangwa iranyuruzwa

Uyo mushikiranganji avuga ko hari imigwi y’abantu bashaka gufata inyungu zabo bakaziteranya n’ingorane z’abarimyi kugira babungukeko umurengera. Agira ati: « Hari abaja imbere y’abanyagihugu bagakoka ngo ni bakome induru ko ifumbire itabashikiriye kugira ibe inzira yo kuyinyuruza. Abo rero usanga ari abadandaza bahenda abarimyi bakabaka udupapuro «amavocha» batorerako ifumbire hama bakabahendesha 1000fbu, bagaca banabasaba amakarangamuntu yabo kugira abe ari bo baja kwitorera iyo fumbire bakayinyururiza mu mazu yabo.  Iyo fumbire ni yo bagaruka bakagurisha ku mafaranga y’umurengera aho agafuko ka 25kg kava ku 29000fbu kagatangwa ku 60000fbu mbere hari n’aho gashika ku 120000fbu».

Déo Guide Rurema yanamenyesheje ko mu karere Uburundi buherereyemwo ata gihugu na kimwe gitanga ifumbire izimbutse nk’iyiva mu Burundi. Kandi ngo ni ifumbire y’akanovera mbere inafasha kubungabunga ibidukikije. Kubw’ivyo ngo hari abadandaza bo mu ntara ya Muyinga, Rutana na Ruyigi begeranya iyo fumbire kugira bayigurishe mw’ijoro bongera bayijabukana imbibe z’igihugu c’Uburundi mu buryo butemewe n’amategeko. Umushikiranganji ati: «Bafashwe bazohanwa vy’akarorero hisunzwe amategeko abigenga».

Uyo mushikiranganji rero kubera ko yemeza ko ifumbire ihari kandi iriko iratangwa, amenyesha ko bagiye kuyikurikirana kugira bamenye nimba ifumbire iri mu mirima canke iri mu mazu y’abantu. Akamenyesha ko, ifumbire ifashwe ic’ihabwa abanyagihugu bari aho hama abafashwe bagaca bashengezwa.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top