Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

«Niwaba udashorwa, umwavu uhingurirwa mu Burundi wijukiwe n’abarimyi»

Mu gihe ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi buheruka gukwiragiza ya fumbire ihingurirwa mu gihugu c’Uburundi yo mu bwoko bwa Fomi,  ishwagara yo mu mirima, imiti  yica udukoko tubangamira imirima mu ntara zose z’igihugu, haracibonekeza abanyagihugu benshi bakiyirondera. Ivyo rero ngo bikaba bishimisha ubushikiranganji kuko vyerekana ko bijukiye kuyikoresha, nibaba batayigurisha mu mpisho.

Vyashikirijwe na Emmanuel Ndoricimpa, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi  mu kiganiro yahereye abamenyeshamakuru mu nyubakwa yabwo kuri uwu wa 22 gitugutu.

 Nk’uko uwo munyamabanga yabishikirije, ibiharuro vyari vyatanzwe n’ibiro bijejwe kwegeranya amafaranga y’abanyagihugu VIETTEL na FENACOB vyari amatoni 23700 Gushika kw’igenekerezo rya 14 gitugutu, umwaka wa 2019.  Inyuma y’indwi imwe gusa, bigeze ku matoni 24200.

 Yabandanije amenyesha ko ifumbire ingana amatoni 19580 iza yaramaze gushikira abanyagihugu. Gushika kuri uwu wa 22 ayandi matoni 7000 akaba ariko arashirwa ku ntara ku ntara mbere akazohava ashikanwa no mu mazone. Ubu muri kino gihe hakaba hamaze gusohoka amatoni 26580.

Amakenga yo ngo ntabuze…

Bufatiye k’ukuntu umurindi w’abasaba ifumbire utera wiyongera muri iki gihe,  ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi burafise amakenga ko ifumbire iriko irasabwa itoba iriko irakoreshwa yose mu mirima muri iki gihe c’irima. Vyongeye, ngo ubushikiranganji bufatiye ku biharuro bwari bwategekanije, burabona ko ifumbire  yari yasabwe irenga cane.

Kubera ivyo…

Ubushikiranganji bumenyesha ko bugiye gukurikiranira hafi kandi ivy’iyo fumbire kugira ngo burabe ko iriko iratorwa ica ija gukoreshwa mu mirima koko, nk’uko biba biri mu ntegekanyo. Bugasaba abajejwe intwaro n’umutekano ko bofasha muri ico gikorwa ndetse bakanaraba ko ata fumbire yoba iriko iradandazwa mu masoko, haba mu gihugu hagati canke hanze.

Mwokwibuka ko kw’igenekerezo rya 12 nyakanga umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema yari  yatanze ikiganiro aho yamenyesha abarimyi ko Reta y’Uburundi, ibicishije muri ubwo bushikiranganji nyene yipanze neza ku vyerekeranye n’imyavu, aho yamenyesha ko  hari amatoni 27000 ku 21000 yasabwe n’abanyagihugu, mbere n’ibiciro vy’imyavu  bigabanurwa ibiciro uku gukurikira: agafuko k’ibiro 25 k’umwavu Fomi- imbura, kavuye ku mafaranga 42695 kaja ku 29000, Fomi-Totahaza ikurwa  ku mafaranga 38500 ishirwa ku 26000, Fomi-Bagara iva ku 38800 ija ku 26500 nayo umufuko w’ibiro 50 w’ishwagara ikoreshwa mu burimyi uva ku 11500 uja ku 5000.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top