Amatoni y’ifumbire 22.122 hamwe n’ishwagara ingana n’amatoni 8.506 ni vyo vyategekanijwe guhabwa abarimyi mw’irima ry’impeshi ya 2021. Haracaguwe abagwizambuto mu gihugu cose mbere hakaba hariko harashigwaho ibigo vy’iratiro vy’uburimyi n’ubworozi mu ntumbero yo kugwiza umwimbu gutyo abenegihugu bagume baronka ivyo bafungura.
Hari kuri uwu wa 8 Ruhuhuma 2021, mu gisagara ca Bujumbura neza na neza mu nyubakwa z’umugambi ACCES (Adaptation au Changement Climatique pour la protection des ressources en Eau et Sol) aho Umushikiranganji w’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije, Déo Guide Rurema yamenyeshereje ibiriko birakorwa mu ntumbero yo kugwiza umwimbu w’impeshi ya 2021.
Bimwe mu biriko birakorwa mu ntumbero yo kugwiza umwimbu, harimwo gushikiriza ifumbire n’ishwagara abarimyi n’imbuto zirobanuye ku rugero rushimishije. Rero, Umushikiranganji Déo Guide Rurema amenyesha ko kugeza ubu, amatoni 22.122 y’ifumbire hamwe n’ishwagara ingana n’amatoni 8.506 ari vyo vyategekanijwe guhabwa abarimyi, aba na bo bakaba bamaze kuriha avansi. Mu gihugu cose, ifumbire imaze kurihwa avansi kandi imaze gushika hagati mu gihugu igera ku rugero rw’ibice 77,93%, ishwagara yo mu mirima na yo imaze kurihwa avansi ibice 134,47%.
Bite ho ku bijanye n’imbuto?
Mu gukinga ubukene bw’imbuto bwama bwibonekeje, Ubushikiranganji bw’uburimyi, Ubworozi n’ibidukikije, bwarasavye abarimyi bipfuza kugwiza imbuto kwiyandikisha mu biro bijejwe uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije mu ntara. Ivyo rero bikaba vyarakozwe mbere haranamenyekana n’abagwizambuto bo mu gihugu cose.
Ubu hari abagwizambuto bo ku rugero rwa mbere (semences de prébase). Izo mbuto zigwizwa n’ikigo Isabu. Ariko ico kigo kirashobora kwitorera abo babikorana baravye amatongo n’uburyo bw’amafaranga bafise. Hariho kandi abagwizambuto bo ku rugero rwa kabiri (semences de base) izo na zo zigwizwa n’abagwizambuto babimenyereye, bafise n’imiburiburi ihegitari 17,5 bagwizirizamwo ibiraya, n’ihegitari 2 bagwizirizamwo ibindi biterwa. izo mbuto bakazihabwa n’ikigo Isabu. Abazozigwiza mu gihugu cose bagera 84 ku mbuto z’ibiraya, 191 ku biharage, 300 ku bigori, 25 ku muceri, 21 kw’isoya, 19 ku ngano.
Abagwiza mbuto bo ku rugero rwa gatatu (semences certifiées) abemererwa baba bafise n’imiburiburi amahegitari agera kuri 5 bateramwo ibiraya n’ihegitari 2 bateramwo ibindi biterwa. Aba imbuto bazihabwa n’abagwizambuto bo ku rugero rwa kabiri. Mu gihugu cose bangana na 255 ku biraya, 493 ku biharage, 405 ku bigori, 18 ku muceri, 18 kw’isoya na 30 ku ngano.
Hariko harashigwaho ibigo vy’akarorero vy’uburimyi n’ubworozi
Umushikiranganji Déo Guide Rurema amenyesha ko bashaka kugira ibigo vy’iratiro vy’uburimyi n’ubworozi mu gihugu cose. Kuva mw’irima ry’agatasi ka 2020 harashizweho ibigo vy’iratiro 144. Muri ivyo, bikurubikuru bikaba ari ibi: Mutaho kiri i Gitega, Kimeza mu Kirundo, Kajondi i Bururi, Gifurwe i Bubanza, Kinzingwe mu ntara ya Bujumbura, Nyakagunda na Nyarure mu ntara ya Cibitoke. Ivyo bigo vy’iratiro nko mu ntara aba ari umurima utari musi y’ihegitari 10. Ku mitumba na ho uba ari umurima uri hagati y’ihegitari 2 na 5. Iyo mirima rero iba ikorerwamwo n’umuntu ku gatwe kiwe canke ugakorerwamwo n’amakoperative. Iyo mirima rero irashobora kuba minini cane kuko nko mu Kizingwe ni umurima urenza amahegitari 100, i Nyakagunda na ho harenza amahegitari 1446. Iyo ari hanini hagaburirwa amakoperative. Abakorera rero muri ivyo bigo canke mu makoperative bararonswa vyoroshe vyangobwa bakenera hamwe n’ubuhinga bwo kuyitunganya neza.
Muri iyo ntumbero nyene, Déo Guide Rurema amenyesha ko amatongo afise uburinganire bwa hegitari zababa 670 aheruka kugarurwa mu minwe ya Reta, azoca aba ibigo vy’iratiro vy’uburimyi n’ubworozi, bizokorerwamwo n’amakoperative yo ku mitumba, ayo na yo akazokurikiranwa n’Ubushikiranganji bw’Uburimyi, Ubworo n’Ibidukikije.




