Jimbere

ikirundi French English
Jimbere Mukenyezi

Sugi, umwigeme atunzwe n’akazi k’ubu « taxi-vélo » i Bujumbura

Amazina yiwe akaba ari Nkorerimana Claudine batazira Sugi ni umwigeme akora akazi k’ubu« taxi-vélo» gasanzwe katamenyerewe cane ku bakobwa kuko gasaba inguvu nyinshi. Ariko n’ubwo biri uko avuga ko ata kazi na kamwe abakobwa batokora bavyishakiye kuko na bo inguvu bazifise.

Uyo mwigeme akorera ubu «taxi-vélo» ku Buterere, ku mbuga (aho bahagarika amakinga) yo mu Kiyange, neza na neza ahitwa ku Vyamwa. Kuri iyo mbuga, n’umwana waho aramuzi kuko ashaka kuguma ahamagara izina rya Sugi, nkeka iryo zina ryiwe bararikunze. Umubajije na we igituma yitwa iryo zina akubwira ko ari kubera ata muhungu aha akanya ngo amwinjirire. Abagabo ngo nta berekwa kuko « agwana no kurondera ifaranga ».

Sugi rero twamusanze kw’«irigala» ashwashwanutse. Yiyambariye ikabutura n’«akajire» hejuru y’umupira n’akaradiyo mw’izosi kaguma kadunda imiziki mu kurindira ko aronka abo yunguruza. Ukihashika ntiwopfa kumutandukanya n’abagabo kuko aba aryohewe utoraba.

None vyaje gute ngo Sugi abe umu «taxi-vélo»?

Sugi ni umwigeme w’imyaka 27 y’amavuka. N’ubwo akorera ubunyonzi mu gisagara ca Bujumbura burya ngo asanzwe avuka mu ntara ya Cibitoke, muri komine Mabayi. Uyu murondo agira gatanu mu muryango w’abana indwi ngo yaje mu gisagara ca Bujumbura mu mwaka w’2013 aje gukorera amahera kuko ubuzima iyo avuka bwari bwamucanze.

Nta kabura imvo. Ku kugene Sugi yatanguye kunyonga ikinga agira ati: « Ubunyonzi n’abwigishijwe n’inzigo y’aba bosi nakorera nti bampembe. Kubera ko nari nsanzwe nzi kugendesha ikinga, nagize Imana nkorera umurovyi aca ansaba ngo nze ndamujana kuri Tanganyika. Ndamuvanyeyo naca mba ndicira ayo kurya. Niho natangura kumenyana n’abantu nca ntangura kuja kw’ irigala ryo ku Mutakura. Erega nahavuye nryoherwa mbonye ko nshobora kuronka amahera yiwanje ntarinze kuzera inze. Niho naca nigira inama yo kwimuka maze nihigira ikinga ry’iwanje nza gukorera aha mu Kiyange ».

Sugi arishimira cane ako kazi kiwe kuko yemeza ko kamutunze. Mbere ngo yari amaze kugakuramwo ayandi makinga 2 naho baciye bayamwiba. Anavuga ko kamurihira inzu n’imfungurwa kandi n’abavyeyi abarungikira amavuta, umunyu n’umuceri bakamererwa neza.

N’ubwo akora ako kazi, Sugi arahura n’intambamyi

Sugi avuga ko kubera ari we wenyene akora ako kazi abantu benshi bamenyereye ko ari ak’abagabo, akigatangura ngo yabonwa nk’umusazi. Mbere n’ubu ngo hari abamuhishuka canecane abakobwa bagenziwe bakamubwira ko akazi akora kabasuzuguza ko yari gupfuma ahitamwo ako kudandaza umubiri, «ubumaraya».

Mu kazi kiwe, Sugi avugako ata bagore canke abakobwa bakunda kumuhamagara ngo abunguruze kuko bibaza ko yobanaga hasi. Agira ati: « Abagore barantwenga ngo nakoze ibidakorwa. Abakiriya benshi mfise ni abagabo ». Umugore umwe mu bari aho ni ho yaca abwira mugenziwe ng’impamvu abipakiza ari abagabo ngo n’uko haba harimwo abashaka kugenda baramusaba abacishe ahantu babanze batekere agatabi (bashaka kuvuga yuko bamusaba ku busugi). Nay’ubundi ngo ni ikizira nta mugore aheka uwundi. Oscar umunyonzi mugenzi we, we avuga ko Sugi babanye neza kandi agerageza kutikumira.

Sugi rero avuga ko kubera akazi ko kunyonga agakoze imyaka irenga 4 amaze kuruha. Ubu yipfuza uwo mufashisha « Permis de conduire» kugira yimukire ku moto canke ku muduga. Ariko aranatera akamo abandi bakobwa batinya guhigisha akazi ngo abandi bobatwenga ko bobiheba ahubwo bakiga kwibeshaho bakareka kubaho bateze amaboko.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top