Urumva nyene, ni za nyama, za papayi, ya mavoka, na wa mukeke muzi. Dani-Kasembe, umuhinga-munyamyuga wo mu ntara ya Rumonge abishushanya mw’ibumba akura mu nkaratasi, nabo abanyamero babirabukwa aho biteretse mw’isahani bakamucunga ku kigohe mbere bamwe n’iryinyo bagashinga ko, bagatangazwa n’uko basanze ari ibuye ryibereye aho’o.
Yemwe ngo iyarara ni ryo rimwihera. Dani avuga Ko abamubona kenshi ariko aratoratora amasashe n’ibipapuro bataye, haba mw’ikuburiro canke mu tuguriro, bamutunga intoke babwirana ngo urya ni umusazi, mbere bamwe akumva bavugana ngo karabaye. Ico akora ngo abima amatwi agashishikara kuko aba azi Ko birimwo ubuhiye.
Vyatanguye nk’inzozi…
Dani kasembe agira ati:«Mu mwaka wa 2011, ni ho narota ndiko ndakora inyama n’ivyamwa mu masashe. Kuko narinsanzwe nzi ubuhinga bwo gushushanya ibintu ndabicishije mu nyandiko, maze kwikangura, nibwira nti karubutse, umwuga wa kabiri uravutse kuko vyose biza mu kurota. Ni ho natangura kubishira mu ngiro, mu nyuma ndateba nja hamwe n’abandi tugira ishirahamwe bita «Art in Africa » kugira ngo dushobore gukora vyinshi bishoboka».
???? Kuva kuri uyu wa 11/02 gushika ku wa 14 ruhuhuma, hariko haraba ihayanisha-gurisha kuri Palais des arts, mu gisagara ca #Bujumbura. Abahinga banyamyuga batandukanye bo mu #Burundi barahazanye ivyo bahinguye
— Jimbere (@JimbereMag) February 12, 2020
▶ https://t.co/pL964Ut5zi#artwork #talents pic.twitter.com/4diMGkM3qk
Uko babibumba
Nk’uko Dani–Kasembe abimenyesha, inyuma yo kwegeranya impapuro n’ibikaratokarato barabibombeka bakabimaza nk’indwi 2 canke zirenga gato bariko barondera ico bo bita «ibumba». Ivyo birangiye, baraheza bagasekura rya bumba, bugingo rinoze bakarondera «colle» ikora nk’ishashara mu kumatanya uduce tumwetumwe tw’ivyo yipfuza guhingura, bagakora amagufa, bakayateranya hanyuma bagatanga ishusho y’ikintu. Ivyo birangiye, baraheza bakavyanikira, hakaba intambuko yo kubikuyengeza(kubiseena), bakabisiga irangi bagaheza bakiga ingene hoboneka isoko yavyo.
Intambamyi..
Nubwo Dani-kasembe akunda gukora ibintu vy’ubuhinga busamaza ndetse bugatangaza benshi, avuga ko abura abamufata mu mugongo ngo bamufashe kubishira ahabona ibikorwa vyiwe kugira ngo ashobora kubishora no hanze y’igihugu.
Dani-kasembe amenyesha kandi Ko benshi mu barundi bataramenya agaciro k’ibikorwa vy’abanyamyuga. Agira ati: «Ni koko hari abaza bakavyihweza bikabashimisha ariko hageze kukigura akaguha amahera adashoboka kandi hari aho usanga bitahuritse bivanye n’uburyo bw’abanyagihugu batobato».
Uwo Dani agasaba ko hoba amashirahamwe ashigikira abanyamyuga b’i Burundi kugira ngo impano zabo zishike kure hashoboka kandi zambaye akaranga k’abahinga-banyamyuga b’i Burundi eka n’igihugu kivugangwe kubw’akaranga k’ibikorwa vy’amaboko vy’abarundi.




