Jimbere

ikirundi French English
GUPAGASA

Kuva abadandaza b’ama unités babujijwe gukorera mu mitaka, imyidogo ni yose

Kuva aho umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa afatiye ingingo yo guhagarika urudandaza rw’ama unités rubera mu mitaka muri ico gisagara no hagati mu makaratiye, imyidogo ni myinshi ku bari batunzwe no gukora urwo rudandaza .

Mu Burundi igitigiri kinini c’abakora urudandaza rw’ama unité haba mu muhora wa Econet Wireless, Lumitel, Smart canke Onamob  usanga ari urwaruka mbere benshi bakaba bijukiye ico gikorwa kuva aho ubuzi butanguriye gukena, aho bamwe bagikora barondera ubuzima nk’uko bavyivugira ubona ko cari igikorwa kidasaba umutahe munini kandi benshi bakaba bagikora baciga canke bagiheza amashure.

Igitigiri c’abadandaza ama-unité bakanafasha mu kurungika amafaranga gitera ciyongera: ubu ni 77.000 baharugwa muri urwo rudandaza muri Lumitel. Muri Econet Wireless naho, baharurwa mu 73.000.

 Urwo rudandaza ngo rwabasahiriza cane kuko bamwe batari bakigoza abavyeyi babo akantu ako ari ko kose ahubwo mbere bamwe bavuga ko bashobora gutahana n’amafaranga ashika 10000 ku munsi. None ho ngo : «Bwavunikiyemwo umushoka?»

Bagiye kworoherwa?

Bati : «Aho umworo yanitse ntibwuma». Dismas avuga ko amaze imyaka 3 ahejeje kaminuza y’Uburundi, akaba yaramaze imyaka 3 nyene akora urwo rudandaza. Akagira ati: «Mu bisanzwe twe twabona ko kudandaza ama unité bwari uburyo bumwe mu  bundi bwinshi cane umuntu ashobora gucamwo mu kurondera ubuzima. Ntitwiba kanatsinda nta n’amakosa twagirizwa uretse ko dufasha abatwituye. Twari dukwiye kurekurirwa tukabandanya akazi canke na ho hari ivyo babonye dukora nabi babitubuza ahandi ho ntitworohewe na gato».

 Louis ati: «Ama-inité yari ambeshejeho n’umuryango wanje ntitwari twidoga, ariko kuva aho ingingo isohokeye sinkigira ayo ncira n’ayo mira. Ni aho gusubira ruguru kuragira udutungwa 3 narimaze kugura negere umuryango ntakundi».

Eka n’abagura ama inité ngo ntibarasobanukirwa

«Nahora ngura ama inite aho ngeze hose kandi vyoroshe, mbere mvuye i muhira nta n’amfaranga nahora nirirwa nditwaza kuko nayagendana muri carte sim  nkayatora ku mukozi wa lumicash canke uwa ecocash aho ngeze  ku gutinya abasuma ariko ubu ndabona bizoza birangora kuko nzohora ntonda imirongo nko kuri banki ivyo twari twarabisezereye ». Uwo ni Jean Christophe, umutama wo mu Ngagara.

Mu mihora, agacerere ni kose ….

Ubajije mu mihora yo gutumatumanako amakuru ikorera mu Burundi, ko hari ico boba bariko barakora mu ntumbero yo guherekeza abo bahora badandariza ama inite mu gisagara ca Bujumbura ari nko kwugurura amazu y’idandarizo ry’ama unité azwi kandi yemewe n’amategeko, ntibashima gutanga inkuru .

Muri Econet Wireless, umukozi waho atashimye ko izina ryiwe ryandikwa, amenyesha ko agahombo katabuze kwibonekeza ariko ngo hari ukuntu bariko bariga bazogenzereza abakozi babo nubwo atashimye kuvuga adomyeko urutoke.

Mwomenya ko muri Mairie ya Bujumbura ingingo ikiri ya yindi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top