Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Muri Kaminuza y’Uburundi, bamwe mu banyeshure batanguranye ukujuragirika

Kuri uwu wa 20 nzero, Kaminuza y’Uburundi yakiriye abanyeshure baje gutangura umwaka w’ishure wa 2019-2020. Bamwe muri bo bakaba bariko barajuragirika kubw’utubazo dutandukanye nk’ukutisanga ku ntonde z’ibisata bari barahawe, kuba batumweko batarakwiza impapuro zisabwa, …

Turi ku munsi wa mbere w’ishure. Kuri « Paruwasi » (ikigo ku Mutanga), abanyeshure bashasha bari bitabiriye akamo ko gutangura ivyigwa. Abashika babanza kwiyandikisha kugira binjire mw’ishure. Ariko hari n’abandi basubizwa inyuma kurondera impapuro zibura mu zo bategerezwa kuba bafise kugira bandikwe. Urupapuro abatari bake wasanga badafise ni urwo bita mu kinofunofu : Attestation de réussite à l’Examen d’État.

Ikibazo si ico kudakwiza ibisabwa gusa …

Mu gihe bamwe baba bariko bariyandikisha hari abandi wasanga bariko bandikira amakete umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi (Recteur) kubera ko batisanze ku rutonde rw’abahawe ibisata kandi bari baraje gusaba ivyo bipfuza kwiga bakavyemererwa ndetse bakabaha n’udupapuro twemeza ibisata bihitiyemwo.

Hari uwundi mugwi rero w’abanyeshure basa n’abajumarariwe eka bahagaritse imitima bibaza nimba bazoshobora kwiga ibisata bahitiwemwo kuko ngo basanze ata huriro namba riri hagati y’ivyo bahawe n’ivyo bo ubwabo bari barisabiye. Abo banyeshure rero bakaba bariko barashakisha kumenya iyo baca n’ivyo bokora kugira bashobore guhinduza ibisata bahawe batipfuza.

Hari abo wasanga bize ibisata vy’ubuhinga (Scientifique A canke B) bakiri mu mashure yisumbuye, ariko bakaba basanze babashize mu bisata vy’indimi canke abashizwe mu vy’ubuhinga kandi bo bari bize indimi. Bakabona ko bizobagora cane kwiga. 

Ico babivugako mu buyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi

Kubw’ivyo bibazo vy’abo banyeshure, Paul Hakizimana umuyobozi w’inyigisho za Kaminuza amenyesha ko abo batisanze ku ntonde babwirizwa kwandikira « Recteur » amakete bagafatanyako n’agapapuro bari barahawe kerekana igisata bari bihitiyemwo. Akemeza ko bazoca batunganirizwa. Hama kubatanditswe kubera kubura « Attestation de réussite à l’Examen d’État », uwo muyobozi avuga ko bamaze kubwira abarongoye ibisata muri Kaminuza ko babandika bakabandanya barondera impapuro zibura gahorogahoro bari mw’ishure gushika igenekerezo rya 14 ruhuhuma 2020.

Nayo ku kibazo c’abahawe ibisata batipfuza uwo muyobozi yagize ati : « Vyavanye n’amanota baronse. Nimba hari abaronkejwe ibisata basavye, nuko bari bakwije amanota ahuye na vyo. Hari rero n’abandi basavye ibisata bihabwa ab’amanota menshi kandi bo bafise make. Abo rero bumve ko ibibanza vyuzuye ntitwashobora kubaha ivyo bipfuza. Tuzoraba neza kwatawe twarenganije ».

Mwomenya ko abanyeshure bari bitezwe gutangura uwu mwaka, nkuko vyashikirijwe n’umuyobozi Paul Hakizimana afatiye ku rutonde rw’abari biyandikishije, bashika 4.801. Ariko akavuga ko ico gitigiri gishobora kw’iyongera kubera abo bariko barandika amakete batisanze ku ntonde hamwe n’abandi bataje kwiga umwaka uheze mugabo bakaba bariko barasaba kuza gutangura uwu mwaka.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top