Kubwa Colonel Gishikizo Jean Pierre, président de la commission technique de la FFB « Atari umu étranger bazanye, nawe sinibaza ko ministère des sports ifise uburyo bwo kumuhemba, nta murundi amurusha abuhinga n’ubumenyi mu vya coaching. Je ico nosaba nka commission chargée de recruter les entraineurs nationaux ni uko bomw’entoura n’abandi ba coachs adjoints b’inzobere hama nawe akaba flexible quant à la collaboration ». Ibi yavyishuye igihe yarabajijwe ku cerekeye yuko coach wa équipe nationale azosubirizwa mu gihe amasezerano yiwe ashobora kuba ariko arangira.
Ariko benshi ntibabibona co kimwe na président de la commission technique. Fizzo kuri micro bamubajije akajambo yobwira Mutombola ati « Ndamusavye aveho ». Mugenzi we mu muziki, B-Face ati « Akanse uraheba. Nahe abandi akaryo bipime ». Abandanya avuga ati « abakinyi bacu turazi ko babishoboye, nibarabe coach bamuhindure ». N’umwe mu ba journalistes sportifs bamaze kwubaka izina abibona nkabo bakunzi b’Intamba. « Je iyaba nobaye Alain Olivier Niyungeko, nari kuva muri CAN mpita ndemissiona. Ko yari ahejeje gutwara intamba aho zitari bwigere zishika, n’ubwo ataco zayaze, yarahejeje kwubaka une base solide d’une riche carrière voire même internationale. Je nomuhanura ko yokwiyumvira kuri carrière yiwe yo muri kazoza kubera après le national azovaho ».

Ivyo bivugwa mu gihe haheze igihe kirekire abakunzi b’intamba baja kuri stade intwari bagataha imvumbure nk’abavuye kuragirira ba inarume. Muri 21 matchs officiels za equipe nationale senior ziheruka, Olivier yatsinze 2 gusa, anganya 6 atsindwa 13. Sa défense a encaissé 18 buts et l’attaque a marqué 16 buts dont la moitié contre le Sud Soudan. « L’équipe nationale irageze kugarukirwa. Aho tugeze aho dutsindwa na equipe zitatu za nyuma kuri classement FIFA ? En tout cas iyaba habaho 2ème division y’ibihugu, tuba twarakorotse ». Umwe mu ba fana b’intamba bakumbuye kuva kuri stade bishimye.
« Sur la vision de la FFB, le rendement de Mutombola est positif »
«Mutombola yarashitse ku co twari twamutumye. Icifuzo ca FFB kwari uko dushika muri CAN, ahubwo igisigaye ni uko tutosubira gusiba. Na 2021 ntidusiba kuko turiteguye gutsinda retour ya Centre africa, dutsinde Mauritanie aller-retour hanyuma hariho n’imigambi yo gutsindira Maroc iwabo » Colonel Gishikizo arizeza abarundi ko umunezero abarundi bagize igihe banganya na Gabon, n’ubu bazowubona. « Erega icatumye izi match zibiri ziheruka dutsindwa abakinyi batanu kandi ngenderwako bavunikiye rimwe » continue-t-il de défendre que Mutombola n’a pas échoué.
N’ubwo yadushikanye muri Egypte, Wilson Kwizera, journaliste sportif à la radio culture ati le coach est le responsable du manque de motivation des joueurs « Mu vyatumye tuva muri CAN avec 0 buts et 0 points, ni uko coach atigeze ashobora ku motiva son vestiaire. Bagiyeyo bamaze gushira mu mitwe que l’essentiel est de participer haba kuri coach canke ku bakinyi». Ku bwa fizzo wewe ngo si Coach yadushikanyeyo. « Ce n’est pas le coach qui a qualifié le Burundi. La solidarité et la détermination des joueurs l’ont fait. » ivyo na Mutombola ntiyabihakanye igihe yabazwa la force de l’equipe. Yagize ati « Qualification ya équipe nationale ndayikesha Saïdo Berahino na Gaël Bigirimana, bahise bakomeza ukwizera kw’abakinyi, bituma bakina match imwe imwe nkuko ari iya nyuma. »
« Mutombola ntazi gusoma neza match»
Mu gihe abakunzi b’umupira bavuga ko abakinyi batari bahagaze nabi, baravuga ko ugutsindwa kwa équipe national biva kuri système de jeu du coach iruhisha « Naturellement, le meilleur moyen de se défendre, c’est d’attaquer. Ukuntu équipe ikina izibira bituma défense ihera la 1ere minute jusqu’à la dernière. Conséquence, quoiqu’elle puisse être solide, à un moment, elle finit par craquer. Ni vyo vyama biba ku Ntamba kuko twama dutsindwa mu minota ya nyuma. Ikindi na co ntazi kumenya ryari agira remplacement n’uwo akuramwo ». Analyse un professionnel du football qui a préféré l’anonymat.
Ku cerekeye ko hari abakinyi bari bavunitse, abafana ntibabibona kumwe « N’abakomeye ntashobora kubakinisha kuko rien n’explique comment asiba gukinisha abana bakina 2ème division y’i buraya ngo ntibarakomer3ème hama akizera umuntu akina 3ème division muri Arabie Saoudite canke umuntu arwaye nkuko bikunze gushika kuri Pierrot. Icihuta, les états généraux zirakenewe vyihuta ahandi ho le projet yuko 2026 tuzoja muri coupe du monde ziraherera mu vyipfuzo »




