Jimbere

ikirundi French English
INKINO

« Mutombola n’abahungu biwe bagiye kuturwaza umutima »

©Jimbere│Bamwe mu bakunzi b'Intamba

Iyo n’inyishu Kenny yatanze abajijwe ukuntu yakiriye résultat y’urukino hagati y’Uburundi na Centrafrique. Yongera ati : « Jiwaze, depuis la qualification historique, intamba zacu zikubitwa nkizidahari. Muri CAN twavuyeyo avec 0 but et 0 point. Muri eliminatoires za Coupe du monde, zarinanase turanganya na Tanzania ariko nubundi zaruhiye kuvayo. N’ubu twari twizeye gusubira muri CAN 2021 ko twari mw’i poule ibayabaye, Mutombola nta kimenyetso nakimwe atwereka cuko hoba hari imigambi yo kudusubizayo ».

« La bataille est perdue mais la guerre continue ». Niryo jambo ry’ihumure Reverien Ndikuriyo, President wa FFB yarungikiye abakunzi b’umurwi nserukira gihugu inyuma ya match ya le 13 novembre. Ariko nabo ntibavyumva gutyo. Uwuraho ati ubuja gusha buratagata, ku bakunzi b’intamba umenga ugutagata ntikwimirije.

Elvis, umwe mubakunzi ntahemuka b’intamba ati : « Nivyo baravuga ko umupira udunda, ariko udunda uja iyo wawuteye. Aba ba attaquants bacu kumenga gutsinda ntibiri muvyabajanye mu kibuga. Simbona ukundi nosigura ukuntu dushobora gukina 5 ou 6 matchs ata victoire n’imwe ? Bishitse tugatsinda, tuba twahuye na Soudan du sud yonyene. Nayone n’umusi n’umusi ikatwivyukiranya. »

None ikibazo c’Intamba ko kigiye kuba akananira bahinga ?

Umuzi w’ikibazo uragoye gutora ariko abenshi mu bakurikiranira hafi Intamba bafise même point de vue : « Le coach Mutombola et son staff sont les premiers responsables. Abakinyi ntaco umuntu yobagiriza kuko haza uwatumweko. Iyo ata musararuro atanga urasiba kumutumako ugatumako abariko barigenza neza. »

 Mu gihe mu ma conférences de presse adahengeshenya kuvuga ko abakinyi bameze neza, none insiguro y’ugutsindwa yoba ari iyahe ? Muri 6 matchs officiels zakinywe, kuva kuya qualification contre le Gabon gushika kuyiheruka yahuje Intamba na Centrafrique, batsinze 2 buts, batsindwa 11 buts avec un seul point sur un total de 18.

Uwundi mu analyste nawe ati : « Nta objectivité irimwo muri sélection no mu gupanga liste. Biragara yuko hakina amazina hadakina performance. Ni gute twosigura ko wosiba gutumako canke gukinisha umukinyi nka Laudit Mavugo yabaye meilleur buteur muri championnat ya Zambie tuzi ko imeze neza ukizera, Fiston abdoul Razak kuva avuye muri CAN ata équipe agira ? Ni gute hatumwako aba défenseurs batagira competitions bakina, Joël na Diamant, ukareka gutumako Ndaye Chancel ahagaze neza muri Chypre, na Trésor ari ntayegayezwa muri FC Léopards ? Canke bisigurwa gute gukinisha Shassir akina muri 3ème division muri Arabie Saoudite, ugashira kuri bench un élément nka Enock Nsabumukama ahagaze neza muri Zesco United iri muri les 15 meilleurs équipe muri Africa. Inka ikamwa ico yariye. Des fois les rotations des joueurs sont indispensables pour stimuler la compétitivité ».

N’ubwo biri uko, hari abandi babona ko coach arenganywa. Aho duhera kuri imwe mu ndongozi z’igihugu. Willy Nyamitwe, très actif sur les réseaux sociaux, agira ati : « Je ne suis pas de cet avis, je pense que Olivier Niyungeko est à la hauteur de la tâche. Il y a des facteurs plus exogènes qu’endogènes derrière cette défaite et mêmes celles du passé. Le Burundi doit d’abord investir plus dans le sport et dans le soutien apporté aux sportifs. ». Abandi nabo bati : « Umukinyi apimirwa muri match amical. Or, équipe national y’Uburundi nta matchs nk’izo ikina ku bwinshi. »

Et un fan des Hirondelles de proposer une solution : « Nta yindi nyishu twokwitega atari ikorana des états généraux du football burundais. Cane cane, muri budgétisation bakibuka ama matchs amicaux kugira abakinyi bamenyerane. Bikenewe boterereza abarundi kuko vyarabonetse igihe baja muri CAN ko babashigikiye mu kubaterera ayarenga 500 millions Fbu. »

Résultats des 6 récents matchs :

Burundi 0 – 1 Nigéria

Burundi 0- 1 Madagascar

Burundi 0-2 Guinée

Burundi 1-1Tanzanie 

Burundi 1-1 Tanzanie (penalty 0-3)

Burundi 0-2 RCA

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top