
N’ubwo hari abantu usanga basuzugura ubuzi bivanye n’ingene bukorwa canke aho bukorerwa bigasa nkuko umengo ni ukwisuzuguza, ariko hari n’abandi babona ko ata mwuga udakiza iyo umuntu yawushizeko umutima akawurangurana intumbero y’ico ashaka kugerako. Ikinyamakuru Jimbere kikaba rero caragendeye bamwe mu boza imiduga n’amapikipiki bo mu gisagara ca Bujumbura bita « ababorayi » baratuyagira ingene ako kazi kabo kabatunze naho bamwe bagasuzugura.
« Ayo mamodoka n’amapikipiki abacako mukabona arakayangana maze abiyunguruza nabo bakayahurumbira, si uko yose aba ari mashasha ahubwo ni kubera haba hari abakora akazi ko kuyabora ». Ayo ni amwe mu majambo Hakizimana Ben yavuze yishimira igikorwa bakora igihe twamusanga ariko aroza umuduga mu Nyakabiga I.
Rero Ben umubajije ku bijanye n’ingene abona ako kazi ntatinya kukubwira ko benshi mu bagenzi biwe bagasuzugura ariko bakiyibagiza ko kamutungiye umugore n’abana ruguru, iyo avuka i Ngozi, kandi kakamurihira inzu i Bujumbura. Ikindi kandi ngo yarahigiye n’ibindi bitaribike kuko yamanutse atazi na kimwe ku bijanye no kunyonga ivyuma vy’umuriro, ariko ubu ngo ukwo azi kubibora ni na ko azi kubigendesha. Mbere ngo azohava anazinyonga hamwe yoronka urupapuro rwo kugendesha umuduga (permis de conduire).
Nayo Daniel Nsavyimana akorera kuri Station Kobil ku Mutanga ngo ntatahura abagaya ako kazi k’ababorayi. Agira ati : « Mu myaka umunani maze nkora ako kazi, naraguze amatongo ruguru y’umuriyoni 1,2 Fbu, inzu ya 450.000 Fbu, nongera ndaronka permis de conduire. Iyo nagaya akazi ivyo vyose nta vyo mba mfise ».
Ni bande bakora akazi ko kubora ?
Daniel Avuga ko abakora akazi ko kubora baba baje bava ruguru mu mitumba mu ntumbero yo kurondera ubuzima. Kubera rero bashika batamenyereye umuji ngo babanza gukora ubuzi bw’ikiboyi, hama bakanduruka bashakisha ak’ububorayi. Mbere amatwi adusumira, ngo ni bo banduruka bavamwo abanyonga iyo miduga mubona yunguruza abantu.
Ariko rero ngo n’ubwo Daniel amaze igihe kitari gito muri ako kazi, ngo nta bakobwa bagakora kuko ngo baragasuzugura cane bagahitamwo kuguma bikorera ak’ubuyaya. Viviane Nahimana umuyaya akora mu nzu iraho mu Nyakabiga nawe aravyemeza. Akazi ko kubora ntakerekwa ngo karasuzuguritse kandi gatuma uwugakora yama ku karubanda. Kubw’iwe, ngo naho n’ak’ubuyaya kagayitse niko yikorera kuko yigumira mu rupangu.
Felix Manirakiza, umukuru w’umugwi w’ababorayi 12 bo kuri Pont Mao, avuga ko no kwinjira atari ku buntu bisaba umutahe. Agira ati : « Uwushaka kwinjira, abanza kuriha amahera y’abamwigisha, hanyuma akariha amahera y’imbuga. Jewe mbere narishe 40.000Fbu y’imbuga. Kandi birafise akamaro kuko ntawuhava atize kuzigendesha, mu gihe atahobohuriye nazo ».
Intambamyi …
Felix avuga ko intambamyi bakunda kugira ari iy’uko hagera igihe ntibaronke imodoka nyinshi boza. Ivyo na vyo bigakunda gushika mu gihe c’imvura kubera abagendesha imodoka badakunda kuguma bazogesha kuko zica zicafura kubera ibiziba baguma bazicishamwo, ngo bazitwararika cane mu ci. Jules yunguruza abantu mw’i taxi aremera ko atokwihutira kwogesha umuduga mu mvura kuko yohava asanga ari nko kwoza ingurube kubera ivyondo zamamwo.
Iyindi ntambamyi ngo nta shirahamwe ryabo rihari ribaserukira ku rwego rw’igihugu ku buryo boshobora kuryitura mu gihe hoba ukudahuza canke bakazurumana uduhera hagati yabo kuko ngo vyoshobora gushika.
Ariko rero ngo n’ubwo intambamyi zihari mu kazi k’uborayi ngo ni nk’uko ziri no mu bundi buzi. Ahubwo abo baborayi bahamagarira abinenaguza ubuzi gukura amaboko mu mpuzu bagakora badacaguye kuko ngo nta kazi kadakiza. Kanatsinda Daniel avuga ko hari igihe akorera amafaranga arenga 5000 Fbu ku munsi.




