Abajishi b’ibiseke, abakora ibirato, abasudirizi, eka abarundi b’ubuhinga butandukanye muri rusangi ni bo urwo runani rwaje rugana mu ntumbero yo guhesha agaciro bene iyo myuga igaragara nka mitomito ariko inyegej ubutunzi butandukanye.
Adalbert Hakizimana umuyobozi nshingwabikorwa mu runani Chasaa (Chambre sectorielle de l’art et artisanat) amenyesha ko urwo runani rugizwe n’abanywanyi 4500, rwavutse mu 2010. Rwihaye amahangiro menshi hari mwo: kwigisha abanyamyuga gukora ibintu bigezweho bihurumbirwa, kubaronderera amasoko y’ivyo bahingura biciye muri Colucaab (Coopérative Lumière des Centres de formation des Artisans et Artistes du Burundi) n’ibindi.
No mu mashure Chasaa irinjira
Mu gihe abatari bake batakiriye neza ingingo ivuga ko umwana ahejeje umwaka w’icenda ntagire amahirwe yo kubandanya amashure aca aja mu myuga, Adalbert we abona ko nyabuna uwiyigiye umwuga aba yize igisata ciza . Kira noneho, ngo ubushikiranganji bw’indero bwaragitoreye umuti kuko bukorana n’ishirahamwe Chasaa, na yo ikaba ifise abahinga bavyize neza.
None vy’ukuri ibikorwa vy’abanyamyuga birahurumbirwa?
Birakundwa cane mbere n’abanyamahanga baravyirukira. Adabert atanga akarorero ko mu kwezi kw’icumi Colucaab yinjije amafaranga y’amarundi 18 000 000F. Akavuga ko hamwe abarundi bokwijukira imyuga ngo ubutunzi bwokwiyongera bimwe biboneka.
Chasaa imaze gushika mu ntara 13, aho itarashika hakaba ari Bururi, Mwaro, Ruyigi, Cankuzo n’i Ngozi. Mu ntumbero yo guteza imbere abanyamyuga, Chasaa iratanga kandi ibikoresho vyo kubaza, guhingura inshato, gusudira, kujisha, ivyo bakoresha mu gushaza no gushariza bikozwe mu mahembe y’inka n’ibindi
Akarusho umunyamwuga akura muri Chasaa
Vincent Harerimana akora ibirato mu ntara ya Kayanza agira ati: «Mu gihe gito maze muri Chasaa, bivanye n’uko nkora ibirato neza bigashimwa, ndamaze kugura parasera y’amafaranga 1 500 000 mbere n’umugore ndamuha umutahe wa 300 000, ubu ni umudandaza».
Rosine Ndayishimiye aba mu ntara ya Gitega we asanzwe adesa amashuka. Uwo, arashimishwa n’urwo runani kuko ishuka yahora adesa ku mafaranga 200 000 ashobora kuyigurisha amafaranga 350 000 mu bihe vy’ihayanishwa. Akavuga ko kubwa Chasaa yaronse abakiriya benshi no hanze y’igihugu harimwo.
Adalbert Hakizimana akaba ashimira ikigo gifasha mu kworohereza abakora urudandaza rutoruto mu gushorera mu karere ka afirika y’ubuseruko ( Trademark East Africa) kuko gifasha kenshi nko mu kurungika abanyamyuga nka 30 hanze y’igihugu mu mahayanishwagurisha. Agasaba reta y’uBurundi ko Chasaa yoronswa uruhusha rwo kuja kwigisha mu mashure y’imyuga ndetse n’urwo gutanga impapuro zemeza ko umwana afise ubumenyi bukwiye kuko bicibonekeza ko hari agahaze mu biga imyuga.




