Amadorari yababa 750.000 y’amanyamerika, ni yo ikigo kijejwe gushigikirana ca Suède (coopération suédoise), kibicishije mw’ishirahamwe ‘BioInnovate Africa programme’ kigiye gushigikiza umugambi wo guteza imbere imiti kama mu karere ka Afirika y’ubuseruko. Mu Burundi hakaba haratangujwe umushinge w’ihinguriro ryayo mbere n’ibikoresho vy’ukuyihingura bikazoba vyashitse mu mezi atatu, mu ntumbero yo guteza imbere ico gisata. Vyemezwa na Ginette Karirekinyana, asanzwe arongoye umugambi wo kuvuza imiti y’ikirundi biciye mu ngaburo (Karire product).

Ibikorwa vy’itanguzwa ku mugaragaro iyubakwa ry’iryo hinguriro ry’imiti vyatangujwe ku wa 8 Munyonyo n’umukuru w’inama nshingamateka Pascal Nyabenda, ku mutumba Ruvumvu uri mu ntara ya Bubanza, komine Bubanza.
Hari abahinga bahari bokurikirana ivy’iyo miti ?
Nk’uko Karirekinyana abimenyesha, abigisha bo muri kaminuza y’Uburundi bariteguriye gufasha mu gikorwa c’ubushakashatsi gutyo iyo miti izohingurwa mu biterwa kama izohore ikoreshwa ku rugero rwo.
Eka n’ikigo ICIPE (International Centre for Insect Physiology and Ecology) ngo caremeye gufadikanya n’abo bigisha muri ico gikorwa c’ubushakashatsi kugira ngo iyo miti izohore ihingurwa itagira akanenge kandi yasuzumwe ko ishobora gukiza koko ingwara igenewe kuvura.
Uko irimwa ry’ivyo biterwa ryiteguriwe
«Ha mbamvu ya wa mugambi wo gukwiragiza igiterwa artemisia mu ntara zose zigize igihugu c’Uburundi (artemisia=igiterwa gikinga kikanakiza ingwara ya marariya), hari n’umugambi wo kurima iyindi miti kuko burya ubutaka bw’Uburundi nka bwose bwambaye imiti ni uko benshi batabizi :Ibicuncu, icanda, imibirizi, imiravumba n’iyindi myinshi, ni ibiterwa bivura kandi bikwiragiye hose».
? »Imivyaro iri hagati y’imiriyoni 5 na 10 y’igiterwa #Artemisia, gikinga kikanavura #malaria, igiye gukwiragizwa mu #Burundi« , @karirekinyana, umukuru w’ikigo ACECI (Agence Consultative en #Ethique de la Coopération Internationale)https://t.co/OE8NhQBRIn#MalariaEradication pic.twitter.com/DPIscX68Kx
— Jimbere (@JimbereMag) September 17, 2019
Karirekinyana abandanya amenyesha ko ku mahegitari 5 yaguzwe ku mutumba Ruvumvu, imwe ari yo izokwubakwa ko inyubakwa z’amahinguriro, ane asigaye nayo, abe ayo gutera mwo ibiterwa vy’imiti kama, hisunzwe uburimyi bwa kijambere. Yongera ko ati :«Abanyagihugu na bo nyene bakwiye kwijukira kurima ivyo biterwa kuko bazohora babigurirwa aho iryo hinguriro buca ritangurira gukora».
Abanyagihugu b’aho baranezejwe n’ako gakuru
Paul Irankunda, aba ku musozi washinzwe ko iryo hinguriro, arashima cane kuko ngo yahora aha agaciro gato ivy’ibiterwa bivamwo imiti y’ikirundi ariko akaba yiboneye ko bishigikiwe. Ngo na we azokira kumenya ubwoko bw’ibiterwa bikenerwa, ngo nta catsi kizosubira kumupfa ko ubusa, azohora abishorera kw’iryo hinguriro,ngo azorara afunguye.
Pascal Nyabenda, umukuru w’inama nshingamateka akaba ashima uwo mugambi uje guteza imbere amagara y’abanyagihugu mbere ngo azonawushigikira. Akagira ko ahamagarira abanyagihugu b’aho i Bubanza kuwutahura ubwa mbere, ubona ko abatari bake bazoharonkera ubuzi, haba kuri uwo mutumba ivyo biterwa bizoba biteye ko, eka no mu mashamba.




