Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

« Siyo bya réseaux sociaux, Béatrice w’i Buhiga yarazutse vya vrai »

©dr | Béatrice Nibigira ariko arigera uduhuzu bamuhaye ngo yambare

« Umugabo wiwe akimubona, yahise yemeza ko ariwe kandi adakekeranya. Impuzu yazutse yambaye ngo nizo yari yamuhambanye, il y a de ça 4 ans. Mbere wanashima aho imbeba zamumuririyeko agipfa ataramuhamba haracari inkovu ». Ivyo tubibwirwa na Ndihokubwayo Elysée, Conseiller communal w’i Buhiga, yamwiboneye akanamuyagisha.

Si ma mémoire est bonne, la dernière fois twaheruka kwumva ikintu c’abantu bazuka, c’était en 2005 avec Sandrine wo mu Kirundo, umwigeme yavugwa kw’arya ivyatsi nk’ibikoko… A part yuko Béatrice wewe yifungururira utwo mu nkono, ikindi kibatandukanya ni uko Béatrice avuga, mu gihe Sandrine we atavuga. « Béatrice aravuga, même si rimwe na rimwe wumva ko avuga ibitajanye » raconte Salomé Gakobwa, la cousine paternelle de Béatrice.

Tugende buhoro kwanza. Nkuko tuvyiganirwa na Salomé, « iyo arindira kuzuka gushika avril 2020, Beatrice Nibigira yobaye akwijije 4 ans afubanywe iteka mu kaburi ko mu Gasenyi, aho yari yubatse, agasiga udupfuvyi dutanu. Kamwe mu nyuma karamukurikiye kuko kari kakiri gato ».

Alors que umuryango wiwe waruzi k’uwabo yiruhukiye, arindiriye izuka ryabose nkuko Ijambo ry’Imana ribivuga, ubu ngo ntuzi neza igihe uwabo amaze yarazutse, narirya ari aba Kristu b’aba pratiquants, aho twasanze bariko baramusengera.
Kubwa Salomé « izuka ryiwe ni igitangaza Imana yadukoreye ». Ariko ararwa akagaruka: « Ntaworeka kuvuga ko ari ba nanga y’ivuza kuko umubiri wiwe wose wuzuye indasago mugihe atarapfa ata na rumwe yari afise ».
Batoto town, munaelewa manaake nanga y’ivuza ? Sûrement pas. N’ukuvuga « sorciers »…

So, muti yatowe gute ?

C’était vendredi, le 29 octobre dans les environs de 9h. Ngo niho abantu bo ku musozi wa Burenza uri hakurya ya Gasenyi yararongoweko avant sa mort batangura kumubona. Mugihe babona ko uyo muntu asa n’uwo bibuka ko yapfuye haheze 3 ans, abamubonye ubwo nyene, barashidutse bibaza ko boba bahuye n’imizimu. Ils l’ont longuement observée, utwo yigiraaaaa… « Bagiye kwemeza ko ar’umuntu mugabo aboneka ko atari normal mu ma 14h. Niho baciye babibwira musitanteri. Uno yaciye aza kumutora, arikumwe na buramatari. Jewe bagiye kumumpa mu ma saa moya y’ijoro turikumwe na Roger Niyongabo, uwari umugabo wiwe atarapfa ». Uwo ni Salomé atuyagira.

Tumubajije icatumye amumenya, Salomé wo mu kigwati c’amahoro co mw’Ishanga akaba ari nawe atunze Béatrice, avuga ati: « Ni gute jewe nari kumwihakana ari mwenewacu mu gihe n’umugabo wiwe yamumenye ? » Bien que umusozi wose n’abandi bari bamuzi bemeza ko ari uwabo yazutse, basaza biwe mu nda imwe na mwenewabo baramwihakanye. Abo bavukana bavuga ko « uwo bavukana ngo ntiyirabura uko. Ngo kandi ntiyangana uko ngo n’ikirenge carakuze ».
Tubajije ko ataravuga uko vyagenze, Elysée, le conseiller de la commune Buhiga ati « Béatrice ubwiwe yivugira ko yazuwe yongera arongorwa n’umugabo atara décriva neza. Abandanya avuga ko mbere uwo mugabo bavyaranye umwana aca arapfa ». Ariko Salomé we avuga ko ivyo atawobihagararako: « Mu gihe rimwe na rimwe agaragara nk’uwutameze neza mu mutwe, ivyavuga ntitwovyizera cane ».

Tubajije musitanteri wa commune Buhiga, Ntakarutimana Euphrasie, ahejeje kutwemereye ko ibivugwa ari vyo, uwo muntu Béatrice Nibigira yabayeho, kandi yapfuye agahambwa, yaciye yongerako ati « amatohoza ari en cours d’ici demain ou après demain, tuzobaha icegeranyo kimeze neza ».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top