Kw’igenekerezo rya 4 mukakaro 2019, « Abakenyezi b’intwari bibagiwe » bishikiye mu ntara ya Karusi. Uretse ko benshi mu bitavye bari bamaze kubona umupfasoni Christine Ntahe, barakengurutse intahe zashinzwe na Georgette Mahwera na Rejina Nduwimana. Eka n’abajejwe intwaro barashima.
Abanyakarusi bari bakerebutse cane mu kiganiro. Abitavye bari barwiyemwo abakenyezi, mugabo n’abagabo n’urwaruka ntibatanzwe. Ku kibuga c’inkino co ku murwa mukuru wa Karusi, abakenyezi b’imboneza bamwebamwe baza bamaze gushika kuhashika kuva igihe c’isaha zitatu mu gatondo.
Uko umwanya wahera ni ko biyongera. Ubona ko n’akazuba katari kenshi, abana baguma bikinira agapira kuri ico kibuga. Ku ruhande rwo mu buseruko bw’ico kibuga, hariko harubakwa ubwugamo bunini. Abafundi bari ku kuvi. Baguma babazanya ibihava bibera ngaho kuko bahuma bumva indirimbo zisekera, hongera hacamwo akamo gatewe abantu kuza kwyumvira intahe zishingwa na bamwe mu bakenyezi bavugwa muri cio gitabo. Ku mutaga, abantu bahavuye bagwira uko baza baratorokana.
Icibonekeje ni uko n’abategetsi mu ntara bari bitayeho cane ico gikorwa, ku buryo umuhanuzi wa Buramatari ajejwe imibano n’imico kama be n’abandi bajewe amabanga ahambaye, babanje kuhakubitira hakiri kare ibirori bitaratangura, kugira ngo birabire uko ibintu vyifashe. Eka n’ukuntu umukuru wa zone zone yahimiriza abantu kuzana intebe vyaragaragaza umwitwarariko n’agaciro bahaye ico gikorwa.

Georgette Mahwera, ariko aratera inkuru abari baje ingene bakinye umupira mu Kinama
Abatari bake bari bazi umupfasoni Christine Ntahe. Hari benshi baza kumugumbira, abandi na bo bakamubwirana. Mu bitavye ako kamo, harimwo abapfasoni Zenayidi Nagashira na Eugénie Bancako basanzwe na bo nyene banditswe muri ico gitabo.
Mugabo bari bitavye nk’abandi, ariko bahavuye berekanwa i Karusi, kanatsinda ivyo bakoze benshi barabizi. Ibirori vyuguruwe n’umuhanuzi wa Buramatari ajejwe imibano n’imico kama.
Amahoro imbere ya vyose
Baba abatware canke abatwarwa, vyaribonekeza ko bakenguruka. Mw’ijambo ry’ikaze, umuhanuzi wa Buramatari yaramenyesheje ko ahimbawe n’ukwibonera Christine Ntahe kuko ngo yahora amwumva gusa. Yarakenguengurutse rero kubona abo bapfasoni bashise muri iyo ntara. Akagira ati: “Twizeye ko iki gitabo kiza gufasha abanyakarusi kuko kirimwo ubutumwa bw’amahoro. Mutege amatwi rero mwongere mufate nkama ivyo muza kwumva.”
Yaranamenyesheje ko iyo ntara isanze itekanye, mugabo ngo kubumbatira amaho ni uguhozako.
Christine Ntahe amaze gufata ijambo, yavuze ko yamenyanye n’abo bakenyezi yanditse muri ico gitabo, igihe mw’ishirahamwe ry’Abanyamerika Search For Common Ground. Ico gihe ngo ni ho bashinga intahe, bavuga umwe wese ivyo yabayemwo n’uko yavyifashemwo. Amaze kubereka ba bapfasoni bagendanye, Georgette Mahwera wo mu gisagara ca Bujumbura muri zone ya Kinama yaciye amenyesha abari aho ivyo yaciyemwo.
Vyarashika bakaduka bagatwenga, ahandi na ho ukabona ko harimwo vyishi biteye ikiroroge ku mutima.
Bariyumviye ukuntu Abahutukazi bo mu Kinama n’Abatutsikazi bo mu Cibitoke biyunze biciye kure cane, maze amahoro aragaruka abo muri ayo mazone basubira kugenderanira kubera uruhara rw’abakenyezi. Abari mu bukene buzura inzara barasubira bariyungunganganya baratunga baratunganirwa.
Mahwera ati: “Kinama yose twari twarayihunze ata n’inyoni iharangwa. Mu nyuma twumvikanye guhura turi abagore 20 bo muri ayo mazone abiri. Twahavuye dutangura gusibura impangu zabaye umusaka. Bukebuke twaritunganije ata mugabo n’umwe arimwo, duhava twumvikana gukina umupira w’amaguru dukwembetse abantu bakatwita abasazi. Twashaka ko baza kuraba bitwengere, kandi baraje.”
Ivyo ngo ntivyahereye aho baraca imanza bagahana, kandi abajejwe intwaro n’umutekano ngo barabakenguruka cane. Mu nyuma erega bararimye barimbura baratunga baratunganirwa.
Uko mu Kinama na Cibitoke baronse amahoro biciye kure, n’i Marangara muri Ngozi ni ko vyagenze. Umututsikazi Rejina Nduwimana, we yarabaciriye ku mayange ayo yagowe kugira ngo ashobore gusubira kwibonera Abahutukazi bahoze basangira akabisi n’agahiye, ariko bagatandukanywa n’indyane batazi iyo zizananye. Naho vyari bigoye ngo yariroshe arava mw’ikambi y’abateshejwe izabo abundabunda arashika mu mitumba araronka Abahutukazi, maze bumvikana ukuntu bagiye guharanira amahoro bari kumwe.
Bukebuke ngo barabishitseko babitanguye binyegeje, bahava baja ahabona n’ababita abahemu bahava baratahura. Amasoko, n’amavuriro ngo yaciye asbira kwugurura.




