Ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi, Fidela ni izina abavyeyi bakoresha bagomba kubuza abakobwa babo kugiriranira imimenyerano n’abigisha babo.Abarezi ni na ryo zina risigura umurongo ntarengwa. Mugabo rero nta na kimwe cibonekeza cotuma umwigeme aba uko….
Uwo munsi Fidela ntiyari yiteze kugenderwa n’abamenyeshamakuru kubera ko ibibazo vyabo bigoye kuva imbere. Aho hose wewe yaripfuza kuzokora uwo mwuga. Ibitahavuye bikunda kuko uwomuhaye ubumenyi kugira akore uwo mwuga yamuhaye ibindi.
Ni umukobwa w’imyaka 20 mugabo umuraba ntibimusa womengo afise 15. Yatwakiririye mu rugo iwabo. N’umubabaro mwinshi, aguma agaragura ishapure yiwe. Yatubwiye ko agira kabiri mu bana batandatu bavukana. Ntibagira se, abana na nyina n’abo bavukana mu kazu gato ku mutumba Ruhwago muri komine Ruyigi.
Aricuza cane kandi afise agahinda ko kubona yarahemukiye umuvyeyi wiwe yita mu ziko azinduka mu ndimiro kugira abana biwe bashobore kwiga. Haheze imyaka ibiri, ntiyari azi ko yobonye ayari aho.
Yaguye mu mutego
Mu myaka ibiri iheze, Fidela yari mu mwaka w’icenda kandi nta kindi cari kimuraje ishinga atari ukuronka amanota meza mw’ishure, maze akigira mu w’icumi. Ni co gituma ata co yinona igihe umwigisha wiwe w’icongereza yamuterefona amusaba ko bobonana. Akamumenyesha ko inomero yiwe ya terefone yayihawe n’umunyeshure bigana.
Isango rigeze, umwigeme utanka yaragiye kuraba umwigisha aho yaba hirya ku mpera z’igisagara ca Ruyigi. Umunsi wa mbere ngo kwabaye ugusubiramwo ivyo bari bize mw’ishure. Umunsi ugira kabiri ngo yamubwiye ko adashobora kuyoberwa mu congereza no mu bindi vyose uwo mwigisha azoba ariko aracungera mu kibazo.
Fidela ati: “Uko vyagenda si ukundi. Narakora ikibazo nk’abandi, nsohotse ngakorera ku rundi rupapuro ntanga inyishu nziza, na we akimenya ingene anyuranya za mpapuro hakagumamwo ururiko inyishu nziza.”
Ivyo rero ntivyijana. Amajambo asosa yahavuye asubirira icigwa c’icongereza, kumukorakora biba ivya minsi yose maze bahava bakora n’ikizira kandi kenshi. Nya mwigeme yagokeye ubusa, kwa kumenya yarondera ntiyabironse. Yaciye atwara inda haheze amezi abiri.
Rurangiranwa mu bibishe
Iyo nkuru yaciye ishikira Siriveri. Na we yaciye aronderera uruhusha nya mwana amujana kw’ivuriro. Basanze yarasamye. Yarariye umutima amenyo araza kubisigurira umuvyeyi w’umwana nk’uko Fidela abivuga ati: “Inama y’umuryango yaciye ikorana mugabo ivyavamwo nari ndabizi. Basavye Siriveri kuvyemanga no kugira ibikenewe vyose, na we yavyemeye adahigimye.”
Bukeye bwaho, bamusavye kuza gushira umukono ku rwandiko ruvyemeza, na we aravyemera kandi ngo bibere aho atabamwicura, na bo baravyemera. Bukeye bwaho, Siriveri ashitse, atazi ko vyamenyekanye, twagiye tubona haheze akanya umuyobozi w’ishure yigishako ashitse ari kumwe n’abamenyeshamakuru . Bano baciye batangura kubacanira ibibazo.
Umuyobozi yaciye amenyesha ko agiye kurondera umutahe wo kumuhagarika. Ubwoba bumutekeye, nya mwigisha yaciye anyika. Mugabo kubera yari yamaze kuba rurangiranwa, haheze amezi abaporisi bamuhumutseko bamuta muri yompi. Yamaze amezi atanu ari mvuto.
Igikomere ku mutima
Siriveri arekuwe, ntiyasubiye guhonyoza ikirenge kwa ba Fidela. Nya munyeshure akuriwe yari agorewe iwabo, asigaye ari ak’amenyo mu kibano na we aguma yigunze. Inyuma y’amezi atatu nya mugabo arekuwe, Fidela yavyaye umuhungu. Yaramubona amwenyuye akumva araruhutse gatoya ku mutima mugabo ntivyari vyoroshe kuko ubukene bari bafise ntibwagira izina. N’agahinda kenshi ati: “Uwarushe ntaruhuka, umwana amaze amezi umunani yararwaye aca yereka umukondo ijuru”.
Ku murwa mukuru wa Ruyigi, Fidela yahavuye aba iciro ry’umugani, akarorero k’ikizira abavyeyi bafatirako mu guhanura abana babo. Naho yabonye ayo makuba yose, yizeye ko azosubira kwiga ni yo yaronka uburyo.
Mugabo rero kubera ivyamubayeko ntatekanye. Tukiri kumwe yaritavye iterefone y’abantu bari mu baharanira agateka k’umukenyezi bashaka ko yoshinga intahe na we arabankira. Ico ngo yipfuza ni ukugerageza kuvyirengagiza, kwiyibagiza ivyo ahitiyemwo.




