Jimbere

ikirundi French English
Abakenyezi b’intwari bibagiwe

Ku musenyi wo mu Rumonge, biyemeje « guharanira amahoro nk’Abakenyezi b’intwari bibagiwe »

©Jimbere | Bamwe mu baronse udushimwe bari kumwe n’abashitsi

Kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi, “Abakenyezi b’intwari bibagiwe” bagendeye intara ya Rumonge. Abatware n’abatwarwa barakengurutse cane. Biyemeje na bo kubumbatira amahoro, n’ugushikiriza abandi ivyo bari biyumviye.

Mu Rumonge baranyuzwe n’ivyo bashikirijwe n’abakenyezi Jorojeta Mahwera Rejina Nduwimana, barongowe na Christine Ntahe. Amashi, ugukenguruka, ndetse n’utuvyino, vyaragaragaje akanyamuneza abitavye ikiganiro bari bafise. Bagandagaje ku nkengera za Tanganyika, naho izuba ryari ryinshi nta co vyababwira. Kanatsinda akayaga kava mu kiyaga karagabanya ubushuhe.

Abarovyi bamwe warabona ko bariko baratunganya amato yabo. Abana na bo baguma bidumbagura mu kiyaga boga. Hirya gato hariyo ubwato bunini bwa gisirikare, bucungera umutekano mu mazi. Ivyo vyose vyarabamara irungu, kanatsinda haguma hanasamirana indirimbo zitandukanye z’abarundi n’abanyamahanga zavugira mu vyuma biduza amajwi. Abitavye bagizwe ahanini n’abakenyezi b’abisiramu, ubona ko hari hafi ya karitiye Swahili. Muri nya bakenyezi harimwo abakangurira amahoro, n’abandi bari mu mashirahamwe atandukanye.

Abafashe amajambo bose, yaba umuhanuzi wa Buramatari wa Rumonge canke uwurongoye ikigo kijejwe iterambere ry’ingo n’imiryango mu ntara ya Rumonge (CDFC), bose barakengurukiye Christine Ntahe yanditse ico gitabo, banakeza nya bakenyezi. Bompi batera akamo abanyarumonge ngo bisunge akarorero “k’abo bahevye amagara yabo kugira ngo barokore ay’abandi.” Vyaraboneka ko bakebura abumva. Bose bari bateze amatwi. Uretse ibisebuzi vya Tanganyika, nta n’uwakorora atari uwaba ariko ashikiriza ijambo.

Biyemeje na bo kuba intwari

Umuhutukazi Jorojeta Mahwera, ubona ko ari umunyakinama, yaciye abonerwaho ashinga intahe yiwe mu giswahiri. Yabaciriye ku mayange ivyo yaciyemwo be n’abo bafashanije mu kugarukana amahoro mu mazone ya Kinama na Cibitoke mu gisagara ca Bujumbura. Hari inyuma ya 1993. Umutamakazi yitwa Maneno Cubwa ntiyigumije. Yahagurutse, ikiroroge kiramuniga aramugumbira cane.

Rejina Nduwimana na we nyene yarababwiye ivyo yaciyemwo muri Marangara. Uwo mututsikazi yitaye ku biti no ku mabuye maze abakenyezi bo muri Marangara basubira kugenderanira.

Christine Ntahe yaza arabunganira, akanatanga intumbero y’ikiganiro, ubona ko ari umumenyeshamakuru yabunyoye mu biganiro.

Wa mutamakazi Cubwa nta wamutanze gufata ijambo. N’umunezero udaseswa yavuze mu giswahiri ati: “ Ndashimye ivyo numvise, ndagiye kubibwira abandi.”

Bose bari bashimye intumbero y’ikiganiro. Uwafata ijambo wese, yavuga ico akuyemwo n’ico agiye gukora. Languide Muhimpundu ati: “Ico nkuyemwo ni uko abakenyezi ba Rumonge twokwiyemera tugahagararira amahoro aho turi hose.”

Vyaraboneka ko afise inyota yo kubibwira abandi, aca abaza ko birekuwe gushikira abandi ababwira ibiri muri ico gitabo.

Kubera buca Uburundi bwinjira mu matora, abafashe amajambo ntibatanzwe guhamagarira abakenyezi ba Rumonge kubumbatira amahoro. Eka n’abagabo barafashe ijambo, biyemeza gushigikira abakenyezi.

Umusore yitwa Meshak Niyonkuru na we yemeza ko urwaruka ruja mu bwicanyi kubera kutamenya. Akagira ati: “Iyo abavyeyi bose baba bameze nkamwe bakaza baratwigisha akahise! Ndasavye mukwire igihugu cose mubimenyeshe.” Hari n’umwigeme yamwunganiye asaba urwaruka kudahendwa.

Christine Ntahe yabemenyesheje ko babwirizwa kubumbatira amahoro bahereye ku ziko. Abavyeyi rero ngo bitwararike indero y’abana ku buryo bamenya ivyo barimwo.

Ico kiganiro casozerewe n’uguha udushimwe dutandukanye abitavye. Umupfasoni yaserukiye Buramatari na we yarakengurutse cane. Amenyesha abashitsi ko batataye umwanya. Na we nyene ntiyatanzwe gusaba abo arongoye ko ivyo bumvise bobigira rwabo.

Ba bakenyezi baciye batererako akavyino basezera mu giswahiri bati: “Kwaheri”. Baca bivyinira ikirundi na co ngo “Vyagira tuyage nari mbakumbuye.”

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top