Jimbere

ikirundi French English
GUPAGASA

Wilbert Dusabe, mbonero ya benshi mu vy’uburimyi n’ubworozi vya kijambere !

Ukabona uwiyicariye ahantu akamagira umubira, uze umenye ko hari igihe yigeze kwirirwa abira akuya. Dusabe uno munsi yirigwa atanga inyigisho z’ukwororera amafi ku mitumba, gukora ibikoresho bibundikira amagi y’inkoko gushika avuyemwo imiswi, kworora inkwavu, ingurube n’ibindi bitungwa bitobito hamwe rero n’uburimyi bw’imboga n’ivyamwa, hisunzwe ubuhinga bwa kijambere. Ivyo bikorwa vyiriza bikanaraza itiro Dusabe,  akaba abirangura mu ntumbero yo kwiteza imbere n’uguteza imbere abandi. « Maison du Fermier », ni ryo zina ry’ikigo ciwe.

Afise imyaka 35, akaba avuka ku mutumba Kibogoye muri komine n’intara ya Gitega. Yahejeje amashure yiwe ya kaminuza y’Uburundi mu mwaka wa 2013, mu gisata cigisha ivyo gukora amatara « électromécanique ». Yararondeye akazi kajanye n’ivyo yigiye arakabura, araheza yigira inama yo kurondera ikindi kintu yokora comwungura we n’abandi ndetse kigateza imbere n’igihugu. Nikwo guhitamwo gukorera mu burimyi n’ubworozi vya kijambere, inyuma yo kwiyambura umwiza utwikiriye abatari bake baheza za kaminuza aho bibwira ko uburimyi n’ubworozi ari ibikorwa vy’abatize.

Dusabe yatanguye uwo mugambi mu mwaka wa 2016 ariko ikigo ciwe yise « Maison du fermier integrée » mu gifaransa, gitangura gukora kizwi n’amategeko mu mpera za 2018. Agira ati : « Natanguye uwu mugambi ndi jenyene ariko ikigo BBIN kimaze kubona ibikorwa ndiko ndakora kirabishima gica kinsaba ko nobafasha gukurikirana urundi rwaruka rukorana n’ico kigo. Ariko rero Bivanye n’uko ivyo nari narize bitampa ubumenyi bukwiye bwo kurangura ivy’uburimyi n’ubworozi ku buryo bwo hejuru, udufaranga naza ndakura mu turaka nakora naca nza ndatuziganya mu nyuma rero nja gusuma ubumenyi mu bihugu bitandukanye nka za Senegal, Nigeriya,  Zambiya n’ahandi ».

Bimwe mu bigize inyigisho atanga

Dusabe amenyesha ko ku bijanye n’ubworozi bw’inkoko, abigisha ibijanye n’ingene bikorera ivyuma bibundikira amagi hanyuma bamaze gusohoka bakaronswa inkoko nziza zizobafasha kugwiza izindi, ivyo kuza baraja ku masoko kurondera iyindi miswi izimvye bikaba birangiye. Inkoko ita amagi ya kijambere ayigurisha amafaranga 22.000Fbu nayo isake 25.000Fbu. Izo ziba zimaze amezi 5 zondagurwa. Dusabe akaba amenyesha ko abahanura ko batangurira ku zikuze kugira zibahe amagi baca bashira mu mashini baba bikoreye bonyene. « Turabigisha kandi kwikorera ivyokurya vy’inkoko no kuvyirimira». Avuga ko ku nyigisho zijanye n’ubworozi bw’amafi n’ibindi bitungwa na ho nyene bigishwa ingene bavyubakira, kwikorera ivyo birya n’ingene bobigwiza.

Imforo y’ibikorwa nyezina, uno munsi

Nk’uko Dusabe abimenyesha, uno munsi ibikorwa vy’ishirahamwe ryigenga  « Maison du fermier integrée »  ryaragomwe n’ikigega FIDA, rihabwa akazi ko gutunganya ibikorwa vy’ubworozi bw’amafi ku mitumba, mu ntara 4 ari zo Rutana, Kayanza, Ngozi na Gitega. Agira ati : « Ndishimira aho igikorwa kigeze kuko gushika ubu ndamaze guha akazi ntakuka abantu 5 (ab’igitsina gore 3 hamwe n’abagabo 2).  Maze gutanga ubuzi bugera ku 357 bwa barya baza gukora hama bakagenda kandi muri abo, ibice 60% ni abakenyezi. Bivanye n’uko nipfuza ko bwaba uburimyi canke ubworozi bwanje buba ubw’akarorero kandi bugakwira igihugu cose ku buryo bushinga imizi hose bukaja no kw’isoko, maze kwigisha no gushinga imigwi 10 imfasha, umwe ukaba urimwo abantu 20.  Itanu muri yo ni iy’urwaruka rucanze (abigeme n’abasore ku rugero rumwe 50%) iyindi itanu igizwe n’abakenyezi gusa bashika 100. Bose hamwe abo turiko turakorana muri uwu mugambi abaza gukora baca bagenda batarimwo, bakaba ari 200 (ab’igitsina gore 150 n’ab’igitsina gabo 50) ». Inyigisho zikaba ziguma zihurumbirwa n’urwaruka rutari ruke.

Bamwe mu bamaze guhabwa inyigisho barashinga intahe

Jean Paul Ndayishimiye ni umwe mu rwaruka rumaze guhabwa inyigisho zijanye n’ubworozi bw’ingurube. Uwu musore ava muri komine Nyarusange, mu ntara ya Gitega, agira ati : « Jewe nahawe inyigisho mu mwaka wa 2018, nkizirangiza nca ndatangura kuzorora, n’uwu munsi nkiriko. Ubu ni zo ziriko zirandihira amashure ya kaminuza kandi si make kuko ku mwaka turiha amafaranga 600.000, nkaba ngeze mu mwaka wa 2, kandi uko ndabibona nzoyarangiza neza. Inyigisho twahawe zirakomeye cane kuko zaduhaye kumenya ubwoko bw’ibifungurwa tugaburira izo tworoye twisunze ubwoko bwazo, ni na ho zidoha cane ».  Uwu musore akaba ashinga intahe aho avuga ko gushika ubu benshi mu bo biganye ata mpungenge z’ubuzima bafise.

Mwomenya ko uno munsi ishirahamwe « Maison du Fermier » ririko rirubaka inyubakwa ishobora kwakira abaje kwiga 50 hamwe n’ibiro vy’abakozi baryo. Dusabe akamenyesha ko iyaba uburyo bwari bubimukundiye yociye ashiraho ibintu vyose bikenewe kugira ngo umuntu wese yoroherwe kuja kworora, nayo imashini zo gukora ivyokurya vy’ibitungwa zo ngo ziza zaraguzwe cokimwe n’iziberura imiswi. Ntiyibagiye kumenyesha kandi ko batanguye kugwiza imivyaro y’amafi yo mu bwoko bw’isomvyi, kugira ngo abayikeneye bose bashobore kuyironka vyoroshe.

Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi « Tuyage » ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu    

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top