Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Utuzu twa surwumwe, akayobera bahinga mu gisagara

Mu gisagara ca Bujumbura haribonekeza ubukene bw’utuzu twa surwumwe mu bibanza bihuriramwo abantu benshi. N’utuhari si benshi bafise amahirwe yo kutujamwo kuko barihisha amahera...

Akazu ka surwumwe kamwe kari gakwiye gusangirwa n’abantu cumi gusa kandi hakaba igice cagenewe abagabo ikindi abagore, nkuko umwe mu bahinga mu vy’isuku abivuga. Ariko ushitse mu bibanza vyinshi mu gisagara ca Bujumbura, si uko biri. N’iyo bishitse n’utwo tuzu twasurwumwe tukaba duhari kudukoresha ni ukwisopa mu mifuko: 100 canke 200 Fbu iyo bakwibonyemwo, gutyo ukabona kwiherera.

Akarorero ni ako muri Galerie Kilimandjaro twagendeye. Muvy’ukuri iki kibanza kirimwo uruja n’uruza rw’abantu isinzi. Ariko utuzu tw’ubwiherero duhari ntiturenga 4 (2 ku bakobwa na 2 ku bahungu) kandi na two nyene turihishwa 100fbu. Aho rero kuriha ntibirinda kuba uhakorera canke uvuye hanze.

Abakorera muri ivyo bibanza babikika gute?

Vestine ni umwe mu badandariza muri Galerie Kilimandjaro. Ati: « Reka reka hari ivyo twahevye kubera ibura ry’utuzu tw’ubwihero, n’uduhari dutorezwa amahera. Kera jewe nahora ntonda nyoye amazi nkuko tubihanurwa n’abaganga ariko ubu narahevye kuko nabonye nohahombera. Nogira kuriha ayo ku mwanda muto nkashirako ayo ku mwanda mukuru, nkaba ndanajayo akarenga kabiri noba ndiko nkorera kuriha surwumwe? Eka mama ndigumya umusonga nkawurindirako gushika ntahe».

Erega uwo Vestine ashobora kwihangana gushika atashe ngo ari mu bo bigendeka. Faustin we ngo ntarabugayigwa! Uyu ni umuhungu w’imyaka 17 adandaza utumwanya ahasanzwe hakorera amashirahamwe yunguruza abantu nka za Volcano, Memento kuri Cotebu. Agira ati: « Jewe ndi umuhungu. Iyo umusonga umfashe ndihengeka ahantu nkawushora, ayo majana abiri nari gutanga nkayatoza igitumbura congera kumfata mu nda ». N’aho nyene kuri Cotebu harangwa utuzu twa surwumwe tune gusa! Rero, uravye igitigiri kinini c’abantu bahagendera ukongerako abasanzwe bahakorera, uca utahura igituma hamwe na hamwe umunuko uhamagarira kure.

Ingaruka…

Muganga Irumvira ati: «Kutikura umusonga ni bimwe mu bitera ingwara ya infection urinaire, ukutihangana, eka mbere n’ingwara y’amafyigo iraziramwo». Yongerako ati: « Iyo kwihagarika bigiriwe ahantu bitagenewe canke aho utuzu twa surwumwe tutagirirwa isuku bikwiye, birongereza ingwara ziva kw’isuku rike nko gucibwamwo, Cholera, Hepatite A, Typhoïde n’izindi nyinshi».

Abakorera co kimwe n’abagendera muri ivyo bibanza barasaba ko abajejwe inyubako mu gisagara bokurikirana ko zikwije amategeko na cane cane ubwiherero butarihishwa, ubwo na bwo bukubakwa aho hose hateranira abantu nk’amasoko, ibituro vy’imiduga, amashure n’ibindi.

Mwomwenya ko mu cirwa cakozwe n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi (OMS) na UNICEF mu 2017, abantu barenga imiriyaridi zibiri kw’isi ata tuzu twa surwumwe bafise. Muri abo imiriyoni amajana atandatu bikurira umusonga hanze, mu ma-caniveaux, mu nzuzi n’ahandi.

Inkuru yatororokanijwe na Kathia Iradukunda, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top