Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

« Imiraguzi y’ibishushe ntimenya ko n’ibihoze biryoshe…»

Hari imigwi y’abahungu iyo baguye kudufaranga ubwo nyene bahurira mu buvyiniro no mu tubare dukomakomeye kunywa no kurya izo noti baba baronse. Aho rero inkumi basohokana ntizivugwa. Ukazosanga inyuma y’imyaka nka 10, muri ayo mahera baronka nta mugambi n’umwe wo kwiyungunganya bayakozemwo kandi harimwo ay’umutahe. Impera ya vyose ikaba ukwicuza… Njebas ahanura urwaruka

Njebas ati: « Hari abahungu nzi bafise akazi. Si bo babona ukwezi kuraheze. Bafise akagwi ko kurya amafaranga gusa. Bakira kwumva ko yashitse ku makonte batanguranwa no kuja kuyakurako. Erega nta mahoro baronka ayo mahera adaheze. » Uriyumvisha iyo ngeso koko?

Iyumvire nk’umuntu ashobora kuba aronka umuriyoni urenga ku kwezi ariko ugasanga inyuma y’indwi 2 gusa, ariko aracoresha. Birababaje. Inda ni seha uzana ni ko bamwe bavuga. Ariko kandi hari n’abandi bavuga ko, inda uyibwira ico wayirarije utayibwira ico wayihaye.

Njebas abandanya avuga ko ikimubabaza, ari ukubona abo bahungu, ku kazi iwabo, iyo batevye kubahemba usanga umenga basigaye bameze nk’abataye umutwe. Nta n’umwe atamenya ko batarabakora mu ntoke. Kuko baba basigaye batunzwe n’amadeni.  Kandi ayo baba bamaze guhembwa kumbure iyo baba barayashize mu tundi tuntu tubinjiriza amahera na make, ata muntu wo hanze aba ashobora kubacishamwo ijisho.

Avunira akagahohe urwaruka ruronka uduhera ati: « Bana ba mama, twikebuke. Twige gutegekaniriza kazoza. Tureke kwishira mu bugwi bwa ba nzi kurya, ahubwo dutangure kuziganya. Ivyo ni vyo bizodufasha mu buzima bugoye. »

Iyo menya…

Benshi bakunze kuvuga ko ijambo «iyo menya» riza inyuma y’ubujuju. Mbere hari n’abarenza urugero bakavuga ko akajambo «iyo» ari intumbuzi y’ubujuju (naho iyo ntumbuzi itabaho). Inyuma y’imyaka irenga 10 akora akazi kamuhemba neza ku kwezi, umusore umwe w’imvukira yo mu gisagara ca Bujumbura yagiye kwisanga atagira n’ikinga, akazi kamaze guhera. Aricuza cane. Agira ati: « Iyo menya amafaranga naronka nkayakoresha imigambi simba ndiko ndata wakuba. N’amahera nakura muri “mission” gusa, ndazi yari kunyubakira urupangu iyo ndayakoresha neza nkapfuma ngira n’akabutike basi. Ubu mfise imyaka 39 sindaniyumvira no gushinga umuryango kuko nta buryo mfise. Bwahereye mu birori…» Aricuza!

Erega uwo muhungu amaze kubona ko vyanse ko aronka ayandi mahera, yahavuye amera nk’uwuta umutwe. Kubaho ataronka icupa, ubu biriko biramuhindira mu bakecuru bafise inoti. Ntatoranya ajana n’uwumwakuye kandi ngo ntarinda kumenya uko amagara y’uwumushaka yifashe. Ni ugukuranamwo kuko akeneye amafaranga gusa. Ntanaciyumvira ko ashobora kuhandurira ingwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka. Iyumvire ubwo buzima ku muntu yahoze aronka amafaranga!

Akarorero k’uyo musore avuga ko ubuzima bwiwe agifise akazi kwari ukuryoherwa, guhura n’abagenzi bavyumva kumwe, bakaja mu kabare gukesha, bagakurakuranya inkumi ngo ni ukurya ubuzima nta bundi buhinga, akaza kwicuza akazi gaheze, ni icigwa gikomeye ku rwaruka. Amafaranga aba meza iyo akoreshejwe neza, mu buryo buzana ayandi.

Kwirinda akosho k’urunganwe ugashira imbere imigambi muri duke uronka, ni yo nzira yo gushika ku ndoto zizokurinda kwicuza. Si vyiza ko uronka amahera ngo utangure guharura ama «Amstel», inyama canke inkumi zirimwo. Oya. Iyumvire umugambi uyashiramwo kuko bizogufasha. Wirinde kuzicuza ugira ngo imiraguzi y’ibishushe ntimenya ko n’ibihoze biryoha.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top