Jimbere

ikirundi French English
NGIZE NTI

« Mbega umwana aca hehe ? kuki ibihimba vyanje bitameze co kimwe n’ivya mukuru wanje ? » : ibibazo bihanga abavyeyi

Ngo «Indero iva hasi», kandi «umuntu amenya ico yabariwe». Abavyeyi barakunze guhura n’ibibazo bibagora kwishura, aho abana bakiri bato bakenera kumenya vyinshi, kuvyo bibonako canke babona ku bandi. Mbega bobiyagirwa ryari? Abavyeyi bovyifatamwo gute? Umuco.

Burya rero utwana tukiri duto turakunda kubazagiza. Ese ho ngo karabonye ikintu gitandukanye ni vyo kazi, karakubaza ikibazo nawe uri umuvyeyi ukifata ku munwa. nk’akarorero, Maragarita Nduwimana afise abana 3 b’abigeme. Agahererezi kiwe kakaba gaherutse gukwiza imyaka 4.

Ariko rero, nk’uko Maragarita avyivugira, ngo aka kana kiwe kanyuma karakunze kumubazagiza. Ryari ngo yagize gutya yumva kamubajije ngo: « Mbe mama, akayoya mu kuvuka gaca he? » Erega ngo Maragarita yarariye ivyatsi arabura ico yishura. Agira ati: « Ndamaramara nkabura iyo ndagikwirwa. Kenshi nditeza utunyoni, nkamubwira ko akana kava ku bitaro, canke Imana ikarungikana abamarayika. Sinzi ko kavyemera. Ariko nca ngerageza guhindura ikiganiro kugira ngo kabivemwo».

Burya ngo si uwo muhererezi gusa akunze gutuma Maragarita abura ico yishura ku bibazo vy’abana. Ngo n’umwana wiwe wa kabiri ariwe buheta yagiye yumva yinamura agira ati: « Ni kuki ntameze nka mukuru wanje ko mbona asonze amabere? Kandi iyo ndamuravye turiko turakura impuzu turyama mbona tutameze kumwe ku mubiri, biva kuki? Kandundura rero, ubuheruka yabonye mukuru wiwe ubu afise imyaka 13 ariko aritegura mu gihe c’ubutinyanka, ibibazo yambajije sinavyituye. Ariko ku bwanje mbona akiri muto ntashobora kumuyagira ivy’ubutinyanka, canke ibijanye n’ihindagurika ry’umubiri. »

Abavyeyi ntibabona kumwe ibijanye no kuyagisha abana babo

Kuri ico c’ukuyagisha abana bakiri bato, Signoline Kazaneza umuvyeyi w’abana 2, we ntabibona kumwe na Maragarita. We agira ati. «Jewe agakobwa kanje, gaciye ubwenge, ivyo kambaza vyose ndakishura, ukuri kwamye. Ndakabwira ko umwana aca mu gihimba c’irondoka, kandi ko abavyeyi baba bagize imibonano mpuzabitsina. Kariko karigira imbere, turajana no mu bwogero, kakabona ko ibihimba vyacu bitameze co kimwe, nkafata umwanya wo kugasigurira vyose. N’agahungu ni ko kw’ukwo, se wako arakayagira vyose kakiri gato. Gutyo, abo bana bacu twifuza ko ata kintu na kimwe bomenyera inyuma y’urugo, vyose bagaca ubwenge bazi ivyo ari vyo. »

Odrey Keza, umwigeme w’imyaka 17, we amenyesha ko akiri umwana muto, abavyeyi biwe batigera bamwishura ku tubazo tumwe tumwe. «Igihe cose mama yibarutse, ndibuka ko namubaza aho uruyoya rwaciye, agahakwa kunkubita. Nahavuye nza ndabibaza abagenzi ba mukuru wanje, burya nibo banyibiye akabanga. Mbere nagiye kuja mu butinyanka baranyigishije vyinshi. Umuvyeyi naramumenyesheje gusa ko nagiyeyo, asa n’uwutangaye, mbere aranamaramara. Ku myaka 12 narimfise, we yabona ko nkiri uruyoya, hatari bwagere. Ni ho yatanguriye kunyagisha, mugabo nahone vyaramugora»

Ivyo bakwiye kumenya bakiri bato

Alain Hatungimana, arongoye ishirahamwe «Psychologue Sans Vacances», akaba yanonosoye ivy’inyifato, amenyesha ko, ku bibazo bimwe bimwe vy’abana, ari ukugenda bukebuke. «Umwana mutoya burya aragira utubazo twinshi, na cane cane duciye mu kuraba. Rero, agifise nk’imyaka 3 gusa, ni amakosa kumubwira ibijanye n’ukuri kumwe kumwe, nko kumubwira ukwo bigenda ngo umwana aboneke. Ntihaba haragera ko abimenya. Igikenewe, uko agenda arakura, yomenya ibingana n’imyaka yiwe. » Hatungimana rero akavuga ko, nk’umuvyeyi yogana n’umwana ataraca ubwenge, ari amakosa manini. «Bishobora gutera ihahamuka ku mwana. Iyo yiravye ku gihimba ciwe, akongera akabona ic’umuvyeyi, ashobora guca yiyumvira n’ibimurengeye, akifuza kugira igihimba nk’icumuvyeyi wiwe kandi hataragera. Vyukuri uwo mwana akura mu mutwe bitameze neza. »

Na yo ku bavyeyi batamenya ikiringo co kuyagira abana b’abigeme iyo batanguye gukura, Hatungimana agira ati: «Nivyo abavyeyi batwarwa na twisnhi muri iki gihe ca none. Ariko, abana ni abo gukurikiranira hafi, ku mwanya ku mwanya. Uhumiriza gato ukikangura yabaye inkumi. Bisabwa rero ko abavyeyi bobama hafi. Nk’umwana w’umukobwa amaze gushikana imyaka 10, haba hageze aho nyina amuguma hafi, akamenya utuntu twiwe twose, akamubera umugenzi wa mbere. Gutyo, umwana aza kugera mu bigero azi ivyo agiyemwo, akaba afise n’umuntu w’umubanga yitura, iyo agize akamubakiye. Uwo na we aba nyina amuvyara. »

Alain Joseph Hatungimana, agahanura rero abavyeyi gukomeza ikiyago n’abana, ku rugero rwose umwana aba agezeko, akamenya uko amuganiriza, amuhanura.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top