Ni iki gituma abantu badashaka kuvuga ukuri, bagahitamwo kwinumira kubijanye na kahise kabi igihugu caciyemwo? Evariste Ngayimpenda, umwigisha muri kaminuza yanonosoye ivya kahise, aratanga umuco…

Mbega vyoba biva kuki ?
Birava kuri vyinshi. Birava kundero baronse, birava no kumico y’igihugu. Birava kandi no kuvyo baza barumva: hari aho uvuga ukuri ukakuzira. Kandi noneho kenshi iyo hagiye haraba ibintu bibi mugihugu, mfatiye kuvyagiye biraba ngaha iwacu, vyama bijana n’ubwicanyi. Rero iyo hagiyemwo ubwicanyi, ubwambere bwo mu mico y’ikirundi kirazira kuvuga mwizina umuntu wabuze. Nico bita mu kirundi « kudeha ». Ubu kumbure abakiri bato ntavyo bazi kuko kera mu muryango carazira kuvuga izina ry’umuntu mwabuze. Iyo mubuze umuntu yitwa Gatarina canke Rudoviko, iryo zina ntimwasubira kurivuga, waca uba nkumuziro.
Ica kabiri nuko umuntu ashobora kutaja aragaruka mbere nukunyegeza ivyo yabonye bitari vyiza mumuryango kugirango abane neza nabo bari kumwe. Nico bita mu kirundi kwirinda « kuzura akaboze », kanatsinda bavuga ngo « intibagira ntibana ».Rero urashobora kuvuga uti aba bana ndiko ndavyara ntibandukirwe, ntibahave babaho nkuko ba se na bakuru babo babayeho ; ati reka bino bintu tureke kuza turabivuga kuko bohava bakurana agatima kukwihora. Ibi ndiko ndabivuga mfatiye kubihe bibi Uburundi bwagiye buracamwo. Mugabo harya no mu miryango kera vyarashika bakicanira umuntu canke abantu. Iyo rero umuryango udashaka gusambuka haragera igihe bakumvikana, bakabirengera, bagasubira bakanywana bagaca rero bagerageza kubinyegeza abana babo kugira abo bana ntibabe imbohe y’ivyo abavyeyi babo baciyemwo.
Icagatatu birashobora kuva kubihe. Ukaraba uti urya muntu naho yanyiciye haba ivyo mumuryango, haba muri ibi vya politike y’igitugu ca Reta, uravuga uti urya muntu aracakomeye, ubutegetsi bwari bumushigikiye niho bukiri. Rero ntakamaro kwuko noja ndamwereka ko nzi ivyo yankoreye ; nico gituma ntoza ndabivuga. Nico mu kirundi bita « kwicira inzira » kandi bavuga ngo « ukuboko utari buce urakuramutsa ukarengana ». Kuko uba wabonye ko naho nobandanya kugira akanyarigabo n’ubu nyene yohava ankurikiza data canke datawacu canke mukurwanje. Kuri ivyo, reka nitonde mere nkuwutabizi canke navyibagiye kanatsinda mu kirundi bavuga ngo « uwitonze amira ibinoze ».
Muri ico gihe inkurikizi ziba izihe na canecane mubihugu biba vyaraciye muri kahise katameze neza?
Inkurikizi zitegerezwa kuba nyishi kandi zidatumbereye. Iyambere nuko iyo uhoze birashobora gutuma abana wavyaye ivyo uriko urabanyegeza baja kubirondera ahandi. Iyo bagiye kubirondera ahandi rero ntumenya ivyo bakuyeyo. Aho handi ni mu miryango, mukibano, kwishure, naho bagendera. Aho rero hari naho babaha amakuru yo canke atariyo kandi wewe ntavyo uzogenda umenye kandi nabo bana nyene bagiye kuyarondera ntibamenya kobaronse inkuru zo nuko bahenzwe. Noneho n’umuntu arashobora kubabesha batabishaka kubera ko mubihe vy’intambara kenshi umuntu amenya ivyo yabwiwe canke akamenya ivyo yabonye iruhande yiwe; canke ukabibona mugabo ntuvyumve kuko turashobora kubona ikintu kimwe mugabo mukugisoma, mukucumva, mukugisigura tugatandukana. Umuntu rero asigura ikintu uko yacumvise. Iyo rero abana bagiye kurondera insiguro hanze hari aho baca bakugirira ishavu ko wabanyegeje ibintu bagaca bakurana inzigo. Mbere hari naho iyo nzigo bayihindukiriza ubwambere kuri wewe kubera ko wabanyegeje ibintu. Bagashaka mbere n’ukugomba kwibaza kumengo woba wari kumwe (nabo bagizi banabi). Na canecane nko ngaha mu Burundi twasinzikajwe nindyane z’amacakubiri, iyo abana bafise abavyeyi bubwoko butandukanye birashobora gushika ko umengo ari nyina canke ari se yahengamiye k’ubwoko yarasanzwemwo. Hanyuma ugaca usanga abo bana babifashe nabi.

Ariko birashika kandi ko abavyeyi banyegeza abana ivyabaye mugabo bakabarera runtu, bakabigisha kubana n’abantu neza, bakabereka ko abantu batama ari beza ariko ko bitava kubwoko, ko bitava kuri iki canke kiriya, k’uburyo abo bana bashobora gukura umuntu bamufata ukwari, kuko yifashe atakantu kari inyuma, bakamwigigwayo ari uko bamubonyeko ikibi. Ariko mugihe batamubonyeko ikibi bakamubona nk’umuntu. Abo rero ni babana usanga bakuze neza, usanga mubo bagenderanira, mubo bayaga, mubo baramukanya atagucagura kurimwo kandi aribo bironderera abagenzi bifatiye kuko bababona mukibano, mukazi canke ingene bakuranye mumashure.
Muri ico kibano kenshi kigizwe n’imigwi itandukanye kandi benshi badasha kuvuga ukuri kuvyabaye, ico kibano cokwitwara gute ? cokwifata gute ?
Ikibano canke société iraregwa, barayishiramwo imico. Umuco wambere nibaza mwiza, ukomeye nuko abashobora kuvugira ahabona nkuko tuvugira kumaradiyo canke abigisha, canke abamenyeshamana canke abanyepolitike canke abashakashatsi ; nuko bose bomenyera kuvuga ukuri, n’ukumenyera kuvuga ibintu udashiramwo ibishobisho, hanyuma no muri kwo kuri nyene ukakuvuga munzira yukwegeranya abantu gusumba munzira yuguteranya. Ari ibintu bibi ukabanza kubivuga uko vyabaye kandi ukabinegura ; ukibutsa abantu yuko atari ibintu biteye iteka, ari ibintu bisubiza inyuma abantu, bisubiza inyuma igihugu arico gituma ari ibintu vyukwirinda. Kurya mumuryango hari aho bishika ikibano kikagora umugore n’umugabo canke abavyeyi n’abana, no mugihugu birashika ugasanga mubutandukane bwabo abanyagihugu birashitse bakabana nabi canke bagashamirana. Ivyo nukubanza ukavyemanga ko vyabaye kuko akahise ntushobora kugahindura mugabo kandi bikajana nuko muri ivyo bihe nyene igihugu cagiye kiracamwo hariho abantu bavyifashemwo neza, bavyifashemwo rugabo. Abo bantu bakigishwa, igihugu kikabamenya cane cane urwaruka rukabamenya. Ariko abo bantu ntibaze barahindagurika ngo nuko intwaro zihindutse. Aha niho nca nshika kuruhara rukomeye cane rwico nokwita « inzego ». Inzego murabizi ni nyishi : hariho inzego z’igihugu, hariho izindi nzego nkamashure, nkamadini, nkamashirahamwe adaharanira ivyapolitike, abanyepolitike, abamenyeshamakuru. Izo n’inzego muvyukuri zategerezwa guhagararira ukuri, zitategerezwa guhengama ; ninzego zategerezwa gufasha mukugorora abantu.
Ni igiki cokorwa kugira abo bantu boba bafise ukuri, naho kwoba kubabaje, hagere aho biyugurura, ukwo kuri bagushikirize ?
Si ibintu bigoye cane. Ubwa mbere bwo nuko muri ico gihugu haba hariho koko icuka c’ukurondera ukuri : atari ukuri kw’abanyepolitike, atari ukuri kw’umugambwe kanaka. Ukuri ni ukuri. Ivyo navyo bijana nuguha ijambo abantu bafise aho bageze, bafise ivyo babonye, kumbure bamaze nukurengera imyaka yuguteranya ariko bagifise ubwenge bukwiye. Kuko birashika ugasanga ngaha bamwe bamwe baha ijambo abantu umengo baramaze kurwara mu mutwe kandi bazi neza yuko abo bantu ubwenge bwabo butakiri kugihe. Babaha ijambo kuberako ivyo bavuga kumbure biza kumufasha mukinyoma yagomba gukuza. Biramaze gushika ngaha naho ntobigarukako ido nido.
Ica kabiri muri iyo nzira nyene nuguha ijambo abashakashatsi. Mubisanzwe abashakashatsi ntibategerezwa kuvuga bimwe kandi ntibategerezwa kumva bimwe mugabo igihambaye nuko umushakashatsi wese ategerezwa kwerekana ivyo ariko aravuga, ivyo ariko arashikiriza ingene yabishitseko. Kuko ubuhinga buriho munyuma biraboneka yuko uri umushakashatsi ariko uri umubeshi, yuko uri umushakashatsi wimvugakuri ariko yuko hariho ivyo utashoboye kuronka kubera watumbereye inzira bitarimwo canke abo wagiye kubibaza baguhenze, mugabo kumutima wawe ata mugambi wo kubesha warufise. Hanyuma ivyo bica bijana nuko mugihugu haba hariho ukwo gushaka kwo gushika kukuri, hakaba amategeko meza hanyuma abambika ibara abandi bakabakebura canke bakabahana mugihe bariko bararemeka abandi inteba ishushe kandi atakintu na kimwe baba bafatiyeko.




