Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Uku niko bitegekanijwe ko ikiziga c’uwahitanwe na coronavirus gishingurwa

Abarundi batari bake baribaza nimba ikiziga c’uwishwe n’ikiza kibangamiye isi yose gihambwa cokimwe n’ibindi ? Ubona ko nubwo umuntu aba yapfuye, umugera wari muri we wo uguma ukanura. Nguku uko ifubwa rigenda.

Umuntu amaze gucikana, abakozi bo kwa muganga bikingiye neza baraheza bakajana inderuzo ishasheko ishuka ikoreshwa rimwe risa. Kino kiziga baraheza bakagishira mw’isaho y’abapfuye itarekura amazi canke ngo iyasohore, bakagipfuka maze bakagipompa umuti kigaheza kikengenganwa mu nzu y’uburuhukiro. Ahantu hose ico kiziga kiba cakoze hategerezwa kwozwa neza cokimwe n’ibikoresho. Ivyo tubisanga mu ngingo ngenderwako zasohowe n’umugwi washizweho ngo ukurikirane ibijanye n’ikiza coronavirus n’Ubushikiranganji bw’Amagara y’Abantu mu kwezi kwa 4.

Umuganga wenyene ni we afise uburenganzira bwo kwemeza ko umugwayi kanaka ahitanwe na coronavirus, ari kumwe n’umuntu afasha mu kwerekera abaza gufasha mu gikorwa co gushingura uwapfuye ivyo bategerezwa kwisunga, intambwe ku yindi kugira ngo badahava bandukirwa na bo ubwabo.

Ugutegura ikiziga

Izo ngingo ngenderwako zemeza ko mu bisanzwe umubiri w’umuhisi utegurwa kurya kw’iyindi yose. Ariko rero, bisabwa ko abakora mu buruhukiro cokimwe n’abamushingura bamenyeshwa hakiri kare ko uno muntu yahitanwe n’ico kiza. Abantu 2 bo mu muryango wabuze ni bo bonyene bemerewe gushika ahariko harategurirwa uwabo yatashe bagasiga imetero 2 zibatandukanya n’ikiziga kandi na bo nyene babwirizwa kuba bambaye imyambaro ibakingira : amarori, ibikoresho bipfuka umunwa n’amazuru, ibirato vy’intoke, impuzu zibapfuka hose kandi zitamenwa n’amazi co kimwe n’abamwoza.

Mu gihe bategura ikiziga, bisabwa ko babanza kuzibira ahantu hari intoboro haba mu mazuru, mu kanwa canke epfo bakoresheje ipampa kugira ngo ntihagire ibiva muri we biseseka bikanduza abandi. Asanzwe yarakomeretse, bisabwa ko babanza bakahaboha n’ipasuma. Gusukura iminwe neza umwanya ku mwanya ntibikwiye guhara. Kumaza iminsi ikiziga ku muhana birabujijwe.

Umugera wa coronavirus urashobora kumara iminsi irenga 9 ukimase ku bintu canke ahantu. Ni yo mpamvu bisabwa ko ikibanza casandabiyemwo uwugwaye gitegerezwa kuguma gipompwa umuti bikwiye. Ahantu hose hikekwa ko hoba harasizwe umugera wa covid19 bisabwa ko hapompwa canke hozwa neza n’imiti yica imigera.

Ibikorwa vyo kwegeranya no gutunganya ikiziga birangiye, ba bakozi baronkejwe inyigisho baraheza bakacambika impuzu zajobetswe mu muti wica imigera imbere y’uko kivanwa aho kiri.

Gusezera irya nyuma

Ikiringo co gusezera uwitavye Umuremyi gishitse, umuryango uremerewe kwinjira aho ari gushitsa imigirwa ikorwa ku kiziga nk’uko biri mu migenzo y’abarundi. Icitonderwa, aba bantu bategerezwa na bo nyene kuba bikingiye bikwiye bagahagarara ku metero 2 n’imiburiburi zibatandukanya n’aho ikiziga kiryamitse kandi bagahana umwanya hagati yabo.Birashoboka kon’abagenzi basigwa baza gusezera nyakwigendera ariko bakibuka gusiga intambwe y’imetero imwe nabone.

Urugendo rw’ikiziga

Ikiziga kivanwa aho umuntu yasandabiye, kikajanwa mu buruhukiro, aho bagitunganiriza hanyuma aho gishingurwa. Dusoma murizo ngingo kandi ko umuduga wose watwawemwo ico kiziga ubwirizwa guhanagurishwa umuti neza, ukanapompwa. Ivoyo bikorwa vyose birangurwa hari umwe mu baganga yabinonosoye abihagarariye mu ntumbero yo kwihweza ko ingingo zo kwikingira ziriko zirubahirizwa koko.

Gishingurwa mu kibanza umuryango wa nyakwigendera wihitiyemwo ariko gikwije ibisabwa ku buryo bitabangamira abasigaye. Uruhafu rw’imetero 2 canke 2,5 ni rwo gitabwamwo. N’imiburiburi kuva aho imihana iri gushik aho ico kiziga gihambwe hategerezwa kuba hatandukanywa n’imetero 35 ariko kandi ntikibe cegereye ahantu hari ibidengeri vy’amazi, umwonga.

Mu kurangiza vyose rero, bitegekwa ko kino kinogo afubwemwo gisigwa neza n’isima ku mpome zaco ndetse no ku nkikuro yaco yose bagakazira neza. Ikitokwirengagizwa, kuri iyo mva ni ukwandikako itariki uno muntu ahambiweko bakandika kandi ko bibujijwe gose kuzura ico kiziga imbere y’imyaka 7.

Ibikoresho vyahora ari ivy’umuhisi birashobora gukoreshwa n’abagenzi basigwa, ariko bisabwa ko bibanza kwozwa mu mazi y’ubushuhe bungana 600C mu minota 30 canke na ho bigapompwa hakoreshejwe umuti wica imigera. Atari uko, vyiza ivyo bikoresho ari impuzu canke ibindi vyoturirwa.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top